IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abantu batanu baguye mu mishamirano hagati y’ingabo za Congo n’iz’Uburundi

Abantu batanu baguye mu mishamirano hagati y’ingabo za Congo n’iz’Uburundi

vendredi 23 Kigarama 2016, par Egide NDUWIMANA

Abantu batanu baguye mu mishamirano hagati y’ingabo za Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo (FARDC), hamwe n’abantu bambaye impuzu z’igisirikare c’Uburundi, nk’uko vyemejwe n’abasirikare bo mu murwi wa 3305 muri FARDC.

Radio Okapi yatangaje ko yabonye amakuru ko mu bitavye Imana harimwo umusirikare umwe wa Congo n’umunyagihugu umwe nyene wo muri Congo, ahabereye iyo mishamirano.

Radio Okapi ibandanya ivuga ko ingabo z’Uburundi zari ku rugamba zihanganye n’abarwanyi ba FNL, muri ukwo gutana mu mitwe, abasirikare b’Abarundi binjira ku butaka bwa Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo, bajabukira ahitwa Vugizo muri Kiliba, ku birometero hafi icumi uvuye mu gace ka Uvira. Ingabo za Congo zikaba zahise zirasa abo basirikare b’Abarundi, haca haba ugushamirana hagati y’izo mpande zompi, arivyo vyatumye bamwe bahasiga ubuzima.

Amakuru dufise avuga ko abishwe bajanwe mu buruhukiro bw’ibitaro vya Uvira.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.