Abanyagihugu ba Rohero, Bwiza na Buyenzi bari mu bukene bw’amazi

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 8 Munyonyo 2017 saa 10:11
Yasomwe : 4221
0 0

Amazone atatu yo mu gisagara ca Bujumbura bari mu bukene bw’amazi kuva kuri uwu wa mbere. Mw’ishirahamwe REGIDESO bamenyesha ko ingorane yo kubura amazi ku banyagihugu baba muma Zone ya Rohero, Bwiza hamwe na Buyenzi igiye kurangira vuba, igikorwa co gusubiriza umuringoti utwara amazi muri ayo mazone nicahera, nk’uko vyemezwa n’uwujejwe kumenyesha amakuru mw’ishirahamwe REGIDESO.

Jean Paul Nshimirimana ajejwe kumenyesha amakuru mw’ishirahamwe REGIDESO amenyesha ko iryo bura ry’amazi muri ayo mazone ryatumwe n’umuringoti utwara amazi muri ivyo bice wononekaye, akavuga ko ibikorwa vyo gusubiriza uwo muringoti vyatanguye, kandi ko bigeze kure.

Jean Paul Nshimirimana ntatanga isango ry’aho ukwo kubura amazi kuzoherera, agasigura ko kubw’ibikorwa vy’ubufundi bikibandanya, atawovuga neza umunsi ico gikorwa co gusubiriza uwo muringoti kizoherera. Ariko yizeza abantu ko ari vuba.

Ikijanye n’uko boshobora kuza baramenyesha abanyagihugu baba muri ayo mazone umwanya mw’ishirajamwe REGIDESO boza baracishamwo mu gutanga amazi buri munsi, Jean Paul Nshimirimana avuga ko kubw’ibikorwa, bigoye kuvuga amasaha borindirirako amazi, ariko agasaba abanyagihugu baba muri ivyo bice ko babonye baronse amazi, boca bavoma ayo bashobora kuba barakoresha mu kurindira ko ivyo bikorwa birangira.


Kumenyekanisha

1
Hafsa 8-11-2017 à 10:23

Les pompes Regideso bari kuzokoresha yariwe kera,mu guhomvya Abanyagihugu n’igihugu CNDD-FDD ntifyina,caratuvunye

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha