IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abanyagihugu basabwa kwiyubara ku babemerera imfashanyo n’ibindi

Abanyagihugu basabwa kwiyubara ku babemerera imfashanyo n’ibindi

lundi 17 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Umuntu avuga ari uwo muri Gabon, akiyemerera ko yari yaje gutanga imfashanyo kw’isengero rya Eglise Vivante i Bujumbura yafashwe n’igiporisi c’Uburundi. Kugira iyo mfashanyo ishikirizwe ubuyobozi bw’iryo shengero, uwo muntu yavuze ko habanza gutangwa amafaranga y’amadorare y’abanyamerika angana n’igihumbi kimwe n’amajana indwi.

Uwo muntu yavuze ko yarungitswe n’ishirahamwe ry’i Buraya ryitwa Robinson Donald, rijejwe gufasha amashengero ya Eglise Vivante muri Afrika. Nk’uko bimenyeshwa n’igiporisi c’Uburundi, uwo yafashwe ashitse i Bujumbura yahagamaye kuri terefone ngendanwa umwe mu bayobozi bwa Egise Vivante i Bujumbura, amubwira ko iryo shengero ryatowe kugira rihabwe imfashanyo, ariko ko kugira ishike mu Burundi, hakenewe amafaranga agera ku gihumbi kimwe n’amajana indwi y’amadorare. Uwo yasabwe ayo mafaranga yaragize amakenga, ari nakwo guhamagara igiporisi caciye gita muri yompi uw munyagihugu avuga ko ari uwo muri Gabon, ariko amatohoza y’igiporisi akerekana ko ari uwo muri Congo.

Moise NKURUNZIZA, icegera c’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko uwo yafashwe yiyemerera ko afise abo bakorana bamurungitse, akaba yari afise ikarata ya magendu yerekana ko ari umukozi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

JPEG - 40.8 ko
Moise NKURUNZIZA, icegera c’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi

Mu giporisi c’Uburundi basaba abanyagihugu kwirinda ababahenda, hagize uwo bikeka nawe, batabaze abajejwe umutekano.

Uwo muntu afashwe mu gihe hari abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura bamaze iminsi basabwa amafaranga, babwiwe ko bazorungikwa mu gihugu ca Australie, hakaba n’abandi basabwe amafaranga babwiwe ko bashizwe mu vyabona bizoja i La Haye mu gihugu c’Ubuhorande kwagiriza Jean Pierre Bemba, aho bakemererwa ko bazoca baguma i Buraya, mbere bahabwe ubwenegihugu bw’Ubuhorande.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.