Accueil > Amakuru > u Burundi > Abanyagihugu basabwa kwiyubara ku babemerera imfashanyo n’ibindi
Abanyagihugu basabwa kwiyubara ku babemerera imfashanyo n’ibindi
lundi 17 Gitugutu 2016, par
Umuntu avuga ari uwo muri Gabon, akiyemerera ko yari yaje gutanga imfashanyo kw’isengero rya Eglise Vivante i Bujumbura yafashwe n’igiporisi c’Uburundi. Kugira iyo mfashanyo ishikirizwe ubuyobozi bw’iryo shengero, uwo muntu yavuze ko habanza gutangwa amafaranga y’amadorare y’abanyamerika angana n’igihumbi kimwe n’amajana indwi.
Uwo muntu yavuze ko yarungitswe n’ishirahamwe ry’i Buraya ryitwa Robinson Donald, rijejwe gufasha amashengero ya Eglise Vivante muri Afrika. Nk’uko bimenyeshwa n’igiporisi c’Uburundi, uwo yafashwe ashitse i Bujumbura yahagamaye kuri terefone ngendanwa umwe mu bayobozi bwa Egise Vivante i Bujumbura, amubwira ko iryo shengero ryatowe kugira rihabwe imfashanyo, ariko ko kugira ishike mu Burundi, hakenewe amafaranga agera ku gihumbi kimwe n’amajana indwi y’amadorare. Uwo yasabwe ayo mafaranga yaragize amakenga, ari nakwo guhamagara igiporisi caciye gita muri yompi uw munyagihugu avuga ko ari uwo muri Gabon, ariko amatohoza y’igiporisi akerekana ko ari uwo muri Congo.
Moise NKURUNZIZA, icegera c’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko uwo yafashwe yiyemerera ko afise abo bakorana bamurungitse, akaba yari afise ikarata ya magendu yerekana ko ari umukozi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.
- Moise NKURUNZIZA, icegera c’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi
Mu giporisi c’Uburundi basaba abanyagihugu kwirinda ababahenda, hagize uwo bikeka nawe, batabaze abajejwe umutekano.
Uwo muntu afashwe mu gihe hari abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura bamaze iminsi basabwa amafaranga, babwiwe ko bazorungikwa mu gihugu ca Australie, hakaba n’abandi basabwe amafaranga babwiwe ko bashizwe mu vyabona bizoja i La Haye mu gihugu c’Ubuhorande kwagiriza Jean Pierre Bemba, aho bakemererwa ko bazoca baguma i Buraya, mbere bahabwe ubwenegihugu bw’Ubuhorande.
IGIHE
Messages
17 Gitugutu 2016, 15:12, par ernest habonimana
nibamurek akore imana abarundi tugez kure
17 Gitugutu 2016, 15:33, par Kanyosha
Komera nyakwubahwa Moise Nkurunziza turinyumazanyu.
Ntibakorako.
17 Gitugutu 2016, 15:37, par njonas
Ego yagirayavuture!!
17 Gitugutu 2016, 18:57, par Kizito
Muramuraba Neza Mumubazi Icari Kimuzanye
17 Gitugutu 2016, 20:00, par ERIC
ZAMURAKOMESHA IYO MIMBIRI MUYIRUNDE MUGASHO NIHOBOHAHA
17 Gitugutu 2016, 20:23, par Mwaka
Iyo baba bahera kuri mwebwe mutwara igihugu mwagize amanyanga, corruption ubuhizi bakareka kuja mu banyagihugu. Mwaragize Uburundi igihugu c’ubusimbirahamwe, igihugu c’abasuma... inkwirikizi ni izo.
17 Gitugutu 2016, 22:18, par AHIMBONEYE EGIDE
BARARABA NEZA NTACRUMUSUMA.
17 Gitugutu 2016, 22:19, par AHIMBONEYE EGIDE
BARARABA NEZA NTABARUMUSUMA.
18 Gitugutu 2016, 11:25, par tari
Iyarutuntu nkutwo tudafashe murihutira gusimbira ku maradiyo gutangaza mugabo iyarabantu mwaciye imitwe ntimubingeza gutyo niyo babahamagaye kumaterefone yanyu Ngo babibabaze basanza mwazivuniyemwo ibiti ahasigaye Ngo muri abavugizi jewe ndabise ba ntukamazina
18 Gitugutu 2016, 12:12, par claude nkurunziza
abo nabangushi
18 Gitugutu 2016, 20:18, par leonard
Abantu beshi bama bibwe murubwoburyo
19 Gitugutu 2016, 09:18, par nsaguye andré
turashimiy uwomurongoziwiryoshengero kunyifatoyagizeyokugaragaz uwomuntu. kandivyarivyizan abandibahabone akarorero.har abantubenshibibazako abarundibasinziriye. ubu abarundibarimaso.
21 Gitugutu 2016, 16:31, par Jéa Pier
Uwo Muntu Tugerageje Kura Ba Uko Yafashwe Twasanze Ari Umusuma Twasaba Ko Ubutegetsi Bwo Mukorako Itohoza Hanyuma Bukamuhana Bwivuye Inyuma.
22 Gitugutu 2016, 18:26, par Hakizimana Sévérin
Abobntu Bakwiye Gushengezwa Bagahanwa Guk Ab Ni Basesa Nkuyoz.
22 Gitugutu 2016, 18:27, par Hakizimana Sévérin
Abobntu Bakwiye Gushengezwa Bagahanwa Guk Ab Ni Basesa Nkuyoz.
23 Gitugutu 2016, 11:38, par Gateka
abarundi nikuba maso
kuk ubusuma n’ibwishi
ndashimiy iyo ndongozi
y,ishengero kuk
yakoreshejw n Imana
abona bata umunwa nibakomeze