Abanyamahanga bakorera mu Burundi batswe uburenganzira bwo gutunganya inganda hagati mu gihugu

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 15 décembre 2017 saa 09:39
Yasomwe : 10404
0 0

Umushikiranganji w’intwaro hagati mu gihugu, amenyesha ko ata munyamahanga akorera imirimo mu Burundi arekuriwe gutunganya uruganda, adahawe uburenganzira budasanzwe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, ariko ashobora kubikurikirana mu gihe avyipfuje.

Mw’ikete umushikirangani w’intwaro yo hagati mu gihugu Pascal BARANDAGIYE yandikiye ba buramatari bose n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura, amenyesha ko amashirahamwe atandukanye atunganya ingendo hagati mu gihugu, mu ntumbero yo kuremesha inganda z’inyigisho ku bajejwe intwaro.

Mur’iryo kete,umushikiranganji Pascal BARANDAGIYE amenyesha ko mu nganda zitunganywa ivyigishwa bitegerezwa kuba bihuye na poritike y’igihugu, hamwe n’intumbero ya Reta.

Umushikiranganji Pascal BARANDAGIYE asaba abajejwe intwaro gukurikiranira hafi ko inganda zose ziteguwe mu rurimi rw’ikirundi, kandi n’abatanga inyigisho bakaba ari abarundi.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yibutsa ko ata shirahamwe ryo hanze ritegamiye Reta rifise uburenganzira bwo kugira ingendo mu gihugu, canke gutunganya igikorwa mu ntara, ubushikiranganji buraba igisata iryo shirahamwe rikoreramwo butarihaye uburenganira.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha