IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abanyeshure bo muri Kaminuza za EAC bakoraniye i Bujumbura

Abanyeshure bo muri Kaminuza za EAC bakoraniye i Bujumbura

jeudi 31 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Levis Dotto NIYONKURU arongoye CHAWAKAMA mu karere ka Afirika y’Ubuseruko amenyesha ko ikoraniro bateguye i Bujumbura rizotuma urwaruka rwo mu Burundi rushobora gutsimbataza imigenderanire n’urundi rwaruka rwo mu karere ka Afirika y’Ubuseruko biciye mu rurimi rw’igiswahili, ndetse bongere bamenye n’uko urundi rwaruka rwiteza imbere hamwe no guhanahana ubumenyi ku bijanye n’imibano.

Umukuru wa CHAWAKAMA Levis Dotto NIYONKURU yamenyesheje ko ibikorwa bitegekanijwe muri iryo koraniro ko harimwo inyigisho zizotangwa biciye mu rurimi rw’Igiswahili, guhanahana ubumenyi hagati y’urwaruka rwo mu karere ka Afirika y’Ubuseruko, kwigira hamwe ibijanye n’imibano y’ibihugu vyabo, inkino hamwe n’utugenegene.

JPEG - 126.9 ko
Levis Dotto NIYONKURU arongoye CHAWAKAMA mu karere ka Afirika y’Ubuseruko

Ku rwaruka rwo mu Burundi, Levis Dotto NIYONKURU avuga iryo koraniro rizofasha urwaruka kumenya no kwumviriza uko bavuga neza ururimi rw’Igiswahili kugira rubimenye, kuko ku bwiwe Igiswahili gisanzwe arirwo rurimi ruri imbere muri uwo muryango w’akarere ka Afirika y’Ubuseruko.

Mwomenya ko iyo nama y’ishirahamwe ry’abanyeshure bo muri Kaminuza zo mu karere ka Afirika y’Ubuseruko igira ya 13 yama iba uko umwaka utashe, akaba ari irya mbere ibereye mu Burundi ku civugo kivuga giti : « Itwararike Igiswahiri ushire mu ngiro indoto zawe ».

Iyo nama yatanguye kuri uwu wa gatatu izorangira kuri uwu wa gatanu.


Vianney BIKORIMANA

Messages

  • Ndakeje urwo rwaruka rwiyumviriye guhura kugira rukabure ubwenge rw’urwaruka rutaramenya igiswahiri muri EAC kuko nkomugihugu cacu urwo rurimi sibenshi baruzi vyukuri barushirize kugira umwete wokurwigisha abataruzi. Mutere muja imbere rwaruka rwo kazoza k’ejo kanatsinda nimwe muzoba mujejwe amabanga akomeye mu nzego zitandukanye mu ma leta agize uwo muryango EAC. Turabashigikiye mumugambi mwiza woguhanahana ubumenyi mumuryango wanyu.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.