Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abanywanyi batatu ba CNDD FDD baheruka kugandagurwa bashinguwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abanywanyi batatu ba CNDD FDD baheruka kugandagurwa bashinguwe

Abanywanyi batatu ba CNDD FDD baheruka kugandagurwa bashinguwe

lundi 22 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura Freddy MBONIMPA, hamwe na Nancy Ninette MUTONI, umunyamabanga ajejwe kumenyesha amakuru mu mugambwe CNDD FDD bari mu ndongozi zo muri uwo mugambwe zagiye kwifadikanya n’imiryango y’urwo rwaruka rwagandaguwe rutewe gerenade n’umuntu ataramenyekana, ku mugoroba wo ku munsi wa gatatu igenekerezo rya 17 Rusama 2017, mu gitero cakozwe muri karitiye ya Gikoto, zone Musaga, mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura.

Muri abo banywanyi ba CNDD FDD bagandaguwe, harimwo umuhungu w’umukuru wa karitiye ya Gikoto. Abaguye muri ico gitero ni Ndayizeye Audifax, Kwizera Cédric hamwe na Harerimana Ligan.

Muri ico gitero, abandi bantu batatu barakomeretse.

JPEG - 55.8 ko
Inkuka y’imisa y’ukubasabira yabereye kuri Cathedral Regina Mundi

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.