Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abarongoye intara bibukijwe ko bitabujijwe guhanahana ivyimburwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abarongoye intara bibukijwe ko bitabujijwe guhanahana ivyimburwa

Abarongoye intara bibukijwe ko bitabujijwe guhanahana ivyimburwa

lundi 29 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu gihe hari aba Buramatari barongoye intara bafata ingingo zabo z’uko ivyumburwa vyo mu ntara baba barongoye bitosohoka kugurishwa mu zindi ntara, Reta y’Uburundi imenyesha ko itigeze isaba ko ingingo nk’izo zofatwa.

Pascal BARANDAGIYE, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yibutsa ko ivyo Reta yanse ari umwimbu wotwarwa kugurishwa mu bindi bihugu, ariko ko uguhanahana ivyimburwa hagati y’intara ari umugirwa wamye uranga Abarundi, kuko ata ntara yikwije yonyene ubwayo.

BARANDAGIYE amenyesha ko ivyimburwa bidahanahanwe mu ntara zitandukanye, hari abatoronka imfungurwa zikwiye, aho akavuga nko mu gisagara ca Bujumbura batarima ku bwinshi.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Ivyo bitumwa nuko abatwara intara bamwebamwe usanga bize ivyokwandi ibiharuro, ntavyitwaro bigiye!, kurongora abandi ningabire yu muntu usanga ya vukanye.nicogituma haniwacu vyabaye urudubi, bivanye nuko kwabaye kurundagira mubutegetse abatabikwiye.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.