Accueil > Amakuru > u Burundi > Abandi barundi 202 batahukanwe ku ncuro ya kabiri bavuye mu gihugu ca (...)
Abandi barundi 202 batahukanwe ku ncuro ya kabiri bavuye mu gihugu ca Tanzaniya
mercredi 13 Nyakanga 2017, par
Abo bahungutse bagizwe n’abantu 205 bo mu ntara ya Ruyigi, 14 bo mu ntara ya C’ibitoke hamwe n’umuntu umwe wo mu gisagara ca Bujumbura.
Tubibutse ko abarundi bambere bahungutse bavuye mu gihugu ca Tanzaniya batahukanywe ku musi wa kane w’indwi iheze igenekerezo rya 7 Nyakanga 2017, bakaba bangana 301.
Abahungutse baronswa imfungurwa z’amezi atatu, hamwe n’ibindi bikoresho vyo mu nzu.

Vianney BIKORIMANA