Abarundi 571 bahora mw’ikambi y’impunzi ya Nduta bahungutse

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 25 Gitugutu 2017 saa 09:33
Yasomwe : 6075
0 0

Uwundi murwi w’Abarundi bari bahungiye mu gihugu ca Tanzaniya watahutse kuri uwu wa kabiri. Uwo murwi ugizwe n’abantu 571.

Abo bantu binjiye mu Burundi baciye ku Gisuru mu ntara ya Ruyigi, ku rubibe Uburundi buhana na Tanzaniya.

Abahungutse bagizwe n’imiryango 172, irimwo abagabo 239 hamwe n’abagore 239. Bose ni abo mu ntara ya Ruyigi.

Abajejwe intwaro muri iyo ntara bemeza ko abo bantu bahungutse ku gushaka kwabo.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha