Abarundi 91 birukanwe mu Rwanda

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 9 Ruheshi 2017 saa 10:01
Yasomwe : 35244
0 0

Abantu bagera kuri 91 n’umwe birukanwe mu Rwanda kuri uwu wa kane, bakaba bakiriwe n’igiprisi c’Uburundi, ku rubibe Uburundi buhana n’Urwanda, aho bita Gasenyi-Nemba, muri komine Busoni, intara ya Kirundo.

Mu giporisi bamenyesha ko abo birukanwe ari Abarundi bari bagiye kurondera ubuzi mu Rwanda. Inyuma y’ukubabaza imyidondoro yabo, abana hamwe n’abagore baciye barungikwa mu mihana yabo, ariko abagera kuri 16 bagizwe n’urwaruka bakaba bashizwe ukwabo kugira bakorwek amatohoza.

Abajejwe intwaro mu ntara ya Kirundo bavuga ko abandi barundi barenga amajana abiri aribo baheruka gushika muri iyo ntara ya Kirundo mu kwezi kwa kane.

Abo barundi bavuga ko birukanwe mu Rwanda, bakaba bagizwe n’imisore yahora ikora uburimyi n’ubworozi, hamwe n’ubundi buzi buto buto aho mu gihugu c’Urwanda, . Bamenyesha ko birukanwe batategujwe, bamwe muribo bakaba bataronse n’umwanya w’ukwishuza ugufaranga bari baheraniwe. Bose bavuga ko batabwiwe impamvu z’iyo ngingo y’ukubirukana ku butaka bw’Urwanda.

Ubuyobozi bw’intara ya Kirundo bumenyesha ko bwakiriye abo barundi bagizwe ahanini n’abavuka mu Kirundo, ariko hakaba harimwo n’abo mu ntara za Kayanza, Ngozi na Muyinga.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha