IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > ’’Abarundi babayeho mu bukene biyongereye gushika ku bice 18 kw’ijana’’-OCHA

’’Abarundi babayeho mu bukene biyongereye gushika ku bice 18 kw’ijana’’-OCHA

mardi 20 février 2018

Mu gihe kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 19 Ruhuhuma 2018 , bariko bashikiriza umugambi wo gufasha ba ntahonikora n’abari mu kaga wo muri uyu mwaka wa 2018,Garry Conille aserukira OCHA mu Burundi yavuze ko igitiri c’abarundi babayeho mu bukene ciyongereye gushika ku bice 18 kw’ijana ugereranije n’umwaka uheze wa 2017, bitumwe n’ikirere kibi hamwe n’ibibazo vya poritike.

Nk’uko biri mu cegeranyo cashikirijwe n’amashirahamwe ya ONU afasha abantu babayeho mu buzima bwa ntahonikora, ubu ico gitigiri cariyongereye cane ugereranije no mu mwaka uheze kubera hoho abari bakeneye gufashwa bari imiliyoni zitatu.

Muri ico cegeranyo, ayo mashirahamwe amenyesha ko ivyatumye ivyo bitigiri vyiyongera, ari ubukene bugenda bwiyongera, ubutunzi butifashe neza, ihindagurika ry’ibihe rituma hamwe hagwa imvura isambura uburaro n’imirima, n’ibihe vya poritike igihugu gihitiyemwo bitifashe neza.

JPEG - 28.7 ko
Garry Conille, aserukira ishirahamwe OCHA

Garry Conille yaserukiye amashirahamwe ya ONU afasha ba ntahonikora amenyesha ko abakenyezi n’abana aribo bageramiwe gusumba abandi, kandi ko ku bana batarakwiza imyaka itanu hibonekeza indwara yo gufungura nabi.

Garry Conille aserukira ishirahamwe OCHA yavuze ko uwo mugambi uzotwara imiriyoni 141 z’amadorare y’abanyamerika agenewe gufasha abashika ku miriyoni zibiri n’ibihumbi amajana ane babangamiwe gusumvya abandi.

Mu gihe hari ikibazo co kumenya aho ayo mafaranga azova, kuko n’ayari yitezwe mu mwaka uheze atabonetse, Muganga Jean de dieu NAHIMANA yaserukiye Reta, yasavye abaserukira ayo mashirahamwe ya ONU yitaho ba ntahonikora kugira akigoro kugira ayo mafaranga aboneke.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.