Accueil > Amakuru > u Burundi > Abarundi bagiye gutora "EGO" canke "OYA" kw’ihindurwa ry’ibwirizwa (...)
Abarundi bagiye gutora "EGO" canke "OYA" kw’ihindurwa ry’ibwirizwa shingiro
vendredi 8 Kigarama 2017, par
Nk’uko biri mw’ikete ry’ubutumire ryarungikiwe ba Buramatari bose b’intara zigize igihugu c’Uburundi, ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwamenyesheje ko ivyo bikorwa bizoba ku munsi wa kabiri, igenekerezo rya 12 Kigarama 2017, bibere muri komine Bugendana, intara ya Gitega.
Amakuru dukura mu begereye ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu amenyesha ko kuri uwo munsi wa kabiri, Abarundi bazomenyeshwa icese ko bitegurira kwemeza canke guhakana ihindurwa ry’ibwirizwa shingiro, mu matora ya EGO canke OYA azoba.
Egide NDUWIMANA
Messages
11 Mukakaro 2018, 17:28, par eric
Nivyiza cane