IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > "Abarundi bagiye kubona indemesho y’Imana" - Petero NKURUNZIZA

"Abarundi bagiye kubona indemesho y’Imana" - Petero NKURUNZIZA

mardi 14 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Abategetsi batandukanye b’igihugu c’Uburundi, duhereye ku mukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, bitavye igisabisho c’ugusenga hamwe n’ugusangira icayi, igisabisho "Breakfast prayer" catunganijwe n’inama nshingamateka hamwe na nkenguzamateka, mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri.

Ico gisabisho catunganijwe ku civugo : "Tugire ihinduka dukeneye kubona." Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yasavye abarongoye Uburundi mu nzego zitandukanye ko bogira ihinduka muvyo bakora, bahinduke babe abatanga iterambere, amahoro, urukundo, amahoro hamwe n’umunezero.

Mw’ijambo ryiwe, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yabwiye abari aho ko ashima ko Uburundi buri mu mahoro n’umutekano mu mpande zose, ahamagarira Abarundi kubandanya kwisonzesha iminsi yose ya kane, nk’uko yabisavye mu gikorane giheruka kubera mu ntara ya Gitega.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi yabwiye abari aho ko muri uku kwezi kwezi, Abarundi bagiye kubona hamwe n’ukwakira indemesho y’Imana.

"Imana irakunda Uburundi cane, muve ngaha muremye kubw’aya masengesho y’uno munsi. Uku kwezi tugiye kwinjira mu bindi bintu bidasanzwe aho Abarundi bagiye kubona n’ukwakira indemesho y’Imana. Imana yo mw’ijuru niyo cabona.

Ico gisabisho kibaye ku ncuro ya cumi na kabiri, kikaba cabareye mu gisagara ca Bujumbura.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.