Abarundi bahamagarirwa kwitaba igikorwa co kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 1er janvier 2018 saa 07:55
13500
0 0

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA ahamagarira abarundi kwitaba igikorwa co kuvuga aho bahagaze ku mpinyanyuro z’ingingo zimwe zimwe z’Ibwirizwa Shingiro ry’Igihugu. Petero NKURUNZIZA aramutswa Uburundi avuga ko ari igikorwa c’iteka umwenegihugu wese atokwidohoramwo.

Mw’ijambo yashikirije mu ntumbero yo guhimbaza umwaka mushasha, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA amenyesha ko ata murundi yokwirengagiza kugira ico avuze ku mpinyanyuro z’ingingo zimwe zimwe z’Ibwirizwa Shingiro, iyo yemera ko yikukiye kandi ko n’Igihugu ari iciwe.

Umukuru w’igihugu arashimira kandi abamaze gushikana intererano zabo z’amatora ya 2020 aho zagenewe, agasaba abasigaye gukora nkuko abandi bakoze, kuko bigaragaza umutima wo gukunda igihugu.

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA amenyesha ko guterera amatora ari igikorwa cavuye mu nama n’ingingo, kizotuma abarundi bishingira amateka n’amategeko bibashikana ku migambi n’imigabo ifasha abenegihugu gushikira iteka n’itekane.


Kumenyekanisha

1
ndayikengurukiye mechack 2-01-2018 à 09:55

komera turinyuma yanyu

2
ndayikengurukiye mechack 2-01-2018 à 09:47

komere

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha