IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abarundi basabwa guhiganwa n’abandi mu kurondera akazi muri (...)

Abarundi basabwa guhiganwa n’abandi mu kurondera akazi muri EAC

jeudi 3 Myandagaro 2017

Mu kagiro yahaye abamenyeshamakuru ashikiriza ivyaranguwe n’ubushikirianganji bujejwe iyinjira ry’Uburundi mu karere ka Afrika y’Ubuseruko,umushikiranganji Isabelle NDAHAYO yavuze ko abarundi bafise akazi mw’ishirahamwe ry’akarere ka Afrika y’Ubuseruko kikiri gito.

Umushikiranganji yavuze ko ku bibanza mirongo itatu na bibiri vyari bikenewemwo abakozi mw’ishirahamwe ry’akarere ka Afrika y’Ubuseruko, bitanu vyonyene arivyo birimwo abarundi.

Kugira abarundi bashike kuri ico gitigiri ca mirongo itatu na babiri bakora mw’ishirahamwe ry’akarere ka Afrika y’Ubuseruko umushikiranganji arashikiriza icakozwe.

«Ubushikiranganji turongoye bufadikanije n’ubundi bushikiranganji hamwe n’izindi nzego,bwarakoze ibishoboka vyose kugira abarundi baronke inkuru z’imvaho ku bijanye n’itangwa ry’akazi,ku rwego rw’umuryango w’ibihugu bigize Afrika y’Ubuseruko, mu bisata n’amashirahamwe awukomokako

Ku bijanye n’impapuro z’umutsindo zishobora kuba intambamyi ku ruhande rw’abarundi mu kuronka akazi mu karere la Afrika y’Ubuseruko,umushikiranganji Isabelle NDAHAYO yavuze ko abahinga bamaze gutangura igikorwa co kuraba uko ico kibazo gitora inyishu, kandi kiri no mu nzira nziza, aca amenyesha ko ari no muri iyo ntumbero Reta y’Uburundi yashizeho indinganizo nshasha mu nyigisho.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • JE NTANARIMWE NDABONA APPEL D’ OFFRE ! NONE IRABA CANKE NI KA MWANA WA MAMA?
    VYOBA VYIZA MUBICISHIJE KU MA RADIO ABARUNDI TWESE TUKAVYUMVA KUKO ABARUNDI TURINCABWENGE NTA BIBAZO BATANGA VYOTUNANIRA!MURAKOZE!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.