IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abarundi basabwe kugira umutima w’ugukora ivyiza

Abarundi basabwe kugira umutima w’ugukora ivyiza

mardi 8 Munyonyo 2016, par Egide NDUWIMANA

Mu gihe mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri hatunganijwe amasengesho yama aba rimwe mu mwaka (Prayer Breakfast), aho abategetsi batandukanye bahurira hamwe mu gusenga, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yamenyesheje ko mu mwaka w’2015 Uburundi bwahuye n’ibibazo, ariko Imana idakangwa n’ibibazo, ahubwo ko ireka bikaba kugira abantu bayirondere.

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA avuga ko ashimira Imana ku bikorwa yakoze.

"Naho abandi bose botugayira, twebwe turazi ko Imana iri kumwe natwe, kandi turayishimira ku vyiza vyose yadukoreye. Ubushobozi bw’amasengesho butuma Imana ikora, ikazana inyishu z’ibibazo isi yose n’umwana w’umuntu adashobora gutorera inyishu."

Petero NKURUNZIZA ahamagarira abantu bose gukora ivyiza, kuko nabo bakozwe mu vyiza Imana yaremye. Abantu bashaka kwambika ububi Abarundi, umukuru w’igihugu Peter NKURUNZIZA yababwiye ati : "Bihagarike kuko Abarundi n’Uburundi Imana yabaremye ibakunda cane, kandi ni beza cane"

Abarundi basabwe kugira umutima w’ugukora ivyiza uva ku Mana, hamwe n’ugutangura intambwe y’ukwisanzura, kuko nk’uko Petero NKURUNZIZA yabishikirije, baboshwe kera, akavuga ko ibintu vyose bifise intango bikagira n’iherezo.


IGIHE

Messages

  • Safi sana rais wetu tuko nawe bega kwa bega. Keep moving forward. Mungu yuko nasi.

  • Mbe abategetsi ba Africa mwebwe mwemera ko imana yabagiriye neza kuko muriko muratikiza abanyagihugu mwari mushinzwe gukingira nkiyo umuntu bivurwa ko arongoye igihugu yubahuka gukoresha imvugo nkizo igihugu kiri mukaga kirimwo Na kamaramaza

  • Petero Nkurunziza nabarekure rero kuko niwe aboshe abarundi . Tugire amahoro

  • IMANA imutuzigamire ihezagire ibiganza vyiwe

  • Aho kweli ndumva ko uriko uvuga neza,pfukama rero usabe ikigongwe abarundi wiciye nabo watumye bahunga n’abandi washize mu nzara uheze rero usubize ubutegetsi mu mutekano ntangere uce usubiza nivyo wivye vyose n’abo mwavyibanye ubavuge hama ubone kuronka amahoro nahone umaze kwihana kukuntu wabesheye Imana ko ariyo yakugenza mu mabi yose wakoreye abarundi.Ariko iyuva ga mutama washeshe amaraso menshi,iyumvire kuva ukiri mwi shamba nubu ukiriko!!

  • Mana hezagira umukuru wigihucacu

  • Imana ikuzigame Nyakwubahwa abo nabo bagucira imanza Imana ibagendere batahure guko isi niko yabaye ubandanye ushimira IMANA yabikoze kandi izobandanya ibikora bumigwe turabona ivy’IMANA ibandanya ikora nubu isezerano ryayo rizobatangaza Amen

  • Papa nkurunziza Pierre, ndakomeza kugishimira.

  • amaraso yasheshe, sinubumazi ufise burarenze, ndakwibutse ngira wibagiye nyakwigendera NDADAYE Melchior yariyahuye, amaraso yasesetse kuva 1993 gushika uyumunsi uwuyabazwa harumuntu amuyobewe. ariko nimba wavutse 2005 utubabarire cane wavukiye mwisi nsha

  • komeramutama komez usengere igihugucacu kuko ibimwenyinubu ntahovyagiye.

  • Imana yakwishuye TRUMP yatowe,vyabihano vya OBAMA bizofata ubusa.

  • Nashaka nter ivyatsi issa . Kuko nyakubahwa siwe yaturiy abantu munyakabiga .ubwo butegetsi nabw avuga ngo basubize babusubizande? Barya bantu mwokeje nki mikeke abagore banyu bafata foto ntamahoro muzobaronkana.mutama yararivumereye Ko muzohera nkifu yimijira rindira muzobibona

  • Nashaka nter ivyatsi issa . Kuko nyakubahwa siwe yaturiy abantu munyakabiga .ubwo butegetsi nabw avuga ngo basubize babusubizande? Barya bantu mwokeje nki mikeke abagore banyu bafata foto ntamahoro muzobaronkana.mutama yararivumereye Ko muzohera nkifu yimijira rindira muzobibona

  • Nashaka nter ivyatsi issa . Kuko nyakubahwa siwe yaturiy abantu munyakabiga .ubwo butegetsi nabw avuga ngo basubize babusubizande? Barya bantu mwokeje nki mikeke abagore banyu bafata foto ntamahoro muzobaronkana.mutama yararivumereye Ko muzohera nkifu yimijira rindira muzobibona

  • papa burundi tukurinyuma ntugire ubwoba nubundi tuzokwiyongera bashake bameneke urabona.ndi erenest imakamba ok ndemeje.shirira.

  • ariko imana murayikinisha ngira haraho wibazako itumva canke itabona? reka uzoraba ahukuyisabikigongwe ugwaruka wahereje mwibohero no mubinogo rusangi dufate kurimpumyi?canke niyo yagutumye kubikora?abutegeka gukoriciza bereke akarorero

  • iyo shetani 666 umuriro uragutegereje
    wa dayimoniwe

  • Nta Mana umenya Nkurunziza, icuzi uzikwica gusa, nayivyo nuguhuma amaso abarundi ngo twararonse uwusenga, ahibambewe.

  • Mutama wacu niwirambire goooose,abakwanka bakwandureko,ntamuntu yaguhaye wahawe n’imana.abonabo bavuga yamuhe nukubasengera bahinduke murakoze.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.