IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abarwanyi indwi bafatiwe i Mujejuru batowe ibiziga bukeye

Abarwanyi indwi bafatiwe i Mujejuru batowe ibiziga bukeye

jeudi 10 Ntwarante 2016, par egide

Icegeranyo c’amatohoza y’umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika kivuga ko abarwanyi indwi bari bafatiwe i Mujejuru kw’igenekerezo rya 11 Kigarama 2015, bagandaguwe mu buryo butumvikana, Valentin BAGORIKUNDA akavuga ko amatohoza ku bajejwe umutekano bakorera ahiciwe abo barwanyi yamaze gutangura.

Abo barwanyi uko ari indwi bari bafashwe mu bitero vy’amakambi vyabaye kw’igenekerezo rya 11 Kigarama 2015, ariko bukeye batorwa ibiziga.
Umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika amenyesha ko amatohoza yatanguye, amadosiye mu butungane akaba yaruguruwe ku bari bajewe umutekano muri utwo turere bagandaguriwemwo.

« Abarwanyi indwi barafashwe i Mujejuru, mu nyuma bakaba batowe ibiziga mu buryo butumvikana. Nico gituma haciye hugururwa dosiye kuri SURWAVUBA Jean Bosco yatwara ikirindiro c’abaporisi i Rwibaga hamwe na Major GAHOMERA Marius, ku bijanye n’urwo rupfu, kugira ukuri kumenyekane. »

JPEG - 68.9 ko
Valentin BAGORIKUNDA, umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi

Amakambi ya gisirikare atatu yaratewe kw’igenekerezo rya 11 Kigarama 2015 mu gisagara ca Bujumbura, hamwe n’iyindi ikambi imwe y’i Mujejuru, komine Mugongomanga, intara ya Bujumbura rural.
Umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika Valentin BAGORIKUNDA, mu cegeranyo c’amatohoza yashize ahabona kuri uwu wa kane, yamenyesheje ko abarwanyi 79 aribo baguye muri ico gitero, abagera kuri 87 bafashwe nabo bakaba bapfungiwe mw’ibohero rya Muramvya.
Ico cegeranyo c’amatohoza kivuga kandi ko abasirikare bane hamwe n’abaporisi bane aribo baguye muri ico gitero.

Valentin BAGORIKUNDA avuga ko abitavye Imana muri ico gitero bahambwe ahantu hazwi, akavuga ko umurwi wari wateye amakambi ane gushika ubu utaramenyekana. Umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika ariyamiriza abavuga ko abasize ubuzima muri ivyo bitero bahambwe mu binogo rusangi.


IGIHE

Messages

  • None bahambwehe birababaje kubona abantu bitwako bajejwe gutunganiriza abandi aribo bafata iyambere mugukokeza ingwano nubwicanyi noshima kuri umushikirizamanza kizigenza igihe abobose bagirizwa ubwicanyi uhereye m
    Kuri nkurunziza Bose ubataye muri yompi

  • Mbega.Ukurikugiyekumenyekana Turindirubutunganebwabagorikunda.Icobumara.Abontawobica,atariwamugambiwaretawokwica

  • none abobarwanyi ntibaribaje kwica?. izondarangavye zuburundi zarivunye umwansi, nyabuna nimuzikeze. sinkabarya bagovye gutembagaza ubutegetsi barikutwereka ibiziga vyabo gusa, ubu abantu ntibaba batakaza umwanya mumanza zindahera zabo.....ntihagire umusoda azozira ivyobintu kuko nibo bigemuye......

  • Ivyobashaka gukorera abandi kubera babona arivyiza nivyobaciye bakorerwa . ndaremye.

  • ba mwitonda mwa ba DD MWE MURAZI KO MURI IBIJUJU BURYA TUBAREREKESHEJE IJIJO MWE NGOJA NTAWUKINA ABIZE HAKIRUBUMENYI BATACIYE MWIDIRISHA NKAMWE MWA BIJUJU

  • Mbe we wiyita Tari, ni kuber’iki utatanguye guta uyo mwikomo wawe kubashutse abo bana ngo bite kurisongoye, nabo bakaba ari umukuru wabo Kagame, hanyuma bagakurikira ba Buyoya, Sinduhije n’umuhabara wabo Maggy Barankitse hamwe na ya mborerwa ruhasha Kiramvu. Mbe abo bantu navuze ngaho hejuru babashutse, mbe nt’abana bafise? Abana babo ntibibereye i Buraya bashihagura amaguru y’inkoko, namwe Maggy n’abo bagabo biwe babahendesha umuceri n’ibiharage hamwe n’urumogi! Ako tuzofata kwose tuzokamesa hanyuma muhamagare abo bazungu datawanje, ukamenga bo nibo barusha abarundi isinzi bari inyuma ya Nyenicubahiro Petero NKURUNZIZA. Erega ubu s’agaseseshwa rumuri, abarundi bose bamaze kumenya imigambi ya ba buyoya na Kagame, ngirango tuzobemerera gusubira k’ubutegetsi mutumaze twese.

  • Murasara! Nkurunziza Yishende Muramwanka Ariko Muzotangazwa Niyamuremye Ikimukunda.

  • EWE TARI URIKURIGARAGAZA CANE KURUBUGA KUMENG URABABAYE NUKO INDARANGAVYE ZIVUNYE TWIMUJERI CANKE NAWE WARURIMWO?MUTAMA YARABWIYE MUZOSHIRA NKIFU YIMIJIRA IMANA YOMWIJURU NIYOCABONA

  • Bagorikunda,tukwizerekugiyekwerekabarundik’ubutunganebukora bwerekanabishe.Abobisw’abagwanyi.Kandibahanishweyangingomuherukagushirahoyurufu.Mbega,nimwasanga.Aribamwebadakogwako,urubanzaniruzofiramumatohoza.?Twifuzakomwogumamusigurir’abanyagihugu Iyobigeze?

  • MBEG BAGORIKUNDA NIW ATANGA ICEGERANYO C’ABASIZ UBUZIMA MUGITERO?AHO HO NIYAMBARE TENU DE COMBAT!BAMA BAVUGA KO ARI IMBONERAKURE TUGAHARIRA!!

  • Barahaye Baremanga,ntamaraso Yijana! Rindira Nibindi Bizoza

  • Mbe Baribaje Kwica cankegukiza Baba Subirije Munkoko Kuvyobaribagemuye Bogaya Jewe Nagira Nivyobakunda

  • Komera Mutama. Ahubwo Mwohindura Amategeko Uwufashwe Akicwa Kuko Ni Umwicanyi.

  • muragow-muragow abarimurivyo!bamw imitsi yaranz kubwubutegetsi abandi bashinzijisho abakurubabo barimubutegetsi babahamiriza,abandibahanzamasokubarihanz.mwenedata ubwurabona igihahokigeze?ehe YESU arabaturumbukiy mwese.abirata ngo n’ABADD miyubar ntimuddmbe kUHORAHO.abandi ngo n’imbonerakure:,mubonerakur ivyimigambw nubutegetsi arikaho YESU agez ntahomubona,nibimenyetsovyuzakwiw ntimubirunguruka. kandariwaj gukuraho ingomazos iyiw ihangam ibih vyose.abandibakokezabababisha ngobateruburundi.abandibatuka uwahaw n’Imana nkurunziza.->uyumumurekekatwar iyamuhay niyizomubaza ivyoyakorey aboyamuragij aribo
    barundi.vamwitiro mwes kugirango YESU ntabasange mukirimurivyo nguburak bwiw butabahitana mwese mukarimbuka.

  • Mutama Kizigenza Nobasaba Guhagarika Urya Musenyeri Akabazwa N Ubutungane Igituma Agaya Inzego. Igituma Avuga Ko Muburundi Atabategetsi Babona Kure Bahari Kandi Ngo Leta Yariteranije Kurwanda Kandi Muzi Ko Na Onu Yemeje Ko Urwanda Ruriko Ruraduhungabaniriza Umutekano Mwabonye Ko Bakorana N Abahungabanya Umutekano. Abajejwe Umutekano Nibaje Barasaka Mubigo Bibamwo Ubwo Bugabo Uzosanga Baraza Izonkozi Zibibi. Murahabera Magabo Mwabumvise Aho Begamiye Opposition Y Inkorabara.

  • Non? Abobateye Ayomakambi sabarund Haribakavamahabaribarimw Nuguko ra amatohozabidatevyekugira abakoze ayomabibaje ahabona

  • Non? Abobateye Ayomakambi sabarund Haribakavamahabaribarimw Nuguko ra amatohozabidatevyekugira abakoze ayomabibaje ahabona

  • Uwica abandi Akwiye Kwicwa Nawe

  • Uwica abandi Akwiye Kwicwa Nawe

  • Abobantu uvuga ngobahambwe mukinogo kimwe iyozaba zari imbonerakure Koko ubu abashikiranganji Bose bankurumbi niho baba baratonze kandi muba mwabashinguranye iteka nikigandaro kurwego rwigihugu muba mwaragitangaje mbe muribuka igihe mwugururiye kwicabantu mwatanguriye kumwana wimyaka15 mukurikizako numusoda wigihugu ivyovyabaye akamizwe ningoma tutibagiye isinzi ryabanyagihugu mwagandaguye izuba riva bavuye gushingura ababo nabonyene bagandaguwe namwe nahonyene ivyovyose bikaba akamizwe ningoma nkahumengo nubunyegeri bahonyoye ariko igihe imbonerakure bayituririye sindayipfurije gupfa kuko abantu Bose barangana imbere y’Imana namategeko mugabo abashikiranji batanu buwigize umukuru wigihugu barashwabadutse bazakuraba baranatera ivyatsi iyongendo none wotubwiragute kozoba Ari imbonerakure ntimube mwarasidukanye niyonka nubu arizo muba mwaratangaje ikigandaro ijobundi cacomanzi Ngo Ni gelase yatangajeko ibinogo bihambwemwo abantu beshi bihari nguhereye 65 kubandanya none navyo muravyihakanye yemama ngwabishe ndadaye mbe kuba arukugira mwerekane ko mumukunda inzuyiwe ariyo mwahinduye amacuniro yaho mwirirwa murakererera abantu haraho ndadaye yigeze yigisha ubwicanyi haraho yigeze yigisha kutabagaza ubuzima bwumuntu nkuko mwirirwa mubigira nimureke gutuka izina ryiwe kuko uko nukumuzimurira naho Ayo matohoza yanyu ntayo dukeneye kuko umwicanyi siwe yo kwikorera amatohoza kuko mubirirwa barica abantu nawewe urimwo mugabo biragaragara kwayo aramaraso yinzirakarengane yirirwa arabavugisha ayamuhe nikimenyamenya nuko bakubajije ibiziga woba waratanze ngobishingurwe nabanyirabantu ukabura ico usubiza kuko ntaco warufise uvuga kuko nanyamatohoza ntayo wigeze ugira uretse gusubiramwo urwandiko rwivyarivyarementanijwe na baratuza kuko ivyo wavuze nibimwe nivyo nyabaratuza yariyavuze ivyanyu namayobera ariko nimurindire hazogera aho mubidusigurira neza

  • emwe birame ndore!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!

  • Jewe namye mvuga kuva batanguye kutangaza ngo bagiye gutanguza amatohoza, namwe mwabibonye muvyo batangaje ntakuri kurimwo, ntaho vyabonetse mwisi nzima ahumwicanyi yitohoza wenyene. imivyimba ya bantu amasinzi namanzi ya gandaguwe haricomwabonye ya bivuzeko? ukwo jewe ndavyita gutumutwe ngo bariko baratohoza.

  • Buca nawe Bagorikunda ugirwako amatohoza, urabe neza ntube uriko uragoreka imanza. Niwa uzigoreka umenye ko nawe mu misi mike ari wewe uzokurikira!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.