Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB u Burundi
Abashingamateka b’Uburundi baremeza canke bahakane integuro y’itegeko ry’ukuva muri CPI
Yanditswe taliki ya 12-10-2016 - isaha 09:28' na IGIHE

Inama nshingamateka iriga kuri uwu wa gatatu itegeko ryarungitswe na Reta y’Uburundi, risaba ko igihugu c’Uburundi cokwikura muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha.

Ico kiganiro kidasanzwe kibera mu nama nshingamateka y’Uburundi gitangura igihe c’isaha zitatu n’iminota mirongo itatu. Turagaruka mu makuru yacu yo hanyuma ku vyashikirijwe n’abashingamateka.

Abashingamateka ijana n’umwe nibo bitavye ivyo bikorwa, nayo umushikiranganji w’ubutungane, Laurentine KANYANA akaba ariwe yagiye gusigura igituma Uburundi bwafashe ingingo y’ukwikura muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha.

Mu nama nshikiranganji yabaye kuri uwu wa kane igenekerezo rya 6 Gitugutu 2016, Reta y’Uburundi yemeje ingingo yo kwikura mu masezerano yashizeho sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI.

Abashingamateka b’Uburundi bakaba basabwe nabo kwemeza canke kwanka iyo ngingo yafashwe na Reta.

Igihugu c’Uburundi cateye umukono kuri ayo masezerano y’ukuja muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha kw’igenekerezo rya 30 Myandagaro 2003.

Ivyiyumviro vyanyu

basha muvamwo musubira muzobazwa iyo mitwe yabarundi muriko muraca. wait and see !!!!!!

12.10.2016 à 11:41
roza kamikazi

Ni hahandi hanyu, muraja i la Haye muvyanga muvyemera,inkoni y’amategeko irabarindiriye

12.10.2016 à 10:41
Musaga

HARI UMUKUNGU AKUNDA KWIJAJURIRA AVUGANGO MUKINDA MUGARAMYE !!!! MUKINDA MWUBAMYE !!!!!!! MUVA MURI SENTARE YILAHE CANKE MUGUMAMWO !!!! IMANA YABAGABUYE MUMINWE YABANSI BANYU !!!!! HAHAHAAAA

12.10.2016 à 09:38
SIHONDI Levis

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.