IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > "Abashingamateka b’ubumwe bwa Buraya bakoreye ku binyoma"

"Abashingamateka b’ubumwe bwa Buraya bakoreye ku binyoma"

lundi 23 Nzero 2017, par Egide NDUWIMANA

Inama nshingamateka y’Uburundi imenyesha ko itakiriye neza itangazo ryasohowe n’inama nshingamateka y’ubumwe bwa Buraya, ku bijanye n’agateka ka zina muntu katubahirizwa mu Burundi.

Mw’itangazo ryasohowe n’inama nshingamateka y’Uburundi bamenysha ko ivyashikirijwe n’inama nshingamateka y’ubumwe bwa Buraya vyerekana ko abo bashingamateka badakurikiranira hafi aho poritike n’umutekano vy’Uburundi bigeze ubu. Muri tangazo ryateweko umukono na Pascal NYABENDA, umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi, bamenyesha ko kuva mu ntango z’ukwezi kwa mbere, abashingamateka b’Uburundi bari mu karuhuko, aho gaca kaba akaryo ko kwishikira mu ntara batowemwo, kugira birabire uko amahoro n’umutekano vyifashe. Iryo tangazo rikavuga rero ko agateka ka zina muntu kifashe neza mu Burundi, kuko aho abo bashingamateka bashitse hose, ata hamwe higeze havugwa ihohoterwa rya kiremwa muntu canke ubundi bugizi bwa nabi.

JPEG - 65.2 ko
Pascal NYABENDA, umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi

Ku bijanye n’integuro y’itegeko iheruka kwemezwa, ivuga ibijanye n’igenzurwa ry’ibikorwa vy’amashirahamwe yigenga adaharanira ivyicaro vya poritike, inama nshingamateka y’Uburundi ivuga ko iyo nteguro yemejwe ku neza y’abanyagihugu b’Abarundi, ari nabo batoye iyo nama nshingamateka, nk’uko bivugwa muri iryo tangazo.

Inama nshingamateka y’Uburundi isaba inama nshingamateka y’ubumwa bwa Buraya ko yorungika intumwa mu Burundi zoza kwirabira ibivugwa ku Burundi, kuko, kubw’abashingamateka b’Uburundi, vyofasha abashingamateka b’ubumwe bwa Buraya kureka gukorera ku binyoma bikwiragizwa n’abansi b’amahoro n’umutekano vy’Uburundi.

Tubibutse ko inama nshingamateka y’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya isaba irekurwa bidatevye kandi atabibanje gusabwa ry’abantu bose bapfunzwe kubera ivyiyumviro vyabo vya politike.

Yisunze uko ibintu vyifashe mu Burundi, inama nshingamateka y’Ubumwe bwa Buraya yibutsa abarongozi b’Uburundi kwubahiriza no gukingira agateka ka zina muntu.

Inama nshingamateka y’Ubumwe bwa Buraya isaba kandi ibihugu bigize ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya kwongereza utwigoro twavyo mu gushigikira n’ugukingira abaharanira agateka ka zina muntu n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike.


IGIHE

Messages

  • Nta Bashingamateka Twatoye Bose Naba Petero Nkurunziza Nakagwi Kiwe Bakorana Nta Nico Batumariye Atari Ukuducinyiza Nama Taxe Ntakindi Bakwiye Gufutwa Bose.

  • Gwi nyabenda !!!! wavyibushe ko watoye umuhoro mugiteme twe twarugwanye turi kunturanura.Aho zohindura imirisho nawe woshigikira iyo UE ko woba utanguy gutotezwa,muze mwitonda kuvuga uruhigi rutazobagarukako nyabe.Murabaze yayajameh ubu ko avuga nawe ubu azotangira gushigikira UE na ICC.

  • Aba Banka Babandureko !

  • Mukomere bashinganateka bigihugucacu xubirunsi, uwutabenera azokwama agogota avuga maze natwetubemere tubashigikize ibikorwa, inamanogira anobatabemera nose baba abarimu Rwanda nahandihose , nibakwakwanye bagende kwiyegereza inamanshingamateka yubumwe bwa Bulaya kuko ariyobahisemwo ngwiba koroneze ibihevyose vyokubaho basigaje.

  • Nimubasabe Baze Kwirabira Ukuri

  • Myabenda Pasikari wewe urumwicanyi!,ngo ntaguhohotera abantu biringaha mu Burundi! ndahebuye ntabashingamateka mukirimwo. Ntamusi wijana hatishwe abantu,canke abafatwa ni gi Porisi ciyita ngo nici perereza, bagatekerwa ubudumu bwuzuye amazi kumagara, abandi kucumitwa ishinge zubumara!, none umutekano uriko uravuga nuwahe? nukuri amajwi wahawe nguriko uratorwa ya pfuyubusa ntayo warukwiye. Ukubivuze yuko boza gutohoza bakirabira ivyahano mu Burundi, ubona boza ariko ntimutumeko abomuzotembereza mumiduga yanyu kumugoroba ngobasubire iwabo tutabashikirije ikiri kumutima, ndukeneye abazomarimisi bavugana natwebwe abanyagihugu. mbega vyoba vyagenze gute kumengo ntimwerekwa abaza gutohoza amabi mukorera abenigihugu!? hahahaaaaaa nzobambona.

  • Hhaah,ko mwibagiwe kuvuga ko ari u Rwanda ruri kubigira rwinyegeje inyuma ya Union Europeene?murahumba sha,akari inyuma karahinda

  • avuzukuripe.urumugabo.dukeneye.abandibavugankiyintwari.nyabanda

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.