Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abashingamateka batatu ba Amerika basavye abegwa bose n’ikibazo c’Uburundi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abashingamateka batatu ba Amerika basavye abegwa bose n’ikibazo c’Uburundi (...)

Abashingamateka batatu ba Amerika basavye abegwa bose n’ikibazo c’Uburundi kwitaba ibiganiro

jeudi 14 décembre 2017

Abo bashingamateka ni Eliot L. Engel wo mu mugambwe w’abademokrate, Randy Hultgren wo mu mugambwe w’abademokrate, hamwe na Karen Bass wo mu mugambwe w’abarepublikani.

Muri urwo rwandiko, abo bashingamateka bamenyesha ko ari ngombwa ko Reta y’Amerika igumiza amaso ku Burundi gushika aho Reta hamwe n’abatavugarumwe nayo bahagarika ibikorwa vyo guhungabanya umutekano.

Abo bashingamateka babicishije mur’urwo rwandiko basaba Reta kwubahiriza ibwirizwa nshingiro, igakorana neza n’akarere mu biganiro bifasha kugarukana amahoro mu gihugu.

Muri urwo rwandiko, abo bashingamateka basaba inama y’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU ijejwe umutekano hamwe n’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika kwumvisha abegwa bose n’ibibazo vy’Uburundi ko bategerezwa kurondera inyishu ya poritike ku bibazo biri mu Burundi.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Ibi bintu bizohera nabi, ibintu bimaze kwinjira mwo Abazungu ibintu bica bihera nabi mwibuke : Kadafi, Sadam Hussein n’abandi.
    Bamaze kugudunga urutoke uca urinda kwitegura.
    Iyi ngorane iri mu Burundi ntizohera badashitse kuco bashaka.

  • Fernandez, Abazungu urababeshera. Kadafi aho yari yihishije mu mwobo ugira ni Abazungu bamuzuyeyo ? Eka ni abanyagihugu ba Libiya bari barashishwe n’akagagazo kiwe n’Abahungu biwe. Ibiheruka kuba muri Zimbabwe hari Umuzungu n’umwe wabonyemwo ? No mu Burundi bizoshika aho bigenda uko. Abanyagihugu bonyene nibo bazokwifatira abirirwa barabahohotera babanigira mu bukene.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.