IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abashora ikawa hanze basabwa gushinga ibiciro ku makawa yaronse (...)

Abashora ikawa hanze basabwa gushinga ibiciro ku makawa yaronse abaguzi

lundi 6 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Muri ARFIC basigura ko ivyo vyashinzwe mu ntumbero yo kwirinda ikoroka ry’ibiciro vy’ikawa ryibonekeza kw’isoko mpuzamakungu, bitumwe n’umwimbu uguma wiyongera muri Amerika y’epfo, na cane cane mu gihugu ca Bresil.

Mu nama yo guhunahana ivyiyumviro yahuje abayobozi bo muri ARFIC hamwe n’abashorera ikawa hanze y’igihugu yabaye kw’igenekerezo rya 3 Munyonyo 2017, bumvikanye ko abashorera ikawa hanze bategerezwa kurondera abaguzi benshi batandukanye kugira ikawa y’Uburundi ntigume igurwa n’abahora bayigura gusa.

Ibanki nkuru y’igihugu yasabwe ko yokwama itomora uko amafaranga y’agaciro agenda araca ku makonte y’abashora ikawa hanze.

Ku bijanye n’ikawa itararonka abaguzi, muri iyo nama bumvikanye ko amakawa azohora adandazwa icamunara buri misi yose ya gatatu kuva igenekerezo rya 6 Munyonyo uwu mwaka.

Amatoni angana ibihumbi 16 niyo amaze kwegeranwa gushika muri Munyonyo 2017. Muri ayo, amatoni ibihumbi 6048 niyo amaze gushoka hanze y’igihugu.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.