Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB u Burundi
Uburundi bushobora guhagarika ibikorwa vy’ukugarukana amahoro mu bindi bihugu
Yanditswe taliki ya 3-11-2016 - isaha 11:21' na IGIHE

Inama nshingamateka y’Uburundi yatumyeko kuri uwu wa kane abashikiranganji babiri, Emmanuel NTAHOMVUKIYE ajejwe kwivuna abansi, hamwe na Alain Guillaume BUNYONI ajejwe umutekano.

JPEG - 264.5 ko
Abashikiranganji babiri, Emmanuel NTAHOMVUKIYE (i buryo) ajejwe kwivuna abansi, hamwe na Alain Guillaume BUNYONI (i bubamfu) ajejwe umutekano nibo batumweko mu nama nshingamateka

Abo bashikiranganji babiri batumweko kugira bishure ku bibazo vy’abashingamateka, mu bijanye n’abasirikare hamwe n’abaporisi b’Uburundi barungikwa mu bikorwa vy’ukugarukana amahoro mu bindi bihugu. Inama nshingamateka irafata ingingo namba ivyo bikorwa vyobandanya canke abo basirikare n’abaporisi bakagarukanwa mu Burundi.

JPEG - 535.7 ko
Abashingamateka bitavye ivyo bikorwa

Umushingamateka Pascal NYABENDA, umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi amenyesha ko abaserukira abanyagihugu baza kurabira hamwe kuri uwu wa kane, ko bikenewe ko abasirikare n’abaporisi b’Uburundi baguma mu butumwa bw’amahoro barungitswemwo mu bindi bihugu, inama nshingamateka ikavuga k bibaye ngmbwa hofatwa ingingo ko batahukanwa.

Uburundi bukoze ico gikorwa mu gihe amakuru atarashirwa ahabna avuga ko ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ryategekanya gusezerera abasirikare b’Abarundi barungitswe kugarukana amahoro muri Somaliya, hamwe n’uguhagarika amasezerano n’Uburundi. Ayo makuru mbere akavuga ko n’ibiganiro vy’ugusubiriza abasirikare b’Abarundi vyamaze gutangura kandi bigeze kure, bakazosubirizwa n’abo mu gihugu ca Ethiopia.

Tubibutse ko ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ryaheruka gufata ingingo y’ukuba rirabangira kwakira abasirikare b’Abarundi barenga 1400 bari biteguriye kurungikwa muri Somaliya mu bikorwa vy’ukugarukana amahoro. Abo basirikare botanguye kugenda muri Somaliya kuva mu ntango z’ukwezi kwa Munyonyo, ariko bakaba bagiye kurindira gushika mu kiringo kitaramenyekana.

Iyo ngingo yafatiwe Abasirikare b’Aburundi mu gihe abasirikare ba Ouganda, Kenya, hamwe na Djibouti bagiye kurungikwa gusubirira bagenzi babo bari muri Somaliya ukuri kwamye, nk’uko biri mw’itangazo ryasohowe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, aho batanze ikirangaminsi c’isubirizwa ry’abasirikare b’ibindi bihugu bahejeje umwanya bari kumara muri Somaliya, ariko ku Barundi ico kirangaminsi kikaba ataco kivuga, bataillon ya 40 n’iya 41 zikaba arizo zari ziteguriye kuja muri ico gihugu kugarukana amahoro.

Amakuru ava mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika akaba amenyesha ko haheruka n’ugufatwa ingingo y’uko amafaranga y’imishahara y’abasirikare b’Abarundi atazosubira gucishwa mu kigega ca Reta y’Uburundi. Aho tukabamenyesha ko igice kinini c’imishahara y’abasirikare bari muri AMISOM gitangwa n’umuryango w’ubumwe bwa Buraya, uwo nawo ukaba udafitaniye imigenderanire myiza na Reta y’Uburundi, mbere n’ibihano iyo Reta yari yarafatiwe, ikaba iheruka kumenyeshwa ko ibigumijweko.

Ivyiyumviro vyanyu

Bunyoni ugiye wabona ingaruka, Peter Nkurunziza yategetse ifatwa ryama comptes bancaires vya Bunyoni Alain Guillaume,cakira

5.11.2016 à 10:38
FNL

abaru ndi twi shakira amahoro ngaha muzu yacu yuburundi abari hanze nibaze twu bake igihugu tukiri nde abatubuza amahoro mubu rundi hari imisore yinguvi tubuze ubuzi ninaco gituma abanye borotike badu henda cane baduha inzoga ibintu ataco bimaze tubatoye baca ba twibagira abanyagihugu kuva muga ci mbiri ntitume nyani ndongozi zacu mugihugu kuko zi tatwitaho cane ubuzi reta uturabire ikiki bazo abize nabatize turo nke ubuzi nagahaze ngaha muhira muburundi kwiba nubugizi bwana bi biva ngaho ibisagara nka byose byubu rundi biri mwo imisore myi shi atabuzi bafise nababufise bahe bwa aga sha hara gato kada tunze numu dyango nyakuba hwa umubyeyiwacu prezida nkurunziza turaku taka mbiye udu fashe turo nke ubuzi mugwize namahi nguriro nibindi tura guse ngera imana igu fa she kuko wewe nta byowoshobora urumwe imana iguhe inguvu abana bawe turakenye cane mugi hugu ntawuku dwanabose kora akazi kawe kora nkamagu furi bwibereho mumahoro

5.11.2016 à 08:14
bizimana seba

nibaveyo.Kuko.Ako,nokagaye.Abo,basoda.Nabuburundi.Kandi.Batanzwe.Nuburundi.Muhagararire.Igihugu.Mubereke.Kocikukiye

4.11.2016 à 12:40
edm

abarundi turanani gwa kwicu ngerera umutekano mugabo hanze tukawubaha abayobozi bigi hugu inama shi gwamateka inzego zumutekano napre zida nyaku bahwa nkuru nziza barabe ikintu kibabaza abarundi kuki bazo cumutekano kugwiza ubuzi kugwa nya igiturire abamenye shamakuru bakore icoba shaka uwukoze ikosa ahanwe intobyi zifatwe tureke kugwana kubera imiga bwe dukore dukundane umukozi wareta akore kubwa banyagihugu ntakore kubyiwe uwudakora afuku zme abarundi turisubizi nyuma cane tukore amahoro muburundi nibizimana inyamurenza gasegegwa mukaneke

4.11.2016 à 11:34
bizimana sebasiyano

@ Issa wibagiye ko hatumweko Umuhutu umwe n’umututsi umwe mu nama nshinga mateka. Kandi bose barongoye inzego zijejwe umutekano w’igihugu. Inzo nzego nazo nizi ziriko zivugwa mu makungu. Bivuze rero ko iyo bavuze abicanyi mu Burundi haca havugwa abarongozi b’abahutu aba abatutsi bakaca bera derere ???!!! Imbwa yahiye ku murizo iti reka buce tuhereke abagabo. Uzoba umbarira.

4.11.2016 à 09:12
KAKUNZE

Aho bahereye biyamiriza UE,Luis Michel, ububirigi..., bari bazi ko amaherezo ari ayahe ?reka babazimirize imbabura niho bazomenya ko buriye igiti kiturirwa

4.11.2016 à 07:20
Biracaza

mbe abasirikar b,uburund bataraja somali ntibariho ? reka bivireyo n,america yaranariw iratwiyambaza, muminsi bazodutakambira dusubireyo tutakibemerera ! nikazima turi babitumwako mumakungu.let,s they say !

4.11.2016 à 06:08
harerimana j. de Dieu

Nibatahe ningoga kuko ntawutanga icadafise,ntahovyabonetse kwisi. Amwe reta ya hora yi rirwa irahemba imbonerakure hamwe nacagiporisi, bahoneje abenigihugu, nibabe bariga uburyo bazotangura gukura amahera kwikonte ya Nkurunziza yoguhemba abicanyi biwe.

4.11.2016 à 04:58
mzoyihera intagoheka

@tari(Hoogstraten-Anvers-Belgique). Uko mushenzi sana.

3.11.2016 à 23:49
Nzoyiheramujeri

@alia(mujeri sindumuja) !!! Uri igiceri koko.

3.11.2016 à 23:44
Gitifu

iyi nkuru yuzuye ikinyoma Ethiopia iherutse gutangza ko UN itisubiyeko mumezi aterenze 3 igiye gutahukana abasirikare Bose bari muri somalia none namwe NGO anya Ethiopia NGO nibo bazosubira abarundi ICO nikinyoma cambaye ubusa

3.11.2016 à 22:38
ndiho

ESE MWEBWE MWANDIKA AJANBONKAYO ABARI SOMARI NIWE YABARUNGISTE UHUBWO NIBATAHE NAKARA NTIBINJIYE BAZIKO BAZOJA SOMARI NIBAZE BAMUKEZE YATABAWE NTAMUSODA YOGUEZE URUPANGU NIBAZE BAMUKEZE

3.11.2016 à 21:04
KIRIJANA

Nibagaruke mu Burundi ONU ibone ko bari bagiye gufasha batari bagiye guca ingero kuko n,akagaye.nubundi so akwanka akuraga ivyamunaniye.

3.11.2016 à 20:38
Séverin

Abo bakoroni bafata nabi uburundi n’abarundi.nibameny KO bohemba izongobbiciy mugihugu cabarungits atarukwo bazoba nabone bakeney kwicarana na archabab

3.11.2016 à 18:58
Bonaparte

Murahopagura,uwabahenze KO turi abacangero ninde ? Imyaka bamaze mwishamba bahembwa angahe ? Izo missions zitaraza ntibariho ? Abandi barundi bataja hanze babayeho gute ?

3.11.2016 à 18:41
Wavenzwe Richard

birahaye biza abaru nimurindire mwihanganye intaro yabicanyi na basuma azovaho kuva akamo ka banyagihugu karatanguye kumvikana abo ba sirikare nabo badodobereza bagenzi babo ngo biteze kuja gushimirwa nibasubize amero mwisaho reta yaherewe abayikorera bagiye ku mara mara amaraso bariko baranwa ntazijana kuko buraca bugaca n’ayandi

3.11.2016 à 18:38
alia

Abasirikare ba Ethiopia bariko barataha iwabo.

3.11.2016 à 18:05
veritas

Imburakimazi Nizo Ziguma Zandika Ibitagira Nvura.Imana Yaduhaye Uburundi Ibudutungire.

3.11.2016 à 17:37
Umukunzi

Maze munyandikire urwete ruvugango : mbega abasirikare buburundi bagiye kugarukana amahoro kubwokubera ubumwe beat Bulaya ?
Ati muremera ko twagiyekugarukana amahoro kubwo ubumwe bw,AFRICA na ONU ?
Mutinimba twagiye kugarukana amahoro kubwubumwe bw,Africa na ONU nimudukureko ubwobumwe bwa Bulaya, ati mubutugumijeko ati turakuye abasirikare bacu mwivyobikorwa atagasuzuguro kubumwe bwa Bulaya katurenze ati imana yakuremye urumuntu ukabona uwukubwira ngwakugire imbwa mutituravyase dupfume tuba imva hakiba imbwa
Inyishumuzohabwa nubumwe bw,Africa na ONU muzobe ariko mugenderako..

3.11.2016 à 17:21
Husti

Ndabira ndabira un Ministre uko asa, muga ntaco Iyambarire Fumé none ko muri Parleiment uba uriko uvuga ayamuhe

3.11.2016 à 16:38
FNL
1 | 2

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.