IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abatowe n’abanyagihugu bashikirije amakenga ku basabwe intererano y’amatora (...)

Abatowe n’abanyagihugu bashikirije amakenga ku basabwe intererano y’amatora kandi batari bavyemeye

jeudi 12 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Joseph BUTORE amenyesha ko ata makuru afise y’abantu banditse basaba kudakatwa ku misharahara yabo mu gikorwa kijanye no guterera amatora y mu mwaka wa 2020.

Ivyo yabishikirije kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 11 Ndamukiza 2018, aho yari aramutse ashikiriza imbere y’inama nshingamateka na nkenguzamnateka ivyaranguwe n’ubushikiranganji 12 bwegukira ibiro vyiwe.

Umushingamateka Noe MBONIGABA hamwe n’umushingamateka Renovat berekanye amakenga ku bantu bakaswe amafaranga ku mishahara yabo hamwe n’abazohava batanga incuro zitatu iyo ntererano.

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Joseph BUTORE yamenyesheje ko ata muntu n’umwe azi canke arumva ko yanditse asaba ko atokatwa ku mushahara wiwe amafaranga y’intererano y’amatora.

JPEG - 62.8 ko
Joseph BUTORE, Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu

Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.