IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abatumiwe n’umuhuza MKAPA bemeye kuzorungika intumwa zibaserukira i (...)

Abatumiwe n’umuhuza MKAPA bemeye kuzorungika intumwa zibaserukira i Entebbe

jeudi 18 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Pacifique NININAHAZWE, umukuru w’ishirahamwe FOCODE avuga ko azorungika uwumuserukira.

Aba bazoserukira amashirahamwe yatumiwe bazorungikanwa ubutumwa bw’umuhuza MKAPA bumumenyesha ko ataco ariko arakora kugira amatati ari mu Burundi atorerwe umuti.

Mu kiganiro Murisanga caciye kuri Radio ijwi rya Amerika kuri uwu wa kane, Pacifique NININAHAZWE yamenyesheje ko bazobwira umuhuza ko ahubwo ariko ashigikira umukuru w’igihugu NKURUNZIZA mu mugambi afise wo guhindura ibwirizwa shingiro.

Mu butumwa bw’abazoserukira amashirahamwe yatumiwe, NININAHAZWE avuga ko bazobwira umuhuza ko bipfuza ko ubwicanyi buri mu Burundi buhagarara, n’amasezerano y’i Arusha hamwe n’ibwirizwa shingiro vyubahirizwe, uburenganzira bw’ugushikiriza ivyiyumviro bwubahirizwe, abari muri uwo mubonano bige ingene abarundi bose bobana mu gihugu bubahana kandi bubahirijwe.

Uwo arongoye ishirahamwe FOCODE aranegura ariko inyifato y’umuhuza MKAPA yagarukanye ibibazo vy’imitahe y’ubutungane irondera abakuru b’ayo mashirahamwe kandi abo nyene birirwa baratembera isi yose ntibafatwe. Pacifique NININAHAZWE yamenyesheje ko atemera iyo mitahe, kuko yatanzwe n’ubutegetsi batemera.

JPEG - 81.7 ko
Pacifique NININAHAZWE, umukuru w’ishirahamwe FOCODE

Umukuru wa FOCODE yasavye ko akarere ka Afrika y’ubuseruko kogira umwete w’ugutora umuti ibibazo vya poritike Uburundi burimwo, hafatwe n’ibihano bikomeye (Embargo) kuri Reta ya NKURUNZIZA kugira bamugondoze kwemera kwicarana n’abatavuga rumwe nawe, ni ukuvuga imirwi yose itemera ubutegetsi bwiwe.

Tubibutse ko umuhuza Benjamin William MKAPA aheruka kurungika ubutumire bw’umubonano ashaka kugiranira n’abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike bahungiye hanze y’Uburundi. Abo batumiwe babwiwe ko borungika ababaserukira badakurikiranwa n’ubutungane.

Messages

  • Jewe Mbona Ko Ivyobiganiro Vyotaha Muburundi Abo Ba Pacifique Nabo Bakitaba Ubutunga Ataco Bagiriye Bakidegemvya Mugabo Biragoye Kuko Ntibagira Nindero Nankeya Kuko Nubu Nibasiba Kwambika Iceyi Igihugi Cabavyaye Sinziko Abo Babahaye Indaro Boba Bumva Ivyatukana Mukubahuka Gutuka Umukuru Wigihugu Twitoreye Muga Ntibitangaje Kuko Abo Babahaye Indaro Aribo Babatuma Abarundi Dufatane Munda Twubake Igihugu Cacu Tureke Abo Bampemuke Ndamuke Bitebe Bitebuke Ivyabo Bizohinyuka

  • Ntakundi vyogenda Paci abagushigikiye, iyi Leta yarabetseko mutangana ishigokiwe n’abarundi isinzi. Rungika abandi nayo wewe uraziko abarundi bakwagiriza ivyaha vyinshi. Ntubandanye wisigura ngo ababirigiko batagufata nuko aribo wakorera, baraguhenze ngo niwice benewanyu uravyemera emera rero tugucire umukenke niko umugenzo w’ikirundi ubivuga.

  • Erega Nabahuza Barazi Ko Wamazabantu 1993 Urakomeza No Muri 2015 None Ngo Witabe Ibiganiro Wambwawe?

  • iyo ngurube ico ibona kibereye ni uko bofatiri uburundi ibihano? mbe gushika n’ubu ntarabonako ivyiyumviro vyiwe ataho bizomushikina uretse kwama yangara nka Kayini? abana babandi...

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.