Accueil > Amakuru > u Burundi > Abatumiwe n’umuhuza basavye ko ibikorwa vya CVR vyoba birahagaze
Abatumiwe n’umuhuza basavye ko ibikorwa vya CVR vyoba birahagaze
samedi 27 Rusama 2017, par
Mw’itangazo amashirahamwe 18 yasohoye, abayaserukira basavye umuhuza w’Abarundi ko igikorwa c’uguhinyanyura ibwirizwa shingiro ry’Uburundi cohagarara, n’amategeko yose atubahiriza agateka ka zina muntu ntaterweko umukono.
Mu ntumbero y’ukugarukana amahoro mu Burundi, ayo mashirahamwe yasavye umuhuza ko yoshira mu ngiro ivyasabwe n’inama mpuzamakungu ONU, mu Burundi harungikwe inteko mvamakungu (MAPROBU).
Ayo mashirahamwe asaba kandi ko ibikorwa vy’umurwi CVR ujejwe kumenyesha ukuri
ku vyabaye mu Burundi hamwe n’ukunywanisha Abarundi, vyoba birahagara, bikazosubira kubandanya Uburundi bumaze gutekana.
Mu biganiro bihuza Abarundi bigiye kubandanya, ayo mashirahamwe yasavye ko impande zose zokwumvikana ku botumirwa, hisunzwe ikibazo ca poritike kiri mu Burundi.
Abapfunzwe bagirizwa poritike nabo basabiwe kurekurwa, ubutungane nabwo bushengeze abaturiye insamirizi zigenga, izo nsamirizi zasambuwe nazo zisanurwe kugira zisubire gukora.
Egide NDUWIMANA
Messages
28 Rusama 2017, 17:24, par BANZUBAZE
ABO BANTU BARAKOMEYE BARACAROTA MAPROBU
28 Rusama 2017, 17:27, par BANZUBAZE
ABO BANTU BARAKOMEYE BARACAROTA MAPROBU
29 Rusama 2017, 14:42, par folmand
Kuva ijambo ryicongereza "Daydreming" sinari bwaronke aho noshobora kurikoresha. Nsanze ryokora neza kuraba bari baserukiye amashirahamwe 18 mubutumire bw’umuhuza. Bashitseyo baribagirako harabznkiwe kijayo kubera guhunga igihugu bahejje gukora ivyaha harimwo guturira amaradiyo. Mugabo babigize nkana bashaka ba Pacifique bafatwe basigare aribo baramutswa ayo mashirahamwe, si po.