IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abatutsi ntibitavye ku bwinshi iyandikwa ry’abashaka kuja mu gisirikare (...)

Abatutsi ntibitavye ku bwinshi iyandikwa ry’abashaka kuja mu gisirikare c’Uburundi

jeudi 17 Munyonyo 2016, par Egide NDUWIMANA

Igisirikare c’Uburundi kimenyesha ko iyandikwa ry’abakeneye kwinjira mu rwego rw’intwazangabo z’Uburundi ririko rigenda neza, kandi ko n’ibitigiri vy’abamaze kwiyandikisha bishimishije. Iryo yandikwa ku rwego rw’intwazangabo risigaje umunsi w’ejo kuwa gatanu gusa igenekerezo rya 18 Munyonyo 2016 kugira risozerwe, mu gisirikare c’Uburundi bakemeza ko abo mu bwoko bw’abatutsi batiyandikishije ku bwinshi.

Gushika kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 17 Munyonyo 2016, abari bamaze kwiyandikisha ku rwego rw’intwazangabo bagera ku 1278 mu ntara zose z’Uburundi, aho hakaba harimwo abigeme 100, hamwe n’abagera kuri 6 bo mu bwoko bw’abatwa.

Gaspard BARATUZA, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi yibutsa abiyandikishije ku rwego rw’intwazangabo ko isango ry’ugukora ibibazo vy’ibiharuro, igifaransa, hamwe n’iconegereza ryahindutse, rikaba ritakiri ku munsi wa mbere nk’uko vyari vyanditswe mw’itangazo, ahubwo iryo sango ry’ugukora ibibazo rikaba ryashizwe ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 19 Munyonyo 2016.

JPEG - 65.3 ko
Colonel Gaspard BARATUZA, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi

Umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi ntahakana amakuru ariko aravugwa ko abo mu bwoko bw’abatutsi batariko bariyandikisha ku bwinshi. Gushika kuri uwu wa gatatu, abagera ku 976 bo mu bwoko bw’abahutu nibo bari bamaze kwiyandikisha, mu gihe abaharurwa ku 246 bo mu bwoko bw’abatutsi aribo bari bamaze kwiyandikisha.

Intara ya mbere imaze kwiyandishamwo benshi ni Gitega, hagakurikira Ngozi. Intara zifise bake ni Cankuzo hamwe na Ruyigi, nk’uko tubikura mw’itangazo ry’ubushikiranganji bw’ukwivuna abansi ryasomwe kuri uwu wa kane na Colonel Gaspard BARATUZA, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi.


IGIHE

Messages

  • Nimubareke sibo nihahamuka ngo babanze ko bazoca ahandi? amaso azohera mu nzira gusa ntantambwe bazoduterana !Amase yakera ntagihoma urutaro

  • Iyiganje yimya izindizirorera nabado ububaragombakurinda igihuguchabo

  • nibareke bazinjira muco kwaniyombare ngira bobo barafise iyobazoja nibakimenya kamase yakera atagihoma urutaro rega ntibagikunda igihugu cacu bafiza kocotabagurika kigasubira mumenyo yabatwenzi bazopfa baribaza niduhangame hutu kandi tucinjire kubwinshi nuko twirambire zuru

  • Bitavye uko bangana no mugihugu! Les équilibres vont se régler de soit!

  • Nabo nibenshi . ubundi abatutsi ntibagombye kurenga 5/100 mugisoda. Kuko mwariboneye mwese abo kuri Camp Ngagara na camp Muha ko aribo bahaga inkozi zikiba ama grenade mugihe cy’imigumuko

  • Ariko jewe ukwondabibona ntabubi twashizemwo kuko icomwomenya nuko uyumusi yariko hararonderwa abomugisirikare abakeneye kujamuvyomugisirikare nabotwabonye kandi ndaziko cagitigiri gisabwa ndaziko murabo ababonetse ntutuzagukehanirwa barazagukwira.
    Ikindimwokwibuka nuko harihabandi bababakenewe kuja muvyintwaro twirukantsetwese muvyagisirikare muntwaro twocatubura abajayo nihompamvu ituma twifata nuko habahariho ahandi haturindiriye sinzi ukwabandi dusangije ubwoko babibona ariko abotuganira nukwotubibona nubwoharihobamwebavuga ngojubera mama arumuhutu ngosinkwijebeza ibisabwa.
    Ariko jewe ndaziko atawunsumvya ubututsi cambucaba S.E Gasito Sindimwo na Edward Nduwimana nabandi.

  • Mwoshobra Kutumenyesha Aho Ipolice Ahokizokorera Ikibazo

  • Murahumba basha ivyo muvuga ni vyo Havyarimana wo mu rwanda yavuga . Rindira tuzoraba

  • Ukwo biri kwose ibitigiri canke équilibre izokunda kuko ndizera ko nabo batutsi 246 batazokwinjira bose. Kuko nta ntwazangabo 600 zizokwinjirira rimwe. N’abatwa mbona bijukiye kucinjira.

  • Ariko mwumva bocinjira gute uyo mututsi Baratuza ariwe abashora k’umacuniro kubera inda ndende yiwe,nibarindire bazokwinjira kurya nabo bacinjiye kuko nabo ahahitiye bari ababoyi mu mazu

  • Nimurindire Akataritsekarasema

  • Ahubwo iryo yandikwa niryiza nuburyo bwokugabanya agashomeri mu rwaruka!Ni charles

  • JEWE NIBAZAKUREKA NIVYABO NIBINJIRE IVYAKERA VYARHEZE UKOBUKEYE SIKOBWIRA KUBUMUTUTSI CANKE UMUHUTU NTACO VYICA REKA GUHEDWA AHANDI NAHO NTUNBAZE

  • Reka abahutu twinjirekubwinshi nakare abatutsi baribaraduhenze nibobaribiganje ubuho baracira birarura,tuzobacamwo nkakwakundi abahutu injire niciwacu ntawetukirekera abobarazi iyobazokwinjirira.ntibazoduterana intambwe ingwe ntiyamenya gufatirakwizosi yarigishijwe.

  • Ubundi bari bangahe mugihugu cose kuki abatutsi havugwa ko aribake kandi baharugwa mumajana ntibavuge ko abatwa aribake kandi ari 6 gusa ??

  • binjire mugisoda bakirimwo komwabamariye kwibagiromwipfuza kuguma mubaga umunsi mwe uzicuza murindire akanyu karaza gushoboka

  • BIKUMIRIYE KUMWE VYAHORA BIVUGWA KERA? BAGOMBAKO ABA. BATAGIRA FORMATION AHUBWO BABINJIZA GUTYO ATAGUHIGANWA. IBISODA NIVYINSHI BAZOCA AHO BASHAKA

  • Nimureke Gutukana Igihugusitongo

  • Nibirekere Bibaza Ngobizoca Bihagarara.Turacinjira Ntakabuza

  • Iyo n’intsinzi kuburundi nabarundi benebwo.uruhigi gwarahindutse.uwari uwambere yabaye uwanyuma,uwaruwanyuma yabaye uwambere.imana nihabw’icubahiro.

  • mbega yemwe abatutsi ntibarikwakagame nibinjire ico murwanda

  • None batinjiye hari ingorane si kazima imiryango yuguruye. Si kimwe no kuntwaro ya ba micombero, bagaza buyoya cazira ko abahutu bahonyozayo ikirenge.

    Bo ntibagowe bazoja mu gisoda kwa kagame.

  • NIBAREKE, JE MUGISODA VYABARONGOZI BAHITIYE HARUMUHUTU YACINJIRA, JEWE BENEWACU BARI BIYARARAJE MURI 1996, AYOBABONYE, UWASIGAYEYO YAGUYEYO, NA FORMATION NTIBANARINDIRIYEKO BAZIMARA. JENDIMUBANDIKA NTAMUTUTSI NOKWANDIKA, UBWOKO BUBI BURYA NTIBUVYIBUHE. ABAHUTU KOMERA!!! KOMERA!!! GANZA!!! GANZAAAAAAAAAH

  • Murahumba basha. amaraso y abana baba tutsi mwamennye ngo muriko murihora 1972 aracabakurikirana muzopfa mwangaza uturago ku mitwe

  • izo commantaires zizo njamvyi zitazi ivyo zikora

  • izo commantaires zizo njamvyi zitazi ivyo zikora

  • Igisoda gihuriwemwo nabose cabayeho bigoranye nimugisambure kucubaka bizobarusha kandi kwari ukugira amoko yose acungerwe kumwe mugabo ubu siko bimeze jewe rero nkabona ahuko bajayo gutuna nkamashurwe nkuko birubu bopfuma birekera kuko nabariyo ntaco mbona bamariye benewabo canke nabandi Bose birirwa batotezwa nabo nyene ubwabo ntaco bimariye kuko nabo birirwa bicwa nkubunyegeri ntibirwanire nibisigireho ntaco Baja kumara kandi abavuga uko burya nabahutu Atari imbonerakure canke Ngo babe bava muri cndd fdd ntugirengo bararekuriwe kuja muri nyagisoda ahubwo jewe mbonako twese abarundi twase iryo vagura twojahamwe hama tugashinga igisoda gihumuriza Bose hanyuma icocitiranwa Ngo Ni igisoda tukacirukana ntabindi

  • Amateka we. Ubwo tayari bagiye a cote

  • mu Burundi hakenewe umushingantahe nka micombero

  • none umutuyiyandikishakumahera

  • Ahubwo Ni Mu Publier Igihe Muzandikira Aba Officier Na Ba Sous-officier Mu Gisirikare Naho!Hazoza Abakunda Igihugu!

  • Muzandika Ryari Aba Officier Naba Sous-officier Mu Gisirikare?Hazoza Abashaka Bakunda Igihugu Ni Mubareke!

  • ewe mahoro ufise amacakubiri humura icogisirikare nicanyu kugera uwumusi gusa nuko ubeshe mwene nibayapfiriye muri formation siwe wenyene kandi subwoko bumwe mubitabimana ikimbabaje nuko numva ufise ururimi rubi wewe uruwo kubiba amacakubiri ncuti ntanyungu azobikuramwo ndakurahiye tereza amaso ngaho murwanda ubaze abaranze nivyiyumviro nkivyo ufise barafunzwe abandi baromotse ubutakigaruka rero niwikebuke sinokwifuriza kugeraho interahamwe zigeze

  • ewe mahoro ufise amacakubiri humura icogisirikare nicanyu kugera uwumusi gusa nuko ubeshe mwene nibayapfiriye muri formation siwe wenyene kandi subwoko bumwe mubitabimana ikimbabaje nuko numva ufise ururimi rubi wewe uruwo kubiba amacakubiri ncuti ntanyungu azobikuramwo ndakurahiye tereza amaso ngaho murwanda ubaze abaranze nivyiyumviro nkivyo ufise barafunzwe abandi baromotse ubutakigaruka rero niwikebuke sinokwifuriza kugeraho interahamwe zigeze

  • Abobatutsi biyandikishije nabahe kwarabahutu bagerageje kwihindura ubwoko bwabo?, umututsi ikigihe arinze yihenda akitembereza imbonerakure zibazamubonye nkejo, mukumwagiriza kwaruwitwaje ibirwanisho ! nonuwo yoja kwiyahurabona rwagiye, mukwiyandikisha mugisirikare!,sumwe mwotwara ngomugiye kurondera ibisuma nkuko mwirirwa murabivuga, munyuma mukamuhindukiriza kwinkoho. mumatangazo yanyu ngotwishe igisuma,canke ngo yahuye nisanganya arimwe mwamugandaguye.

  • emwe jew nzogenda bansize kubuhiri.

  • Nibyo biriwanyu ntimukijyereranye nurwarwa mwa nyamabi mwe

  • ahubwo abiyandikishije bose baze binjire kuko bose baze bacungere imbibe ari beshi kuko bakavuyo nibeshi haba mugiporisi canke mugisoda bose muzobinjize cane cane mu ntara ya kayanza muri komine kabarore

  • abiyandikishije bose bare binjire cane cane abo mukayanza muri komine kabarore kuko ntanvukira za baporisi canke abasoda bahari nico nico kuko hegereye irwanda

  • kuki mutumako beshi ariko mukinjiza bake ese umuntu aranze ashaka igiporisi canke igisoda nimubareke bose binjire kuko akoze ikibazo hama ntiyinjire ishavu nivyishi ese mushaka bangahe kuntara? injiza beshi

  • Mwenibiki Komwama Muvuga Abatutsi Barabamaze Je Ntabahutu Bapfuye?Canke Bobo Ntibavamaraso?Ahubwonahomwamenyereye Kuvuga,

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.