Accueil > Amakuru > u Burundi > Abikorera ivyabo muri EAC basavye kworoherezwa mu ruja n’uruza
Abikorera ivyabo muri EAC basavye kworoherezwa mu ruja n’uruza
vendredi 23 Ruheshi 2017, par
"Twahawe impanuro ko amategeko yotegurwa kugira abantu bashobore kuva mu gihugu baja mu kindi ata ntambamyi.", uko niko Liberat MPFUMUKEKO, umunyamabanga mukuru wa Afrika y’ubuseruko yabishikirije inyuma y’iyo nama.
Abari muri iyo nama bakaba basavye ibihugu bigize Afrika y’ubuseruko ko vyorwiza umwimbu, hamwe n’ugufasha abafise imigambi y’uguhingura ivyimburwa bivuye mu burimyi, kugira umwimbu ntiwononekare. Ibihugu bigasabwa gufasha mu buhinga.
Umunyamabanga mukuru wa Afrika y’ubuseruko yatanze umwizero kuri ico kibazo : "Muri EAC hari abantu benshi b’Abarimyi, kandi abo bose bategerezwa gufashwa"
Ibikorwa vy’inama igira gatanu y’abaserukira ibisata bitandukanye vy’abakora ivyabo hamwe n’abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike bo mu bihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko, yari yatanguye kuri uwu wa kane mu gisagara ca Bujumbura, isozerwa kuri uwu wa gatanu.
Egide NDUWIMANA