IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abitavye umubonano w’umuhuza bamusavye ko yoreka kwumviriza uruhande (...)

Abitavye umubonano w’umuhuza bamusavye ko yoreka kwumviriza uruhande rumwe

vendredi 26 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Mw’itangazo ayo mashirahamwe yasohoye inyuma y’uwo mubonano, yamenyesheje ko atakiriye neza ikumirwa ryakorewe abo umuhuza avuga ko bakurikiranwa n’ubutungane. Kubw’ayo mashirahamwe, ivyo vyerekana ko umuhuza yumviriza uruhande rumwe, kuko iyo mitahe umuhuza avuga ata kindi gihugu na kimwe kiyiha agaciro.

Ayo mashirahamwe asigura ko Reta y’Uburundi yasohoye iyo mitahe kugira ihungabanye ibikorwa vy’abaharanira agateka ka zina muntu babandanya gushira ahabona ihohoterwa ry’agateka n’ubunganzira bwa kiremwa muntu, hamwe n’ubwicanyi bukorwa mu Burundi.

Iryo tangazo ry’ayo mashirahamwe risaba umuhuza mu bibazo vya poritike y’Uburundi ko yobwiriza Reta y’Uburundi ikemera ibiganiro bihurikiyemwo bose.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.