IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abunguruza abantu ku makinga basaba umuco ku mafaranga batozwa

Abunguruza abantu ku makinga basaba umuco ku mafaranga batozwa

mercredi 22 Ntwarante 2017

Abagendesha amakinga yunguruza abantu mu gisagara ca Bujumbura basaba ko igikorwa co gutoza amafaranga gikorwa n’abarongoye amashirahamwe yabo cokorwa mu muco, amafaranga batozwa agafasha igihugu.

Abagendesha amakinga bavuga ko impuzu bambara bariko bakora akazi kabo hamwe n’inomero z’ikinga ariyo ntandaro yo kurihishwa amafaranga ,kandi batabona neza nimba ayo mafaranga aja mu kigega canke aja mu mifuko y’abarongozi b’amashirahamwe.

Abo bunguruza abantu ku makinga bavuga ko amafaranga 2000 batozwa batabona ico ashingiyeko, kuko yaba imparati y’inimero y’ikinga canke agahuzu bambara bari mu kazi kabo vyose vyahagaritswe vy’infatakibanza n’ubushikiranganji bwo gutwara abantu n’ibintu.

Abo bunguruza abantu ku makinga bavuga ko badatahura ingene iyo batanze amafaranga ibisabwa babironka, abarongoye amashirahamwe yabo babanje kwinyegeza.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.