Accueil > Amakuru > u Burundi > Afrika y’ubuseruko yihaye amezi atatu y’ukwumvikana ku masezerano (...)
Afrika y’ubuseruko yihaye amezi atatu y’ukwumvikana ku masezerano y’ubudandaji
vendredi 9 Nyakanga 2016, par
Umuryango wa Afrika y’ubuseruko (EAC) watangaje ko wihaye amezi atatu yo kuganira ku masezerano y’ugufashanya muvy’ubutunzi n’umuryango w’ubumwe bwa Buraya.
Amasezerano "Economic Partnership Agreement" (EPA) hagati ya Afrika y’ubuseruko n’ubumwe bwa Buraya afatwa nk’ayazokworohereza ubudandaji n’ugukorera hamwe mw’iterambere, hagati y’iyo miryango yompi, harimwo no gukuraho amakori ku bicuruzwa bikorerwa mu bihugu bigize iyo miryango.
Ibihugu bimaze gutera umukono kuri ayo masezerano ni Urwanda na Kenya vyemeje ayo masezerano mu ndwi iheze, ariko ibihugu vy’Uburundi na Tanzania bikaba vyatangaje ko bitazotera umukono kuri ayo masezerano. Aho ni mu gihe Uganda iheruka gutangaza ko yemeye ayo masezerano.

Mu nama idasanzwe igira iya 17 y’abakuru b’ibihugu bigize Afrika y’ubuseruko yatangiye kuri uwu wa 8 Nyakanga 2016 i Dar es Salaam muri Tanzania, umukuru w’igihugu wa Tanzania John Magufuli asanzwe ariwe ayobora uwo muryango muri iki kiringo, yatangaje ko uwo muryango uzoteba gutera umukono kuri ayo masezerano, kuko uzobanza kuyumva kumwe. Ikiringo bihaye ni amazi atatu, gushika mu kwezi kwa Nzero umwaka w’2017.
Mu gihe Uburundi butotera umukono kuri ayo masezerano, vyagorana ko yubahirizwa, kuko kugira aje mu ngiro, bisabwa ko ibihugu vyose vyo mu muryango wa Afrika y’ubuseruko biyemeza, nk’uko biri mu masezerano agenga uruja n’uruza rw’abantu n’ibidandazwa muri uwo muryango. Uburundi bukaba bumenyesha ko butazokwemeza ayo masezerano, kuko ibihugu vyo muryango w’ubumwe bwa Buraya vyafatiye ibihano Uburundi.
Ibihugu vyo muri EAC (East Africa Community) birungika mu muryango w’ubumwe bwa Buraya ikawa, itabi, icayi, amafi hamwe n’imboga, mu gihe ibihugu vyo mu bumwe bwa Buraya birungika muri EAC ibicuruzwa birimwo imashini zo mu mahinguriro hamwe n’ivyuma bitandukanye, imidoga, imiti n’ibindi.
IGIHE
Messages
9 Nyakanga 2016, 11:52, par ALPHONSE
NIKOMERE ABOBAZUNGU MUBIGENEZA NTIBABE BAGOMBA KUBIMBA MUMIZI
9 Nyakanga 2016, 12:36, par Issa nduwayo
Ahaaa ugiringo barakina bashaka batwimbe mumizi kagame atihuta harico abaturage bamurindiriyeho atarikwivanga mubihugu vyacu gusa!
9 Nyakanga 2016, 13:08, par BUREGEYA
niphuza kohoba umutekano muburundi ibiganiro bikaba mumutekano ntangere kanatsinda turanasenga n imana tukumvikana cane umuntu tukamubona nkumuntu niho nimana izodusima dusenga mubikorwa dukora
9 Nyakanga 2016, 13:09, par BUREGEYA
niphuza kohoba umutekano muburundi ibiganiro bikaba mumutekano ntangere kanatsinda turanasenga n imana tukumvikana cane umuntu tukamubona nkumuntu niho nimana izodusima dusenga mubikorwa dukora
9 Nyakanga 2016, 14:50, par Mahoro
Nimba abanyaburaya badashize hasi urucuruzwa rwa genocide bafadikanije na Kagame, Uburundi bwovyihoza. Kagame atware atamena, agumize mu Rwanda rwiwe iryo sumu atabandanya arikwiragiza muri ako karere.
9 Nyakanga 2016, 16:20, par jonas
Ahaaaaaaaa!!!!!!!!Kwisi turimagirane ubumwe bwuburayi buti ibihanokuburundi. Budakeye kabiri ubumwe bw’uburayi ngodukeneyubufatanye nafrica yubuseruko ngobategetsi buburundi dufashe muduhijwi dufatanye. Mamaweeeeeeee! Mubudandaji dushiremwo napolitipue yemweyemwe gezaho! Abanyagihugu turakeneye ubufatanye hiryanohino.
9 Nyakanga 2016, 19:43, par Anicet NJEBARIKANUYE
akanya tutaratunga;vyoba vyiza twemeye bakadufasha kugira twiteze imbere,kuko tubiri tuvurana ubupfu
9 Nyakanga 2016, 20:04, par ruhere innocent
tanzania yanse gusinya n’ibindi bihugu gusinya ikintu ubanza kuryama ukiyumvi râ hahaaaaa;;;;;;
9 Nyakanga 2016, 20:33, par J.Claude Habonimana
Eka,nanje Nifuzako Hoba Amahoro Mu Burundi,umutekano Ukaba Ntangere Akazi,kakaboneka,ibishomeri,bikagabanuka.Ntibishinge,gusa Amabwire,ya Kagame.Ataruko Aratwimbimizi Ntakabuza.
10 Nyakanga 2016, 07:15, par Berchmans Ntakiyiruta
Uburundi Buri Mukuri Kuko Ntawokwemeza Amasezerano Yogufanya N’uwumufitiy’inzigo.Uruhombo Narwo Ruba Kumpande Zose.
11 Nyakanga 2016, 13:07, par FNL
U Burundi bugeze ku manga,ntakintu na kimwe bushoboye ápart kwica, nibabukumire nakare Président wabwo yibera ku mwobo
11 Nyakanga 2016, 14:21, par Kg
Bwabundi rero,abazungu hari ivyo badukeneyeko! Nibatekereze rero batwicisheko bugufi bareke kwinyaza kugira twemere kubafasha.
11 Nyakanga 2016, 14:21, par Kg
Bwabundi rero,abazungu hari ivyo badukeneyeko! Nibatekereze rero batwicisheko bugufi bareke kwinyaza kugira twemere kubafasha.
11 Nyakanga 2016, 14:48, par Mob
Genda kugihe Rwanda usome ijambo president kagame amaze gushikiriza abanyagihugu,mugume muyayata ngaho ntimuzi ivyo mukora muri nkibitambambuga mwebwe Burundi
12 Nyakanga 2016, 08:42, par Mob
Ijambo president wu Rwanda amaze gushikiriza abanyagihugu yavuzeko we atazi gutukana.abirirwa bamutuka,bamukoronga bibareba.ashishikajwe namajyambere yigihugu cye.ariko yavuzeko harakarongo yaciye abo bamutuka batararenga.nibakarenga ngo bazahura nibyago bikomeye bazumva inkuba zasana bataziyo ziturutse,ababwirwa nabo batagikora birirwa bahetse ibiti baririmba ngo tuzomumesa....cibitoke,bubanza....muko tayari!!!!hahaaaaaa
12 Nyakanga 2016, 11:13, par Musore
@Mob,abarundi niko twabaye dusanzwe tuzi Kagame ko nta 2jrs vyomufata gufata u Burundi, ikindi kandi Imbonerakure zikoresha ibibando
12 Nyakanga 2016, 21:40, par Munanira
Amahoro yibihuhagatiyibbyacu nicyo dushakaGutukana namagambo asebya abandi si umuco, ababikora bose bamenye ko ari umuco mubi.
13 Nyakanga 2016, 22:11, par Abazungu baratubesha
EAC itanga ivyokurya muri UE nabo bakaduha ivyuma. Mwumva gute?
13 Nyakanga 2016, 22:11, par Abazungu baratubesha
EAC itanga ivyokurya muri UE nabo bakaduha ivyuma. Mwumva gute?
13 Nyakanga 2016, 22:11, par Abazungu baratubesha
EAC itanga ivyokurya muri UE nabo bakaduha ivyuma. Mwumva gute?
8 Gitugutu 2016, 20:53, par Ppassci
KAGAME YARAZI KO ABARUNDI TUTIFISE ARAZA Y.IRABIRE