Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Akaruhuko katanzwe ku munsi wa mbere w’indwi iza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Akaruhuko katanzwe ku munsi wa mbere w’indwi iza

Akaruhuko katanzwe ku munsi wa mbere w’indwi iza

jeudi 2 Ruhuhuma 2017, par Egide NDUWIMANA

Ubushikiranganji bw’Abakozi n’akazi bumenyesha ko umunsi wa mbere igenekerezo rya 6 Ruhuhuma 2017 ari uw’akaruhuko.

Mw’itangazo ubwo bushikiranganji bwasohoye bamenyesheje ko bisunze itegeko ry’umukuru w’igihugu nomero 100/182, mu ngingo yaryo ya mbere, umushikiranganji w’Abakozi n’akazi yamenyesheje ko kubera umunsi mukuru w’ubumwe bw’Abarundi uhimbazwa kw’igenekerezo rya 5 Ruhuhuma uhuriranye n’umunsi w’Imana, uwo munsi mukuru uzoca uhimbazwa ku munsi wa mbere igenekerezo rya 6 Ruhuhuma.

"Uwo munsi wa mbere ukaba ari uw’akaruhuko, kandi abakozi ba Reta bazowuhemberwa", uko niko ubushikiranganji bw’akazi bubimenyesha mw’itangazo ryateweko umukono na Felix MPOZERINIGA, umushikiranganji w’abakozi n’akazi.


IGIHE

Messages

  • Twari tuzi ko hazoba ari ku wa kabiri. Kuko ku wa mbere w’indwi hazoba ari dimanche itariki 5 Ruhuhuma. Umusi w’Imana nawo uzwi n’Imana ni ku musi wa 7 itariki 4 Ruhuhuma. Subiramwo musome mu bitabo.Mu vyishe Uburundi harimwo no kugarariza Ivyanditswe Vyeranda. Uwo musi w’Imana utubuza kugira umusi mukuru w’Ubumwe bw’Abarundi wanditse mu yihe Bibliya? Kuki Abarundi dukunda gushigikira ikinyoma gusumba uko dushigikira ukuri ? Amaherezo azoba ayahe ? Ndemeza kandi nshigikiwe na Bibliya Yera ko hafi 90% vy’Abarundi basenga iyo mana ko bibeshe. Iyo mana itubuza kugira umusi mukuru wacu itariki zitanu kuri dimanche ndabona ko iyo mana idahuje n"Imana ya Yesu. Ntiboneka muri Bibliya. N’Imana ya Leta.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.