Accueil > Amakuru > u Burundi > Alain Aimé NYAMITWE yagarutse ku nyifato y’ibihugu vyivanga mw’ituganwa (...)
Alain Aimé NYAMITWE yagarutse ku nyifato y’ibihugu vyivanga mw’ituganwa ry’Uburundi
lundi 26 Nyakanga 2016, par
Mw’ijambo yashikirije i New York muri Reta zunze ubumwe za Amerika, imbere y’abagize inama nkuru ya ONU, umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, Alain Aimé NYAMITWE yagarutse ku ngendo z’ibihugu bimwe bimwe vyivanga mw’itunganwa ry’igihugu c’Uburundi, akaba yibukije ko Uburundi ari igihugu cikukiye kuva kuwa mbere Ruheshi 1962, kandi ko n’amoko atatu y’Abarundi abanye ata busumbasumbane, mu mahoro, kandi yose ahabwa ijambo mw’itunganwa ry’igihugu.
Muri ijo jambo yashikirije kuri uwu wa gatandatu, umushikiranganji Alain Aimé NYAMITWE yamenyesheje ko umutekano w’Uburundi ubandanya kwiyongera, avuga ko n’impunzi ziriko zirahunguka, aho akaba yatanze igiharuro c’abagera ku bihumbi 90 batashe mu mezi ane aheze. Alain Aimé NYAMITWE yasavye ko ibihugu bibanyi vyokworohereza impunzi zishaka gutaha mu ngo zazo.
Uwo mushikiranganji yaragarutse ku cegeranyo giheruka gusohorwa n’abahinga ba ONU mu bijanye n’agateka ka zina muntu, aho yaneguye ko kitisunze ivyashikirijwe n’inzego za Reta y’Uburundi, kandi ataho kivuga ibikorwa vy’imirwi yitwaje ibirwanisho itera Uburundi. Reta y’Uburundi yamenyesheje ko yiteguriye gushikiriza icegeranyo gikwiye c’ingene agateka ka zina muntu kifashe mu Burundi, ikazobikora mu nama yimirije izobera i Genève.
- Alain Aimé NYAMITWE, umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu
Reta y’Uburundi yasubiriye kumenyesha ishigikiye ko inzira y’ibiganiro, ariko ko aboganira ari abadafise ivyo babazwa n’ubutungane, nk’uko biri mu ngingo ya 2248 n’iya 2279 z’inama y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamkungu ONU.
Umushikiranganji Alain Aimé NYAMITWE yasubiriye kwizeza ko ata honyabwoko rizoba mu Burundi.
Muri urwo rugendo arimwo i New York, umushikiranganji Alain Aimé NYAMITWE yarabonye kuri uwu wa gatandatu n’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ban Ki-Moon.
Ban Ki-moon, yaramushikirije impungenge ziwe ku kungene ibintu vyifashe mu Burundi. Yarashimikiye ku gikorwa nkenerwa c’ukwubahiriza amasezerano ya Arusha. Yasavye Reta y’Uburundi gukora ibikenewe vyose, kugira ikingire ubuzima n’uburenganzira bw’Abarundi bose, umuntu ataravye imigambwe barimwo. Yasavye kandi Reta kurwanya umuco w’ukudahana.
IGIHE
Messages
26 Nyakanga 2016, 10:01, par vianney
babwire bumve kuburundi bwikukiye
26 Nyakanga 2016, 11:19, par Musaga
@Vianney ko wumva mama ushima ngo twarikukiye,twikukiye mu biki?mu bukene?Choléra?kwicana?kugira Président winyegeje mu mwobo?ukwikukira nyakuri ni amahoro ni amajambere,rabira k’u Rwanda
26 Nyakanga 2016, 12:26, par alia
ewe nyamitwe uri gitangaza ivyimpunzitaha mbega ziha zija hehe ? nibeshe ON nyene nayo umunyagihugu yabavuye muvyara azo hunguka nkakurya namwe mwahungutse ahubwo genda usigurire shobuja birya ban ki moon yabasavye hama bishigwe mungiro uretse ko ataco twiteze ko mugiye guhindura
26 Nyakanga 2016, 12:37, par Alain Nyabenda
Ino rapport ya ONU yarateye ubwoba reta peee. Abahinga ba ONU sibijuju nkuko aba dd bavyibaza. Guhakana rapport za ONU ninkumugenzo muba dd ariko ukuri ni kumwe. Kujana abantu bisonzeye mumabarabara( taxi vélo, taxi moto, timbayi n’abasavyi) sivyo bigaragaza ko agateka kazina muntu kubahirijwe. Mwaba dd isubireko vuba nayahandiho ntimwibaze mutazobazwa ivyo muri gakorera abarundi umwe umwe kugatwe kiwe.
26 Nyakanga 2016, 13:02, par Hutsi
@ Musanga, mbega kwabagabo bose batanganya ubutunzi hariho nabazintuka bajagukorera abandibagabo bagenzibabo kugira baronke icobafashisha imiryango yabo wibaza kokibuzako baguma bahurira kwizina rimwe ryokwitwa yabagabo?.
Hanyuma ukwibihugu bimwebimwe biriko birifata kuburundi birateye isoni nacanecaneko usangavyishi aribihugu vyibihangange uretse nkigihugu kimwegusa kigendera kumuhomu nkurutaro buca ivyacakiyemeyevyose ngokirakomeye mubutunzi nomubindivyose bijahabona.
Nayo ONU nibwobwambere kuva ibayeho ikoreye kumabwire yababeshi bafise ibigumbagumba vyamashavu yuko bananiwe gushikira ivyonashaka nakoresheje uburyobwose bushoboka.
26 Nyakanga 2016, 13:29, par ndiko jonas
nico gituma muriko murica abantu ngo na ndadaye yarapfuye nga na ngendandumwe ngo kubera abanmyama hanga sha nimwibandanirize mwice musubire mumenye ko hariho uwuzovyishura imana itamutabaye ngo imutware azovyishura sibimwe vya kera ubu ibintu vyarahindutse muzobibazwa pe.
26 Nyakanga 2016, 14:25, par kama gishi
hhhhhh ubundi igihugu gifite president aho uhagaze ni president uhajya ariko atinya koyasangayo paul kagame akamukurura amatwi komeza wigire ingangi musaza petero nzukira
26 Nyakanga 2016, 14:49, par Musaga
@Hutsi!kwitwa Umugabo nanje sinavuze ivy’ubutunzi navuze Amahoro, n’Amajambere y’Abanyagihugu muri rusangi,none nkubu wohera hehe uhayagiza CNDD FDD?ndaguha urugero nko mu Rwanda je narashitseyo muri 1996 nsubirayo 2013 ubona develloppement, ubwonko bw’abo burasukuye, barakunda igihugu cabo
26 Nyakanga 2016, 14:54, par Twaje
Kubwokubera ONU atariyumuntu runaka canke ngwibe iyibihugubimwe, Birakenewe ko abobose bamaze imisi batanga ama report yububeshi ku Burundi bakurwe mukazi kuko bitabaye ivyo ivyobagiye kuzokora nibobakurikira:
KUBERA USANGA ARABANTU BIFISE BAGIYE KUZOCABARONDERA UBURYO BASHIGIKIRA ABANTU BOGUHUNGABANYA UMUREKANO WABARUNDI NU BURUNDI BWABO MUNTUMBERO YOKUGIRA BAZOCE BAVUGA NGO BARIBABIVUZE, ARIKO ARIKO UKWO ABARUNDI BIPANZE UYUMUSI BIZOBAGORA NKUKO VYABAGOYE NAMBERE.
IKINDI MUTABAKUYE NUKO ONU BITARENZE 2017 IGIYE KUZOBAMWO AMAHANE AKOMEYE CANE KANDI KUYAHAGARIKA BIZOGORANA .
IKINDI NUKO IVYAVUZWE NUMUNTUMWE MUKIGANIRO IMVONIMVANO CACIYE KURI BBC AKAVUGAKO AMATEGEKO YA ONU YOMUBINJANA VYAHEZE KWADASHOBORA KUBANDANYA AKORA MWIKIKINYENJANA CA 21 ARUKURI ONU IRAKWIYE GUHINDURA IBINTU VYISHI KUKO BIRABABAJE AHO UMUNTU AJAGUKORA MUGIHUGU RUNAKA AKABESHA AKANAVYEMANGA YISUBIRIZA IVYOVYOVYARA INTAMBARA MBICANE Y’ISI YOSE.
26 Nyakanga 2016, 14:57, par Mob
Reka nibarize,i gihugu c,uburundi ntabwo kikigira président?murakoze
26 Nyakanga 2016, 16:34, par amiri
vyukuri mwashaka mwokugara iki kinyamakuru kuko ntakinyamakuru gishakirwa gusa abantu bashigikiye aho ikinyamakuru gishaka ko abaribo ivyiyumviro vyabo vyogaragara ubundi uwuza guca urubanza araba hose agahitamwo, ubwo birumvikana ko muhengamiye ahantu kandi mwicira urubanza kuko muzi ukuri muhava mushikirizwa muncamake ntaco muzoshikako mudahaye ajambo bose.
26 Nyakanga 2016, 21:17, par Deo iDeo Niyorukundo
komeza sha Nyamitwe k’uburundi atari igihugu co guhonyangwa.umwaka w’ishure watanguye ntaterabwoba tugikeney baturek twiyigir twisanzuy mu gihugu cacu.
26 Nyakanga 2016, 21:31, par Athuman Bayubahe
Koyavuze Ko Atahonyabwoko Rizosubira Kuba Abizi Gute? Ihonyabwoko Nugutahuza Kwimigabwe Kubwivyo Imigabwe Myishi Iriko Iriziza Beshi Baha Munkambi Nyarugusu Mukibira Di Nyarugusu
26 Nyakanga 2016, 21:32, par Athuman Bayubahe
Koyavuze Ko Atahonyabwoko Rizosubira Kuba Abizi Gute? Ihonyabwoko Nugutahuza Kwimigabwe Kubwivyo Imigabwe Myishi Iriko Iriziza Beshi Baha Munkambi Nyarugusu Mukibira Di Nyarugusu
27 Nyakanga 2016, 01:47, par Hutsi
Mukundwa Athuman Bayubahe,
Mwenubwonyene tubukorera nkakwakundi kwomuri Cibitoke na Kayanza canke nkakumwe twagira bumwe bwatera kumakambi yabasoda. None mwenebirya vyokwivuna umwansi navyotwovyita kwari Jonucide? Ekanda burya iyotububonye turahanagura kandi tundi nicogituma dufise ijambo ryitwa ngo’ kwivuna umwansi/abansi. Nonesivyo ga mukundwa?
27 Nyakanga 2016, 06:58, par morodikayi.
Urinyamitwe kabisa izina niryo muntu, ivyuvugavyose nuburyoma gusa ntakuri kurimwo! none gasha ababantu birirwa baragandagurwa burimusi,babaye inkoko zoguteka mumahoteri?.umenye yuko abomuriko murica kwari bayomba bawe, bewibagiye yuko uwakwonkeje ibere kwarumututsi ? burya uwavuze ati haguhura nincage wohura numuhutu atacanze, kuko abafukamye igihugu munda nabiyita ngo nincange, ariko bizohinduka.
27 Nyakanga 2016, 07:39, par keven
barabeshambega umutekanowoba.uhari.abantubakirigwabarapfa?urazi.abantubamazegupfamuburundi.kandi.imborakurenizozibikora ashatuzobona.uwomuhimbi.ararekuyetwiruhutse.abacuyabatumariyeko.ahubwonimudufashemumuheruje.mwobamukoze!
27 Nyakanga 2016, 09:20, par umuganwa
Murajayo mubaze abanyagihugu babo ingene bagowe, ubutaka barabubambuye bagaca banabukota Ku mwaka, imisoro irazimvye ugura umuduga wa 3500000frw bagaca bagusoreaha 4600000frw, amahera NGO y isuku na securite 4000/mois kuri buri munyagihugu, amakori TVA,ILD,IR 56/100 yico uguze PATANTE 40000/an ,AGACIRO, SECTEUR 10000/MOIS mituel 3000 ayo yose yakwa buried munyagihugu bangana na 12million, hama amasoko yose agaca akorwa na cristal ventures no kudandaza vyose ya fpr, ivyo vyose bikakwa umunyagihugu wantaho nikora , ESE ibyo iburundi Niko leta ibikora? Niba iborohereza mugomba muronke uzabagenza uko NGO nindongozi? MWe amoko asangiye ubutegetsi neza muzabaze in gene mu Rwanda abahutu n sbatutsi bahahora avant 90 aringohwa, mwahezango u Rwanda rurubatse ivyabantu bace ba famille bavuye UGANDA bakura mu ngogwa z abanyagihugu, udashuzeko nayo basahuye congo n inguzanyo nyinshi MVA makungu bariko barafata abanyagihugu bazishura. Ahubwo a barundi mwarahaze murarengwa muzicuza nkabanya LIBIYA nimubandanya
27 Nyakanga 2016, 13:12, par elie
Yemwe Bantu muririmba ihonyabwoko murabaza abanyarwanda barizi hama mureke guhoha ihonyabwoko.abarundi ivyihonyabwoko baramaze kurirengera.abaryifuza nabo bararijana iwabo
27 Nyakanga 2016, 15:29, par amiri
Vyukuri hari ibintu unavyumvije binatwenza, mbe amanyanga ahaye akinwa nabanyepolitike muri rusangi ninde umurundi ubu atarayamenya, nubwo abarundi bagihisha ingorane zabo vyukuri hari imirwi 3 yabacuramitse igihugu cuburundi, umurwi wambere, ni abashaka ibiti batarinze kuraba inyungu zumunyagihugu, umurwi wakabiri, nabitwaza ubwoko ko ubu canke buriya butwaye buzohonya ubundi bwoko, kandi iyo akaba arinyigisho mbi mubanyakihugu umurwi wanyuma nabaraho bakora nabakoreshwa mugusesa amaraso bakiyumvira ko amahoro bazoyaronka babanje kumena amaraso yinzira karengane je ndizeye ko uwuzoshaka gutuza umututsi canke umuhutu yaba numutwa azoba yihinze umuti wabarundi nitwebewe nyene, none se ndababaze mukirundi barayamaze ngo" uwufise ikirindi niwe nyene imbugita" tureke guhendwa ngo mama bahaye barasenyura intwaro uko ariko imyaka igenda abantu bakaguma mubuhungiro aho kuja kubaka igihugu cabo, ntituze titiranya ibihe bantu, bose baraciye ubwenge twegere igihugu cacu tucubake, ivyo gutukana no kubeshanira uko abantu batari ntaho bizodushikana murakoze
27 Nyakanga 2016, 15:45, par amiri
nagira nshimire ababanditsi bikinyamakuru IGIHE kugusoma inkuru natanze maze bakanyereka ko bakiriye iciyumviro canje bakanagishira ahabona kenshi nandika simbone ko vyashitse bikantera umujinya mwakoze
27 Nyakanga 2016, 17:47, par Kigeri Sankara
@ Keven, wanyibaririye icyo gihugu kimwegusa kw’Isi nzima atabantubapfa maze nigendere kwiturirayo?
27 Nyakanga 2016, 19:03, par Folmand
Mbe ko Prezida wacu, abanyarwanda mumwagiriza cane ngo aranyegeye? N’urukundo kweli? Canke mushaka kumugira nka Ntaryamira?
28 Nyakanga 2016, 12:31, par None
@ kigeri sankara, ibyubaza Kevin ntaho bihuriye, gupfa twese tuzapfa, ico abantu bavuga nuko mu Burundi ari leta yica abenegihugu ibaziza ubwoko bwabo kyangwa ibyiyunviro byabo, kuvuga rero ngo igihugu aho abantu badapfa niwahabona niyo nzira yatwese, ikibazo nuko bicwa na l’etat.
28 Nyakanga 2016, 18:29, par Mahi
Niwirambire
29 Nyakanga 2016, 08:27, par Musaga
#BurundiToday 28-09-2016: #ISAZI HAMWE YOMENYA UBWENGE ,YOKORA UBUKI !
.
#UMUGUMYABANGA YATWANDIKIYE ATUBAZA NGO:
.
MU NTANGO BATUBWIRA NGO IGIHUGU C’URWANDA KIRASIBIJE IGIHUGU ,TUJA MW’IBARABARA NGO TWIYAMIRIZE ICO GIHUGU HAMWE N’ABAKIRONGOYE!
.
URWANDA RUHAVUYE,MUNYUMA BATUBWIYE KO UBUBIRIGI BUSHAKA KUZA KUDUSUBIZA MUBUKORONI, NAHO NYENE NGO SHIDUKANA NIYONKA KUGIRA TUBWIYAMIRIZE ! IVYAKURIKIYE NTAVYO TUZI AHUBWO TWAGIYE TWUMVA AIME NYAMITWE YAGIYE GUSABA IKIGONGWE !
.
NTIVYAHEREYE NGAHO, BATUBWIYE NGO IGIHUGU C’UBUFARANSA KIRIMWO KIRATWINJIRIRA AHUBWO KO TWONYARAGASA TUKAZINDUKA MUMUTWENZI KUGIRA TWIYAMIRIZE UBUFARANSA KUKO NGO MU BURUNDI TWARIKUKIYE !
.
UBU NAHO BAGENZI ,HAGEZE YAHO BATUBWIRA NGO TWIYAMIRIZE ONU ,NUKUVUGA YUKO TURIKO TURIYAMIRIZA IBIHUGU VYOSE BIGIZE ISI YOSE! MBEGA IYO NTAMBARA YISI TUZOYISHOBORA?
.
BIRAKOMEYE : MBEGA AYO MASHIRAHAMWE YOSE,IVYO BIHUGU VYOSE NIGIKI DUPFA? KUBERIKI BABONERA UBURUNDI GUSA? UKWO BIRI KWOSE ABAGUMYABANGA TURAKWIYE GUKANURA TUKARABA KURE HASHOBOKA KUKO ABATEGETSI BACU BARIKO BADUTAMBUKIRAKO NK’IBIRARO KUGIRA BISHIKIRE IYO BASHAKA GUSHIKA!
29 Nyakanga 2016, 11:33, par Tuy ja
Jag
29 Nyakanga 2016, 14:20, par alidi hicuburundi
weshaaa nyamitwee siku yamwizi ni arubaini mumeshaa danganya sana kwasasa mwisho wenu umefika musubiri jibu kutoka kwamungu.