IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Alain Diomede NZEYIMANA:’’Ikibazo c’umuyagankuba kizoherana n’ukwezi (...)

Alain Diomede NZEYIMANA:’’Ikibazo c’umuyagankuba kizoherana n’ukwezi kw’umunani’’

samedi 24 Ruheshi 2017

Alain Diomede NZEYIMANA avuga ko haheze iminsi hari imyidogo mu banyagihugu, bavuga ko kubera ikena ry’umuyagankuba hari abadashobora kurangura imirimo yabo neza, na cane cane abakorera mu bisata bikenera umuyagankuba.

Icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu avuga ko Reta y’Uburundi yiyemeje gukora ibishoboka vyose, kugira ikibazo c’umuyagankuba gitorerwe inyishu vuba cane, gutyo abanyagihugu babandanye gukora ibikorwa vyo kwiteza imbere.

Alain Diomede NZEYIMANA akamenyesha ko, mu ntumbero yo gutorera inyishu ico kibazo nyene, hari izindi ngomero z’umuyagankuba ziyongera ku zari zihasanzwe ziriko zirubakwa mu bice bitandukanye vy’igihugu.

Icegera c’umuvuzi w’umukuru w’igihugu Alain Diomede NZEYIMANA yabishikirije kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 23 Ruheshi 2017, mu kiganiro catunganijwe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu, bashikiriza aho Reta ihagaze ku cegeranyo cashikirijwe i Geneve, ku bijanye n’agateka ka zina muntu mu Burundi.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Iyo ni inkuru nziza turayikengurutse cane kuko umuyangankuba ni kirumara mu buzima bw’abenegihugu cane cane ababa mu bisagara. Dusabako ivyigwa vyobandanya bikorwa kugira ngo haboneke ibiharuro vyerekana urugero umuyangankuba uzoba ukeneweko ku mwaka ku mwaka eka mbere haniyumvirwe hongere hashirwe mu ngiro ubundi bwoko bw’imiyagankuba bwokoreshwa atari gusa ubuvuye ku mazi (akarorero: izuba,umuyaga,biogaz,....). Vyofasha nko mu gihe amashure afise uburaro,amabohero,...batokoresha REGIDESO gutyo bagasahiriza abandi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.