Accueil > Amakuru > u Burundi > Alain Guillaume BUNYONI avuga ko ata muntu ahohoterwa ahowe (...)
Alain Guillaume BUNYONI avuga ko ata muntu ahohoterwa ahowe umugambwe
mardi 17 Ndamukiza 2018, par
Ariko ashikiriza ivyaranguwe n’ubushikiranganji bw’umutekano mu mezi 3 aheze, Alain Guillaume BUNYONI yamenyesheje ko iyo umuntu uwariwe wese ahohotewe biciye kubiri n’amategeko ari umwitwarariko w’abajejwe umutekano kandi iyo habaye akaguma gatewe n’ihohoterwa ryakozwe n’abajejwe umutekano batabara, bagakorana n’inzego zijejwe ubutungane kugira amategeko akurikizwe.
Alain Guillaume BUNYONI yavuze ko namba hari abahohotera abandi, bikorwa n’abava mu bwoko bwose, imigambwe yose n’amadini yose, agasaba ko abantu bakwiye kuza baravuga uko bimeze, iyo umuntu akoze ikosa umugambwe ntabe ariwo uboneka ubwa mbere.
Alain Guillaume BUNYONI yavuze ati : “Abantu baze baravuga uko ibintu biri, inka tuyite inka, iyo umuntu yakoze amakosa canke yarenganijwe, umugambwe wiwe siwo woca uboneka. ”
- Alain Guillaume BUNYONI, umushikiranganji w’umutekano
Uwo mushikiranganji w’umutekano amenyesha ko inzego z’umutekano zimaze gutunganiriza abarundi imyaka itari mike, akavuga ko abantu badakwiye kwiha akaranga mu kudurumbanya umutekano kugira bavugangwe, ahubwo uwuhohotewe yokwitura inzego z’umutekano kugira atunganirizwe biciye mu nzira y’amategeko n’ituze.
Nayo ku bijanye n’ibivugwa ko hari abafatwa bariko barigisha kuzotora “OYA”, umushikiranganji Alain Guillaume BUNYONI yamenyesheje ko uwofatwa ariko aravyigisha yohanwa kuko ikiringo co kwigisha ivyerekeye ivy’ibwirizwa shingiro kigengwa n’amategeko kandi kitaragera.
Vianney BIKORIMANA
Messages
17 Ndamukiza 2018, 22:06, par Birori
Ngo uhohoterwa binyuranyije n’amategeko none hariho uwemererwa namategeko guhohoterwa? yewe Burundi uragowe pee Niba indongozi zanyu aruko zimeze zose muragowe kbsa
20 Ndamukiza 2018, 13:59, par irishura
birakwiyeko dufatwakumwe gukwigihugu nicabarunditwese. d d ntiwishirehejuru ntawuhorakungoma.