Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB u Burundi
Amabanga ya bamwe mu ndongozi z’igiporisi c’Uburundi yahindutse
Yanditswe taliki ya 5-10-2016 - isaha 13:18' na IGIHE

Umukuru w’igihugu yateye umukono kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 4 Gitugutu 2016, kw’itegeko rigena abategetsi bashasha mu nzego zitandukanye z’igihugu c’Uburundi. Muri iryo tegeko, intara zibiri zahawe abakuru b’igiporisi bashasha.

Umukuru wa « Bureau Spécial » mu buyobozi bukuru bw’igiporisi, OPC1 MSABO Salvator.

Umukuru w’ibiro bijejwe ivyigwa hamwe n’ugutunganya ibikorwa vy’igiporisi, CP WAKANA Laurent.

Umukuru wa "Bureau Informatique" mu buyobozi bukuru bw’igiporisi, OPC1 NKURUNZIZA Dieudonné

Icegera c’umuyobozi mukuru w’igiporisi kijejwe amabohero, OPC1 MIREREKANO Paul

Icegera c’umukuru w’igiporisi c’inyamiramabi mu karere k’ubuseruko, OPP1 NDAYIRAGIJE Gédéon

Icegera c’umukuru w’igiporisi kijejwe amabohero mu karere k’ubuseruko, OPP1 BIZINDAVYI Gilbert

Umukuru w’igiporisi mu ntara ya Karusi, OPC1 NTIBIBOGORA Jérôme.

Umukuru w’igiporisi mu ntara ya Muramvya, OPC1 RYAKIYE Isidore.

Umukuru w’igiporisi kijejwe gukingira imico, akaranga hamwe n’abana, OPC2 NDIHOKUBWAYO Willy.

Icegera c’umukuru w’igiporisi kijejwe kurwanya iterabwoba, OPP1 NIBIGIRA Olivier.

Ivyiyumviro vyanyu

Hindura ba DOKIMANTATION basigaye bakora ivyo bumvishije mubanyagihugu ukwankana kwabanyagihugu ntibabikurikiza basigaye ari ba nsumirinda

9.10.2016 à 19:57
ngusha

Hindura ba DOKIMANTATION basigaye bakora ivyo bumvishije mubanyagihugu ukwankana kwabanyagihugu ntibabikurikiza basigaye ari ba nsumirinda

9.10.2016 à 19:51
ngusha

Uko nugushaka kunyegeza babicanyi kugira sentare mpuza makungu ntikunde ngo ibakurikirane mugabo nukwihenda kuko mubazoherwako ariwewe nyene number 1

7.10.2016 à 04:17
tari

aho nisawa kabis muta bandanya nabandi ubahndure

6.10.2016 à 19:39
ndikuriyo jerem

NUrI uwomutama nintari twamutoye nga dutware mumahoro none mwomenyera ,ababana bacu bafise ikibazo yarakimenye nga gitorerre umuti kuko twabuze ayo ducira nayo tumira nahagarare nkumuvyeyi adusubirize umutima munda kugira ,abana basubire gusinzira nayahande ntawundi tweza amaso atariwe kuko izija guhona zihera muruhongore murakoze abamushikira

6.10.2016 à 17:17
kabira

guhindura inzengo sibibi ariko nukuraba igituma yahinduye inzonzengo none abagenywe barafise ububasha buruta abahahora bwo gukingira abenegihugu.

6.10.2016 à 15:12
vianney

Feli Brown ihangane mugenzi acabatwara Nkurunziza Peter kuko arabashoboye musubire akazagari basa.Azobatwara gushika muri 2020.

6.10.2016 à 10:41
Burundi

Iryo Kinamico Ryabo Bamenja Risagaye Rishisha

6.10.2016 à 09:57
@Feli.Brown@

Wagize neza mutama guhindura ingwe ukazana intambwe Hasigaye gusa guhindura umukuru w’igihugu nibakuzanira ngowemeze kumuhindura ntuzotevye mutama wanje

5.10.2016 à 22:12
Nzopfamvuga

Igikuru nuko bomenya ico arico nacane cane bakamenya ko ataribo bonyene inseruka rukamvye hari nababasumvya ubutwari, abo babunganya abo babusumvya.

5.10.2016 à 21:12
NIYINTUNZE Audace

Nibakvye

5.10.2016 à 19:51
Z

GANZA SABWA MUTAMA WACU

5.10.2016 à 19:48
Mole Isa Cerere

egome nabandanyekuvugurur inzego kuk abavyonzinubuntibarahera. mutamawac arabon ibikenewe kuko igihugugitegerezwagutwarwan abantubiyemera

5.10.2016 à 19:11
nsaguye andré

Ese ko nta bigeme turiko turaraba kuri liste ? ntaho bashoboye gutwara mu gipolisi canke ni uguhonyora igitsina gore ?

5.10.2016 à 15:35
Karimu

Ok none ivyo bihindura iki ? Haragahengwe bizozana ? Izo ni dili pour faire face àUE ou àl’ONU ? Reka turindire ibiva mwishirahamwe NONOKA. Ubwo PRIME ntabuze ico yateguriye abatavuga rumwe na cndd-fdd !!!!

5.10.2016 à 14:13
Alain Nyabenda

Komera mutama sivyo ukora turabishima base bakorer abenegihugu neza duteramire amahoro

5.10.2016 à 13:49
fils jde Dieu

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.