IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amabanki yasabwe kudaca inkokora abarondera ingurane z’ukurangura imigambi (...)

Amabanki yasabwe kudaca inkokora abarondera ingurane z’ukurangura imigambi y’iterambere

lundi 1er Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA arashima ko Uburundi buhimbaje umunsi mukuru w’abakozi n’akazi mu gihe impunzi zibandanya gutahuka kandi n’abaheruka guhungira inzara mu bihugu bibanyi bamwe bitiranije n’impunzi za politike bariko baratahuka ku bwinshi, nk’uko vyemezwa n’uwurongoye Uburundi. Abatarahunguka nabo yababwiye ati : "Turasubiye guha ikaze abatahutse, turarika n’abacijijanya imitama ngo bajijuke batahuke. Igihugu ni rwabo kandi inguvu, ubwenge n’ubumenyi bwabo Igihugu kirabikeneye, vyongeye ivyagusa bitera ubwenge buke."

Petero NKURUNZIZA yashikirije ko mu misi ya vuba, hagiye gushirwaho umugambi w’Igihugu wo kugwiza akazi ku rwaruka cane cane urwo hagati mu gihugu, uwo mugambi ukazotuma abantu benshi bagifise ishaka ryo gukora baronka akazi, mbere bakazoharonkera n’inyigisho z’imyuga zizotuma baca bitunganiriza imigambi, bakoresheje amahera avuye muri ivyo bikorwa. Ariko rero, kugira uwo mugambi uranguke neza, umukuru w’igihugu Petro NKURUNZIZA hari ivyo yasavye amabanki

"Turasavye amabanki n’abo bose batanga ingurane kudaca inkokora abafise imigambi myiza mu kubaka inyungu z’umurengera. Nibategere ko amahera bakoresha ava mu bantu, baheze bagire uruhara mw’iterambere ry’abantu."

Ijambo umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ashikirije Abarundi abipfuriza Umunsi mukuru mwiza w’Akazi n’abakozi

Barundi, Barundikazi,
Bakoresha, Bakozi,
Ncuti z’Uburundi;

Kuri uyu musi turamutse duhimbaza umusi mukuru mpuzamakungu w’abakozi n’akazi, umusi wama uhimbazwa kw’isi yose igenekerezo rya mbere Rusama, turakengurukiye Imana Mushoboravyose yo yatugiye imbere ikadushoboza kurangura imirimo yacu. Nihabwe icubahiro.

Turifatanije n’abakozi bose mu kwigina uyu musi mukuru, kuko twese turi abakozi. Tuwuhimbaze tuzirikana ingene watanguye, igihe abakozi isinzi bo mu gisagara ca Chicago muri Amerika ya ruguru bagira imyiyerekano, basaba ko bogabanirizwa amasaha y’akazi gushika ku masaha umunani ku musi, kuko bakora amasaha menshi abavuna, bagatako bagafatwa nk’abaja. Hari kw’igenekerezo rya 01 Rusama 1886.

Kw’izina rya Leta no kw’izina ryacu nyene, turipfurije abakozi bose umusi mukuru mwiza, umusi mukuru w’akanyamuneza, muwuhimbaze ataco mwinona, kuko amahoro n’umutekano bisasagaye mu gihugu cose. Aho muri muyage akazi, mwihanagura akuya, mwishime mwishimirize kuvyo mwaranguye neza, mwongere mwigire inama y’ingendo nshasha izobashikana ku yindi ntambwe.

Icivugo kizoturongora mu bikorwa vya misi yose muri uno mwaka naco ni iki: «Twijukire ibikorwa vyo soko ry’iterambere ry’imiryango yacu n’Igihugu ».

Barundi, Barundikazi,
Bakoresha, Bakozi,

Birashoboka ko hoba hariho abibaza igituma amakungu yama ahimbaza umusi mpuzamakungu w’abakozi n’akazi kw’igenekerezo rya mbere Rusama.

Imvo nyamukuru si iyindi: ni ugutereza amaso inyuma kwa zina mukozi wese, no gukubitiza agatima mpembero, akamenya iyo yavuye, aho yaciye, aho ateye n’iyo yerekeza. Uyu ni umusi udasanzwe mu buzima bw’abakozi n’akazi. Muti gute?

Ni umusi uduha akanya keza ko kuzirikana uruhara ruhambaye abakozi bo mu gisagara ca Chicago bagize baharanira agateka kabo, bakanka gufatwa nk’abaja ku kazi, bamwe mbere bakahasiga ubuzima. Nk’abakozi rero, ntitworeka kwama tubibuka kuko babereye incungu abakozi bo kw’isi yose, na twebwe turimwo.

Ni umusi uduha akaryo keza ko kwiyumvira akazi kacu, tukirimbura, tukikebuka, tugahindura ingendo kugira turushirizeho kukarangura neza, twubahiriza amategeko.

Ni umusi udufasha kwibuka ingene benshi twaronse akazi bitugoye, tukazirikana n’agateka gahambaye dufise ko kwitwa abakozi.

Ni umusi udukebura ngo twame dutegura neza ibikorwa, kugira tubirangure tutagenza umutwe nk’uruyuzi, tudata umwanya kandi tuzi ico dushaka gushikako.

Ni umusi udufasha kwibuka uruhara ntangere rw’akazi n’urw’umukozi mwiza mw’iterambere ryiwe, ry’umuryango wiwe n’iry’Igihugu, ata handi riva atari mu bikorwa.

Ni kandi umusi wo kwivuna umusase, abakozi bagahura bakiginana, bagasangira umwimbu nk’uko basangiye ikivi.

JPEG - 101.1 ko
Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA

Si ivy’imbeshere, uyu musi mukuru ushitse turi mu gihe ciza cane, amahoro n’umutekano vyiganje mu gihugu cose. Ivyo tubikesha ugukorana neza kw’abajejwe intwaro, abajejwe umutekano, abajejwe ubutungane n’abenegihugu, tutibagiye na ya makomite y’umutekano. Turashimiye abo bose baterereye agacumu k’ubumwe muri aya mahoro n’umutekano dufise uno munsi, tutibagiye mwebwe abakozi.

Muri uno mwaka haribonekeje inzara mu ntara zimwe z’Igihugu kubera uruzuba ruva kw’ihindagurika ry’ibihe. N’aho biri uko, dutereje amaso hirya no hino, turabona ko umwimbu w’impeshi uzoba mwiza mu gihugu cose. Dusavye abenegihugu kutawusesagura canke ngo bawumarire kw’isoko, tuzirikane ko iyo nzara igeramiye ibihugu bitari bike kw’isi na cane cane akarere turimwo.

Uyu musi mukuru tuwuhimbaje kandi mu gihe impunzi zibandanya gutahuka kandi n’abaheruka guhungira inzara mu bihugu bibanyi bamwe bitiranije n’impunzi za politike bariko baratahuka ku bwinshi. Turasubiye guha ikaze abatahutse, turarika n’abacijijanya imitama ngo bajijuke batahuke. Igihugu ni rwabo kandi inguvu, ubwenge n’ubumenyi bwabo Igihugu kirabikeneye, vyongeye ivyagusa bitera ubwenge buke.

Ego ni vyo ibibazo vy’ubutunzi birahari kandi si mu Burundi gusa. Ariko ishaka, umwete n’ubwira ku bakozi ni yo nzira irashe yo kuva muri ivyo bibazo. Kurwanya ubukene si urugamba rw’umwaka umwe, ni igikorwa ca misi yose, kandi turashima ko Abarundi benshi bamaze kubitegera, twame tumenya neza ko n’ibihugu vyose vyo kw’isi vyitwa ko bitunze vyabanje kuba bikene, ivyo dukenye bitubere akaryo ko kwikenura maze dutere imbere.

Barundi, Barundikazi,
Bakozi, Bakoresha;

Kuva Leta ihagurukiye ikibazo c’akazi n’ubukene, urwaruka ruriko rurahindura ingendo mu kwijukira gukorera hamwe no mu gushinga amashirahamwe yarwo bwite, rubifashijwemwo n’ikigo kijejwe gushira mu ngiro umugambi w’Igihugu wo kunagura no kugwiza akazi, hamwe n’abafasha Uburundi mu gisata co kugwiza no guteza imbere akazi.

Ku rwaruka 2407 rwari rwiyandikishije muri ico kigo mu mwaka w’i 2016, abashika 220 bararonkejwe akazi mu mashirahamwe atandukanye, 180 nabo bararonkejwe inyigisho. Ariko turabona ko ivyo bitigiri ari bito cane turavye abakeneye akazi.

Dusavye amashirahamwe yose ngo akorane n’ico ikigo, amenyeshe ubuzi bwose atanga, kugira ababurondera bose babumenye. Turasavye kandi ko ka mwanawamama na mpingayanje vyoranduranwa n’imizi, akazi kakaronswa abagashoboye.

Mu misi ya vuba kandi, hagiye gushirwaho umugambi w’Igihugu wo kugwiza akazi ku rwaruka cane cane rwo hagati mu gihugu, uzotuma abantu benshi bagifise ishaka ryo gukora baronka akazi, mbere bakazoharonkera n’inyigisho z’imyuga zizotuma baca bitunganiriza imigambi, bakoresheje amahera avuye muri ivyo bikorwa.

Kugira imigambi nk’iyo irame, bisabwa ko ibigega vyo kuziganya no kuguranana bito bito biterera mw’iterambere ry’abenegihugu, abajejwe intwaro nabo bagakwirikiranira hafi irangurwa ry’iyo migambi mu ntara n’amakomine bajejwe.

Turasavye kandi amabanki n’abo bose batanga ingurane kudaca inkokora abafise imigambi myiza mu kubaka inyungu z’umurengera. Nibategere ko amahera bakoresha ava mu bantu, baheze bagire uruhara mw’iterambere ry’abantu.

Nk’ukwo bigenda mu bindi bihugu, amabanki yo mu Burundi yari akwiye gufata mu mugongo iterambere ry’Igihugu biciye mu ndero, inyigisho nkarishabwenge, ubushakashatsi, inkino, amagara y’abantu, gukingira ibidukikije n’ibindi.

Ku bijanye no kurwanya ubukene, Leta ifashijwe n’Ibanki y’isi yose, igiye gutanguza vuba umugambi wo gufasha imiryango ishika 1000 mu kubaha amahera 20.000 ku kwezi mu kiringo c’imyaka ibiri n’igice, kugira bisununure, babigishe n’imigambi izotuma bava muri ubwo bukene. Ivyo bikazotanguzwa mu ntara 4, imbere yuko bikwiragizwa mu ntara zose z’igihugu cacu.

Biraboneka neza rero ko nitwagwiza imigambi nk’iyo dushobora gushika kuri rya hangiro ry’ingene twipfuza ko igihugu cacu coba kimeze mu 2025, ubukene n’ubushomeri vyagabanutse bimwe biboneka, ukuzera inze bisigaye ari umugani mu gihugu cacu. “Twijukire ibikorwa vyo soko ry’iterambere ry’imiryango yacu n’Igihugu”.

Turashimiye abakozi mwese kuko mutacitse inkokora mukaguma ku mirimo yanyu, mugatako mugashigikira benewanyu bo mu ntara zaranzwemwo inzara. Turabashimiye cane kuri uwo mutima wo gushigikirana wabaranze, nkuko ari ko vyamye biranga ba sokuru bacu igihe cose baba bari mu bihe bigoye.
Ntitworeka gushimira n’abatangakori bagenda biyongera kandi batahura gusumba akamaro ko gutanga ikori, bikabonekera ku mahera yinjira mu kigega c’Igihugu. Nko mu mezi atatu ya mbere y’uno mwaka, hinjiye hafi imiriyaridi 179 ku miriyaridi hafi 171 zari zarategekanijwe, ni ukuvuga ko habonetse umusesekara ungana imiriyaridi 8.

Turashimiye abakozi bose bakoze bumvikana n’abakoresha, bikaba vyatumye haba icuka ciza ku kazi, amayegereyegere n’imyidogo navyo biragabanuka. Mwomenya kandi ko mu bijanye no kworohereza abakozi n’abakoresha, Leta ifadikanije n’abaserukira abakozi n’abakoresha, iriko irasubiramwo ca gitabu c’amategeko y’akazi kugira haboneke amategeko ajanye n’ibihe tugezemwo.

Turasavye abakoresha kwama hafi y’abakozi bajejwe. Iruhande yo gukurikirana, kugenzura no kurimbura abakozi n’akazi, abakoresha basabwe gutunganya amanama kugira umwe wese amenye neza amategeko y’akazi, uburenganzira bwiwe n’ivyo asabwa n’amategeko y’akazi.

Birakenewe kandi ko abakoresha bokwama na ntaryo batera intege abakozi bitanga batiziganya, muhanure bibaye ngombwa muhane abanebwe, ibigaba, abatubahiriza amasaha y’akazi, n’izindi ngeso mbi zikunda kwibonekeza ku kazi, kugira bibuke, bamenye ko kazoza keza kabo n’ak’Igihugu ata handi kazova atari mu bikorwa vyiza bijanye n’ubwira n’umwete.

Abajejwe intwaro namwe, nimubandanye guhimiriza abo murongoye, na cane cane urwaruka, bitabe imirimo, bashinge amashirahamwe, bakore bateze imbere imiryango yabo, baterere no mw’iterambere ry’Igihugu, bahereye ku makomine bavukamwo no mu kibano.

Nimubahimirize bitabe ibikorwa rusangi, bubake amashure, ibitaro, amavuriro, ibiro vy’indongozi, amasoko, amazu y’amahuriro, amabarabara y’imigenderanire, amazi ya rusengo, ibibuga vy’inkino, tutibagiye no gukingira ibidukikije naburya ihindagurika ry’ibihe ari ryo nkomoko y’inzara, isenyagurika ry’amabarabara n’amazu tumaze iminsi tubona mu gihugu cacu. « Twijukire ibikorwa vyo soko ry’iterambere ry’imiryango yacu n’Igihugu ».

Bakoresha, Bakozi,
Barundi, Barundikazi,

Kugira umwimbu n’iterambere vyiyongere, twashaka tubagire inama:

Imbere ya vyose, mugire urunani rw’intamenwa mukomeze amahoro n’umutekano. Ivyo ni karahara mu ruganda ntibacura.

Muri urwo runani nyene, mushigikire imigambi ya Leta yo kurwanya ubukene n’inzara, mukorere mu mashirahamwe, mukore mufatanye mu nda, muhuje umutima n’inama.

Abajejwe intwaro, abanyepolitike, abarongoye amashengero n’amadini, eka abo bose barongoye abandi babandanye bahimiriza abo baserukira na cane cane urwaruka ngo rwijukire ibikorwa, rwige imyuga rutegure kazoza karwo.

Tuvire hasi rimwe turwanye urudandazwa rutemewe n’amategeko, cane cane rw’ubutare ikawa n’isukari, twongere turwanye twivuye inyuma abatanga n’abarya ibiturire.

Nk’abakozi muzi ingaruka mbi z’igiturire, nimushigikire umugambi w’Igihugu wo kurwanya ibiturire, mubituze kuko ibiturire ari umwansi w’akazi, umwansi w’iteka, umwansi w’iterambere rya bose. Ni urugamba rero rwa twese.

Tuzirikane kandi ko iterambere nyaryo rishimikiye ku mico myiza, imigenzo n’akaranga ka ba sokuru.

Muri iki kiringo Umugwi wo kumenya ukuri no kunywanisha Abarundi winjiye mu gikorwa cawo nyezina, dusavye abakozi n’abakoresha ngo mutange intererano zanyu, kugira Abarundi tumenye ukuri ku mabi yagiye aradushikira, gurtyo ntitwame dusubira mw’ihumbi, tuzibire burundu ibihengeri vyose umwansi w’Uburundi yagiye arameneramwo.

Kw’iteka ryanyu ryo kuba abakozi, ni murate mwivuye inyuma ivyo mwaranguye, mubimenyeshe Abarundi n’amakungu, mubeshuze inkuru z’ibinyoma zica hirya no hino zitukisha Igihugu cacu.

Nimuhaye muhayagize ibikorwa vyiza biriko birakorwa nko kwigisha ku buntu abanyeshure bo mu mashure y’intango, kuvuza ku buntu abana bari munsi y’imyaka itanu n’abakenyezi bibarukira mu bitaro n’amavuriro vya Leta, kunywanisha Abarundi, kwiyubakira inyubakwa rusangi, za kaminuza, ibibuga vy’inkino, amasoko, ibigwati, amasengero, ibigo bifasha abatishoboye, ibigo vy’urwaruka, inyubakwa zakira amanama n’imisi mikuru, gufasha kugarukana umutekano mu bindi bihugu nka Somaliya, Centrafrika, n’ahandi, n’ibindi, n’ibindi.

Turasubiye gukeza Inzego zijejwe Umutekano no kwivuna abansi ku bikorwa vy’iteka zirangura mu guteramira amahoro mu Burundi no mu bindi bihugu.

Turakeje Ubushikirangaji bw’ubudandaji, amahinguriro n’ingenzi, hamwe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu ku Manama Mpuzamakungu bwatunganije aha mu Burundi.

Turakeje uwo wese yitanze atiziganya mu gutera iteka Uburundi abicishije muvyo avuga, ivyo akora, canke ivyo yandika. Turasavye Abarundi kwirinda guta umwanya mu bitagira ikimazi, bareke gusamazwa n’inkuru zitagira ifatiro, nyabuna bijukire ibikorwa no kugendera ukuri. Tuzirikane ko uwugutesheje ikivi aba agutesheje kazoza kawe n’iyereka ryawe.

Amashirahamwe yiyemeje gufasha Uburundi, tuyasavye kwerekana ibikorwa bigaragara, aho gukoresha uburyo bagenewe mu gutunganya amanama n’ibirori vy’urutavanako, ni bibuke ko Uburundi bufise inzuzi n’ibiyaga, maze aho kuzana amafi mu Burundi, bigishe Abarundi kuyorora no kuyaroba.

Twese twame tuzirikana amajambo meza dusanga mu ruririmbo ruhayagiza Igihugu cacu, maze Uburundi bwacu tubuture amaboko, umutima n’ubuzima, twongere dusabe Imana yabuduhaye ibudutungire; Abarundi basagwe n’urweze, basagwe n’amahoro meza.

Nitwame tumenya ko Imana itarenganya, ibihugu vyose yabihaye ubutunzi, igisigaye ni uko natwe twomenya kubukoresha, kububungabunga no kubukingira.

Uwo wese yagiriwe Ubuntu akaronka akazi nakarangurane ubwira, ubukerebutsi n’ishaka ryinshi, atere imbere gushika mbere aho na we atanga akazi. Ntitumanuze Imana yaduteye iteka ryo kuba abakozi. Nidukore, ako gateka ntikadupfeko ubusa, kadushikane nyabuna kw’iterambere ryacu n’iry’Igihugu. «Twijukire ibikorwa vyo soko ry’iterambere ry’imiryango yacu n’Igihugu».


IGIHE

Messages

  • Akamaramaza ngo Amabanki,u Burundi co na Somalie nivyo bihugu vyanyuma bikenye kw’Isi, investissements ntishoboka, henda abandi

  • Iryo jambo rya perezida Nkurunziza niryiza.

  • Aho guhamagarira abamucitse ashaka kubagandagura, yari kuba arasaba HCR ikamubikira ihema izomwubakiramwo kuko nawe nyene mumisi yavuba azorikenera!!!!

  • NDAGUSHIMIYE KWIJAMBO WASHIKIRIJE ABARUNDI ,UBURUND N’AMAKUNGU NUBWO NTARI MUBURUNDI RYANYINJIYE ,N’IJAMBO RYIJUNJA IMANA IKUJ’IMBERE. >KAMATA USUKANI TUSONGE MBELE < [GUMA KUR VOLANT] UMUTEKANO NIWOSE NANJE VYANTEYIGOMWE

  • nagob,educe,mabokonacotucera

  • mukomere muvyeyi kuriryo jambo mwaraye mushikirije.twebwe abarundi na bakozi.muze mwige umugambi nawo wogufasha abatinyuma yigihugu bafise amatongo za ruguru nka mahegitari namazu bogwatiriza mubaronse nabo kuruwo mugambi wayo ma bank.yokugurana kugira nabo biteze imbere kandi batange namakori yamahera bahawe na bank hiyo nyene.

  • Wewe wiyita Hutsi, none wewe uyoboye iyihe Banki mu gihugu canke ur’Umukuru w’Uburundi bwa hehe, kugira ngo utwemeze ko investissement idashoboka? Uwo mugambi mwacuze wo gucafuza Uburundi ngo nico gihugu ca nyuma gikenye kw’isi, none icawe gikize cane kitumariy’iki? Imyaka yose twamaze dutegekwa nab’I wanyu mwaduhaye iki cotuma muvuga ko ubu ariho dukenye rwose? Mbese ukwirirwa muragandagura abantu, muturira muri Ntega na Marangara, kugeza naho mwica incungu ya Démocratie :président Melchior Ndadaye, ubwo nibwo butunzi mwahaye igihugu? Twarabonye ukuntu iryo tunga ryanyu mwarikoresheje I Bujumbura muri Ndamukiza na Rusama 2015, rikaba ryaruhiye kubavyarira amazi nk’amareka. Ako n’agahinda kakuvugisha ivyo, ariko inzigo y’inyo ntimen’isi. Ibintu vyarahindutse wa mugabo we!!!

  • mukomere muvyeyi kuriryo jambo mwaraye mushikirije.twebwe abarundi na bakozi.muze mwige umugambi nawo wogufasha abatinyuma yigihugu bafise amatongo za ruguru nka mahegitari namazu bogwatiriza mubaronse nabo kuruwo mugambi wayo ma bank.yokugurana kugira nabo biteze imbere kandi batange namakori yamahera bahawe na bank hiyo nyene.

  • Turabashimiye Ukunt Mwitwararika Abakozi Nukubashakira Akazi Turabashmira Komugwiza Namashure Yimyuga Nimufashe Nabize Imyuga Mubarose Ingurane Canke Ibikoresho Bashobore Kwiyungunganya Nayubund Ntaco Bokwigezaho Bmaze Kwiga Ntimubajimbere Boguma Bayerera Mwibarabara Muzob Mukoze Umwuga Ni Kazoza Muteguriye Neza Kazoza Abawiga Nkubu Harabavyize Bicaye Muhra Babuze Nabaha Ubuzi Bakabasab Amahera Mensh Kugra Baje Mukazi Boyaronka Bate Batarakora?Turabinginze Nimw Twizeye

  • Amahoro congera frederic muraho murakomeye, nako muragumye mfunguye radio numva urumuyobozi wa Commune mpanda twarigamnye mumyaka yae1980.

  • Vumera mutama agati gateretswe n,Imana ntigahenugwa n,umuyaga!!!

  • Ubu niho naza natahura rwaruririmbo rw’interahamwe zo ku Ntega ngo baterinda abakeba bavyare Imbonerakure!!Kubona DD isigaye yinjirira abayaya bayo bagaca babaha ubushimwe sibara!!!! God damn it

  • @Fake Wakera, Uriko uriha amenyo y’abatwenzi unyiyitirira kuko nawe biragutera isoni gushigikira Leta y’icaduka igeze gufata abayaya kunguvu igaca ibahendesha udushimwe!!! Twabahinyuye kera!!!!

  • WAMUSHIMIYE KUKO UHORUMWIHAKO MUKWAMBARA KONDOMU

  • Nukuri Imana Ibakomeze.Ariko Ndasavye Ntategetse Nyakubahwa Aramutswa Igihugu Amfashe Nkuko Afasha Abandi Andonse Utwo Gufuka Akaruri Kanje.Murakoze.Ubu Ndi I Bubanza Commune Mpanda,mvuka I Gitega .Imana Ibaje Imbere Murakoze.

  • @wakera Christian(umutwa.com).

  • @Jojo, Imbonerakure (Interahamwe) mwarataye imitwe, ninde yagutumye ngumpe amazina ntagusavye!!! Bandanya mugoka kubayaya banyu nka Sobuja ariko mumenyeko azobagira nka Lambert Bitangimana, Maregos, Famili!!!

  • Nukuri koko uyu Wakera ni umutwa wo mugwanda. Nta murundi agira ibyiyumviro nkibi. Ni umugwayo gose

  • Wakera yaramenyekanye. Ni umutwa 100/100 kuko ntaciyumviro agira. Igikwangari.com

  • Wakera(igiceri nyamabondo).

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.