Michel KAFANDO yasavye itunganwa ry’inama y’akarere ku kibazo c’Uburundi

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 22 novembre 2017 saa 09:47
Yasomwe : 18891
0 0

Intumwa idasanzwe y’Umunyamabanga mukuru w’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU mu Burundi Michel Kafando amenyesha ko Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU ritegerezwa kubandanya gukorana n’akarere mu ntumbero yo gufasha Uburundi kuva mu ndyane za poritike burimwo.

Mu gihe yariko ashikiriza icegeranyo c’urugendo yagize mu mezi atatu aheze mu gihugu c’Uburundi imbere y’inama ya ONU ijejwe umutekano, Michel Kafando yavuze ko Ishirahamwe mpuzamakungu ONU, hamwe n’ishirahamwe ry’akarere ka Afrika y’Ubuseruko, ategerezwa kubandanya gushigikira kugira Uburundi buve mu kibazo burimwo.

Michel Kafando yasiguriye abagize inama ya ONU ijejwe umutekano ko yavuganye n’umuhuza akaba n’umukuru w’igihugu c’Ubuganda Yoweri Museveni hamwe n’umufasha wiwe Benjamin Mkapa, ko bumvikanye ko ari nkenerwa ko hatumwako inama ntoya ihuza akarere kugira yige urugero ibiganiro bihuza abarundi bigezeko.

Intumwa idasanzwe y’Umunyamabanga Mukuru wa ONU yibukije kandi ko ibiganiro bihuza abarundi bitegerezwa kuba birimwo uruhande rwa Reta hamwe n’abatavuga rumwe na Reta harimwo abari mu runani CNARED, abo nabo bakaba barabonanye n’intumwa Kafando kw’igenekerezo rya 14 Gitugutu 2017.

Michel Kafando avuga ariko ko naho ata nyishu y’ukuri iraboneka ku kibazo kijanye n’ibiganiro atawe bikumira, abayobozi ba Reta y’Uburundi bobo bamaze gutangura kwitegurira amatora ategekanijwe mu mwaka wa 2020.

Intumwa idasanzwe y’Umunyamabanga mukuru wa ONU mu Burundi avuga ariko ko, mu gihe yari mu gisagara ca Bujumbura, yabonye hasa n’ahatekanye naho nyene hatunganijwe imyiyerekano yo kwerekana ishavu ku ngingo ya sentare mpanavyaha mpuzamakungu CPI yo gutanguza amatohoza ku Burundi.

JPEG - 36.2 ko
Michel KAFANDO, intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru wa ONU mu Burundi

Mu bijanye n’agateka ka zina muntu, Michel Kafando intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru wa ONU mu Burundi yamenyesheje ko ata kintu kiboneka Reta y’Uburundi irakora ikoranye n’inama ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu, inyuma y’aho imigenderanire ihagaze kw’igenekerezo rya 11 Gitugutu 2016.

Mu rugendo yagize mu Burundi, Michel Kafando yarabonanye n’umuhuza w’abarundi Edouard NDUWIMANA, umushikiranganji w’imigenderanire, ugufashanya kw’Uburundi n’ayandi makungu Alain NYAMITWE.

Yaragiye kandi mu gihugu ca Tanzaniya kubonana n’umufasha w’umuhuza Benjamin Mkapa. Muvyo baganiriye harimwo ibijanye n’itunganywa ry’ibiganiro bihuza abarundi.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha