Accueil > Amakuru > u Burundi > Amashirahamwe 10 asaba Sentare Mpuzamakungu gutanguza amatohoza ku (...)
Amashirahamwe 10 asaba Sentare Mpuzamakungu gutanguza amatohoza ku Burundi
jeudi 17 Myandagaro 2017
Nkuko biri mw’itangazo ryateweko umukono n’amashirahamwe 10,ayo mashirahamwe amenyesha ko kuba umukuru w’umurwi CNIDH yasavye Sentare Mpuzamakungu guhagarika amatohoza bigakorwa na sentare zo mu Burundi,harimwo imvugo yo kwivuguruza,kuko uwo nyene abisaba hari haheze iminsi mike avuze ko mu butungane bw’Uburundi hari ibitagenda neza.
Ayo mashirahamwe avuga ko yiyamiriza ivyashikirijwe n’umukuru w’umurwi witwa ko wigenga, vyerekana neza ko ashigikiye umugambwe uri ku butegetsi mu mugambi wo kwikura ku mashirahamwe mpuzamakungu arwanira agateka ka zina muntu.
Muri iryo tangazo, ayo mashirahamwe amenyesha kandi ko umurwi CNIDH utubahirije ivyo wategerezwa gukora mu guteza imbere no gukingira agateka ka zina muntu mu Burundi nkuko biri mw’itegeko riwugenga.
Ayo mashirahamwe agasaba sentare mpuzamakungu guheraheza amatohoza y’intango kugira atangure amatohoza nyezina gutyo abakoze ivyaha vyo gusinzikaza agateka ka zina muntu mu Burundi babibazwe.
Kw’igenekerezo rya 28 Mukakaro 2017, umukuru w’umurwi wigenga ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH yasavye Sentare Mpuzamakungu CPI guhagarika amatohoza y’intango yatanguje ku Burundi, uvuga ko sentare zo mu Burundi nazo zishoboye kubikora.
MUGISHA Van Naris