Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amashirahamwe 10 asaba Sentare Mpuzamakungu gutanguza amatohoza ku (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amashirahamwe 10 asaba Sentare Mpuzamakungu gutanguza amatohoza ku (...)

Amashirahamwe 10 asaba Sentare Mpuzamakungu gutanguza amatohoza ku Burundi

jeudi 17 Myandagaro 2017

Nkuko biri mw’itangazo ryateweko umukono n’amashirahamwe 10,ayo mashirahamwe amenyesha ko kuba umukuru w’umurwi CNIDH yasavye Sentare Mpuzamakungu guhagarika amatohoza bigakorwa na sentare zo mu Burundi,harimwo imvugo yo kwivuguruza,kuko uwo nyene abisaba hari haheze iminsi mike avuze ko mu butungane bw’Uburundi hari ibitagenda neza.

Ayo mashirahamwe avuga ko yiyamiriza ivyashikirijwe n’umukuru w’umurwi witwa ko wigenga, vyerekana neza ko ashigikiye umugambwe uri ku butegetsi mu mugambi wo kwikura ku mashirahamwe mpuzamakungu arwanira agateka ka zina muntu.

Muri iryo tangazo, ayo mashirahamwe amenyesha kandi ko umurwi CNIDH utubahirije ivyo wategerezwa gukora mu guteza imbere no gukingira agateka ka zina muntu mu Burundi nkuko biri mw’itegeko riwugenga.

Ayo mashirahamwe agasaba sentare mpuzamakungu guheraheza amatohoza y’intango kugira atangure amatohoza nyezina gutyo abakoze ivyaha vyo gusinzikaza agateka ka zina muntu mu Burundi babibazwe.

Kw’igenekerezo rya 28 Mukakaro 2017, umukuru w’umurwi wigenga ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH yasavye Sentare Mpuzamakungu CPI guhagarika amatohoza y’intango yatanguje ku Burundi, uvuga ko sentare zo mu Burundi nazo zishoboye kubikora.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.