Amashirahamwe APM na ALDP yagendewe n’uwuserukira Ubufaransa mu Burundi

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 16 Munyonyo 2017 saa 09:00
6810
0 0

Uwuserukira igihugu c’Ubufaransa mu Burundi Laurent DELAHOUSSE yaragendeye kuri uwu wa gatatu ishirahamwe ryishinze kwitaho urwaruka ku bijanye n’indero (APM : A portée de Mains) hamwe n’ishirahamwe ryishinze gufasha urwaruka kugwanya ubukene ALDP (Association de Lute contre La délinquance et la Pauvreté), aho akaba ari mu ntumbero yo kuraba aho umugambi wo gufasha urwaruka witiriwe CIJM (Centre Information Jeunesse et Multimedia) ugeze.

Katumbuli Kitungano Anaclet aserukira ALDP yamenyesheje ko mu myaka 15 ishirahamwe ryabo rimaze, ribandanya ibikorwa vyaryo vyo gufasha bantahonikora kwitegurira kazoza.

Katumbuli Kitungano Anaclet yashikirije ko imigambi ijanye n’indero hamwe n’amagara y’abantu ko iza muya mbere bakora, na cane cane ibijanye no kwubaka amashure, kwubaka ibigo vy’imyuga hamwe no kwubaka ivuriro.

ISSA Ibrahim ajejwe gukurikirana ibikorwa muri APM avuga ko urwaruka rwinshi rumaze kuronswa ubumenyi ku bijanye n’imigambi y’iterambere rusangi. Muri iryo shirahamwe bavuga ko urwo rwaruka rwaronse izo nyigisho rumaze kwishikana ku rugero rushimishije, mbere rukaba rumaze kuronka n’ubuzi butandukanye.

Issa Ibrahim yashikirije ko kubura ibikoresho bimwe bimwe hamwe no kubura umuhora wa "Internet", ivyo bigatuma ibikorwa bimwe bimwe vyo muri iryo shirahamwe bitagenda neza.

Alimasi HORIMBERE ari mu baronkeye inyigisho mu bigo vy’ayo mashirahamwe yashikirije ko yaharonkeye ubumenyi bwinshi bwamugiriye akamaro mu buzima, nk’ibijanye no gutamba hamwe no kwiga gukoresha imashini nyabwonko. Alimasi HORIMBERE atera akamo urundi rwaruka guheba inzira zitaroranye, rushobore kwifatanya n’abandi kugira ruronke ubumenyi.

Laurent DELAHAUSSE aserukira igihugu c’Ubufaransa mu Burundi yashikirije ko bazobandanya bafasha urwaruka kugira rwiyungunganye na cane cane mu kurufasha kuronka akazi hamwe no guterera muri poritike yo guteza imbere igihugu.

Mu mwaka umwe umugambi CIJM umaze utanguye, bakora ibikowa vyo kwigisha urwaruka ibijanye no kubarira, gukoresha imashini nyabwonko, kuririmba harimwo n’ibigo urwaruka rusomeramwo ibitabo, hamwe n’inzu yo gusohoreramwo indirimbo.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha