Accueil > Amakuru > u Burundi > Amashirahamwe APRODH, FORSC, FOCODE, ACAT hamwe na RCP yahagaritswe
Amashirahamwe APRODH, FORSC, FOCODE, ACAT hamwe na RCP yahagaritswe
dimanche 23 Gitugutu 2016, par
Amashirahamwe atanu adaharanira ivyicaro vya poritike mu Burundi yahagaritswe n’itegeko ry’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Pascal BARANDAGIYE. Ayo mashirahamwe yagirijwe ko atariko akora ivyo yiyemeje igihe yahabwa uruhusha rw’ugukora, kuba ariko acapfuza isanamu y’Uburundi, hamwe n’ukuba ariko acanishamwo Abarundi.
- Pascal BARANDAGIYE, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu
Abakuru b’ayo mashirahamwe yose uko ari atanu bari mu buhungiro, bakaba kandi bakurikiranwa n’ubutungane bw’Uburundi bwamaze gusohora imitahe mpuzamakungu y’ukubahagarika, bagirizwa ko bagize uruhara mu gushaka guhirika ubutegetsi kwabaye kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2016.
Ayo mashirahamwe yahagaritswe ni :
APRODH : « Association Burundaise pour la Protection des Droits Humains et des personnes détenues », irongowe na Petero Karaveri MBONIMPA, aheruka guhabwa agashimwe ka "Alison Des Forges 2016"
FORSC : "Forum pour le Renforcement de la Société Civile", irongowe na Vital NSHIMIRIMANA
FOCODE : « Forum pour la Conscience et le Développement », irongowe na Pacifique NININAHAZWE
ACAT : « Action Chrétienne contre l’Abolition de la Torture », irongowe n’umushingwamanza Armel NIYONGERE ari mu bashingwamanza baheruka kwitura sentare mpuzamakungu mpanavyaha, kw’izina ry’imiryango ivuga ko yagandaguriwe abayo, mu bwicanyi ndengerabutungane
RCP : "Réseau des Citoyens Probes"
Ayo mashirahamwe uko ari atanu ntakirekuriwe gukorera ku butaka bw’Uburundi.

IGIHE
Messages
23 Gitugutu 2016, 17:00, par Alain Nyabenda
Nimba hari intwaro ishaje nabi nintwaro yaba dd.Ayo mashirahamwe ntayo mwoshobora guhagarika kuko ntanguvu zokubikora zikwiye mufise. Bavyita kwidigagiga nimba mbeshe muze mumpinyuze.
23 Gitugutu 2016, 17:54, par nzambimana japhet
BA RIBARATEBEJE,TWARITUCIBAZAKUBURUNDI BWOBA BUTAGIKWIJINZEGO.TURAVYE BIRYAVYARYAMASHIRAHAMWE YAKOZE MUGUKOKEZINTAMBARA MUKUYITEGURA NO MUKUYISHIRA MUNGIRO,AHONTITWIBAGIWUBWICANYI BAGIYE BOMEKA KURIRETA,KUMUGAMBWURIKUBUTEGETSI NIBINDI.
23 Gitugutu 2016, 18:13, par AHIMBONEYE EGIDE
BARAKABO BAYAHAGARITSE
23 Gitugutu 2016, 18:20, par mpozenzi
Nabo kwarabagabo baraza bakore turabe, atarukuba ababaja babazungu ntakindi bagishoboye
23 Gitugutu 2016, 18:30, par nyandwi
nibabahagarike nabanyepolitike berekana kobadaharanira ivyicaro ariko nikwihisha nkirwe yambaye urusato rwintama
23 Gitugutu 2016, 19:17, par Issa
Je mbona iyo leta yogerageza igatekana kuko ingingo zose ifata ziba impfagusa;ni barabe ahubwo bigire hamwe uko bazoburana n’ibabarengutsa kuko karababanye bishe abantu amakungu asemerera,bareke guhenda abanyagihugu babiriza mu mabarabara ngo babashigikire
23 Gitugutu 2016, 20:03, par Felix Muhire
Alain Nyabenda ribeshe kandi turaguhinyuza. Reta ni Reta yashizweho n’Imana. Nico gituma uwugararije Reta, aba agararije itegeko ry’Imana (Abaroma 13: 2). Wewe ko ufise inguvu gusumba Reta, uraza wugururire ayo mashirahamwe tubirabe. N’ukuvuga ko nawewe nk’ubu ugumutse, Reta yokuraza mu mapingu. Naho woba utari mu Burundi, ah’uri hose, niwagumuka ku mategeko y’igihugu kigucumbikiye, polisi iragushirako menote. Ngucir’umugani: INDURU NTIGANZ’INGOMA; kandi AKARUT’AKANDI KARAKAMIRA. Ako gasuzuguro mwitwaza nikabi ntaco kazobamarira
23 Gitugutu 2016, 20:39, par NIYONKURU ALAIN
Ntavyonarinzi
23 Gitugutu 2016, 21:11, par Nzobonaripfa
Reta nayo! Haaa muri danger ariko muranasetsa kabisa.
23 Gitugutu 2016, 22:08, par MUTAMBU
Mbega,koyahagaritswe,umutekanontuzongeraguhungabana? Cankentamuntuazosubirakwicwa? Baribesha,ikibazosayomashirahamwe,ikibazonindazabategetsi,mbega,nyamitahempuzamakungu,ira2maziki?koniyosentaremwayivuyemwo,nimujekwa,kagame,abigishe,gutawara,nahandi,abarunditugiyekubona,ivyago.
23 Gitugutu 2016, 22:13, par Munyabwenge
Izo mujeri natwe abanyarwanda ntituzishaka kubutaka bwacu. Nizijye muri Europe kurya amahera y’ibimuga nka Kiramvu.( zijye kurya CPAS)
23 Gitugutu 2016, 23:51, par Iragiryagahuturemy
Ntarashinye uwowese yagize uruhare kugira izingingo zifatwe.
Nukuri ayamashirahanwe yarakoreye nabi uburundi nabarundi bimwe vyagahomerabunwa! Umva namwe: arasimvye akomeje intambara, ivyobiheze ahamagarira abene Burundi gukora amabiyuburyobwose harimwo noguturira abantu, ivyobirangiye ahamagarira ibihugu kwanka urunuka uburundi nazinamurundi aba mu Burundi!!!!!!!!
Muvyukuri ntagihugu coburamwo abasi ariko kureka abasi nkabo bakishira mumashirahamwe yiyita ngonayo kugiriraneza uburundi nabenebwo ariko agakora ibimeze nkivyonavuze ahoharuguru bwoba arubutamenya buri mwiyo reta yomwicogihugu.
Turabishimye mushikiranganji wintwaro yohagati mugihugu nabobose mwafatikanije kugira iyongingo ishirwe mungiro.
24 Gitugutu 2016, 01:00, par tari
Mbe uwo yidayi guhagarika Ayo mashirahamwe ninde ko tutamuzi ivyo bavyita ukwidigadiga
24 Gitugutu 2016, 10:08, par ALIDI HICUBURUNDI
We felix,iyoreta ya nkurunziza yashizwe na satani,kubera reta ishirwa nimana ntinywa amaraso yabo yari gukingira nawe ukaba wari interahamwe umenye ko imana izokwishura mumaraso wanyoye.nayo reta yankurunziza nireta itazwi nimana.
24 Gitugutu 2016, 12:38, par Bimenyimana
Ubundinabwo Amaherezomuzohinyuka -Abonabo ngo baraziriki?
24 Gitugutu 2016, 13:32, par alia
ako kagabo nika ndiyo bwana gategekwa na nkurunziza ivyo agatangaje ntaco bivuze kuko nubundi ayo mashirahamwe bari barayugaye ariko yabandanije akora ivyo rero ntibidutangaje
25 Gitugutu 2016, 09:10, par Matabaro
Asha nukuri uburundi burakenye kabisa. Urabona ivyo biro vyumushikiranganji ukuntu bisa? Harateye isoni
28 Gitugutu 2016, 17:21, par NDAYIZEYE
nibahagarikwe hama babazwe nibagigwa namakosa bakoze bace bahanwa kk bari mugihugu gifise amategeko akigenga kand akora kur bose
30 Munyonyo 2016, 09:44, par NSABIYUMVA
ndabashimiye cane gose imana ibazigame kandi izo mpunzi nibazihagarike zigaruke mugihugu cabo mugire ibikogwa vyiza