Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB u Burundi
Amashirahamwe abiri ashimishwa n’ingingo Uburundi bwafashe
Yanditswe taliki ya 27-10-2016 - isaha 10:15' na IGIHE

Urunani rw’amashirahamwe avuga ko adaharanira ivyicaro vya poritike, PISC-Burundi, hamwe n’urunani rw’amashirahamwe y’abagendana umugera wa Sida "CAPES +" arashimishwa n’ingingo Uburundi bwafashe y’ukwikura muri Sentare mpuzamkungu mpanavyaha.

Mw’itangazo ayo mashirahamwe yasohoye, yashikirije ko iyo ngingo ya Reta y’Uburundi ari nziza, kandi yafashwe hageze, kuko, kubw’ayo mashirahamwe, iyo Sentare mpuzamkungu mpanavyaha iba ishaka gutunganiriza Uburundi, yari kuba yafashe mu minwe ikibazo c’ivyaha vyakozwe muvyo muri ayo mashirahamwe bita imigumuko yo mu kwezi kwa Ndamukiza 2015.

Inyuma y’ingingo yafashwe na Reta y’Uburundi y’ukwikura mu masezerano ashiraho Sentare mpuzamakungu mpanavyaha, ibindi bihugu bibiri vyo muri Afrika vyarakurikiye, ivyo navyo akaba ari Afrika y’epfo hamwe na Gambia.

Ivyiyumviro vyanyu

Uwomugabo umengo barara baramuyiga kurusenge ivyavuga nibiki ? rwingingo ya fashwe nankurunziza nabicanyi biwe ngo barabashimishije ! kwisi burya abanyenzara bararwiriye,ivyovyose babivuga ngo barabeko, petero yobaha utwo barara bariye nijoro rimwe. Ntamugabo yoba kwije mumutwe vyukuri rwashigikire kudahana abicanyi batikizinganda bishimije ubutware bafise,nawe uburumwicanyi nkawe. Noneho ubwobushirahamwe bwaba nwanyi ba nkurunziza, nibugende hariya twarabuhinye nubwabicanyi guse. nayabo biyita ngo nabarwayi basida, iyo bahora nurwobikwegeye rurabarindiriyeeeee

28.10.2016 à 08:42
mzoyihera intagoheka

Mukomere mwamashirahamwe mwe, iyomu Burundi hatabamwo abantu bomumashirahamwe ameze nkayo uburundi ubu bubabumaze umwaka urenka bukontororerwa hanze yabwo. Amashirahamwe rero nkaya afatanije na reta YU Burundi bararahiye bararengwa baravugango : turase turase atikuko igihugu cu Burundi kirimwo abagabo bafise umugabo.

28.10.2016 à 03:45
Hutsi

Ariko ga Hamza Burikukiye ubona uzotora akabiri gute wirigwa uratukana ushigikira ubwicanyi,we tekereza ivyo ubivemwo wiruhure mu mutwe uve muriyo politike uyirekere abakibasha niho uzoronka utuguvu uheze ugaruke,nayo ahandi bariko baraguhenda bagukoresha nawe wifitiye izindi ngorane

27.10.2016 à 15:21
Issa

Izo Ni mbonerakure za cndd fdd ya nkuru naho kuvuga ko Ari amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike Ni kinyoma cambaye ubusa nibareke kuduhenda ivyabo ntawunumwe atabizi nuwubashigikiye sukuvuga ko atabona ko ivyo bakora nivyo bavuga Atari ikinyoma ahubwo nihahandi gusa amaso yakunze atabona neza

27.10.2016 à 12:34
tari

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.