Amwe mu mashirahamwe yerekanye aho ahagaze ku cegeranyo ca ONU

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 12 Nyakanga 2017 saa 03:37
Yasomwe : 10926
0 0

Amwe mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike mu Burundi amenyesha ko agiye gutegura icegeranyo azoshikiriza inama mpuzamakungu ONU mu ntumbero yo kwiyamiriza ivyo umugwi wa ONU wakoze ku matohoza ku Burundi. Ayo mashirahamwe avuga ko ibiri muri ico cegeranyo bigizwe n’ibinyoma hamwe n’ibihuha. Ayo mashirahamwe asaba inama mpuzamakungu kudaha agaciro ico cegeranyo c’uyo murwi.

Mu nama yo gushikiriza aho ahagaze ku vyerekeye ico cegeranyo yatunganije kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 12 Nyakanga 2017, ayo mashirahamwe amenyesha ko ivyaha vyagirizwa indongozi z’Uburundi ata vyemezo bigira, kuko ata mwidondoro w’abantu batanze ivyo vyemeza urimwo, ndetse ubwoko bw’icaha naho cakorewe bitamenyeshwa, ivyo vyose bikerekana ko ico cegeranyo ata kuri kirimwo.

JPEG - 53 ko
François Xavier NDARUZANIYE asanzwe arongoye ishirahamwe Izere NTIWIHEBURE

François Xavier NDARUZANIYE yavugiye ayo mashirahamwe, avuga ko mu cegeranyo cashikirijwe n’uyo murwi, ushikiriza gusa ivyaha vyakozwe n’igiporisi, iperereza hamwe n’umuhari w’urwaruka rw’imbonerakure w’umugambwe CNDD FDD ata na hamwe uvuga amabi yakozwe n’urwaruka rwakoze imigumuko ruri kumwe n’abarongozi babo mu mwaka wa 2015.

François Xavier NDARUZANIYE asanzwe arongoye ishirahamwe Izere NTIWIHEBURE avuga ko ico cegeranyo gishingiye ku mvo za poritike .

Muri ayo mashirahamwe bavuga ko sentare mpuzamakungu mpanavyaha itazohirahira ngo itanguze amatohoza nyezina ku vyerekeye ivyaha vyakozwe mu Burundi mu mwaka wa 2015, kuko izoba ihonyanze ingingo ya 17 y’amasezerano y’i Roma agenga iyo sentare.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha