IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amashirahamwe yahagaritswe aranegura ingingo yafashwe

Amashirahamwe yahagaritswe aranegura ingingo yafashwe

mercredi 2 Munyonyo 2016, par Egide NDUWIMANA

Amashirahamwe aheruka guhagarikwa n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu amenyesha ko ingingo yafatiwe yerekana ingendo ya Reta y’ugushaka kunyegeza amabi akorwa mu Burundi. Ayo mashirahamwe avuga ko azobandanya gukora arondera intwaro ibereye, amahoro hamwe n’umutekano.

Mw’itangazo ayo mashirahamwe yasohoye, bamenyesheje ko ingingo yafashwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu itubahirije amategeko agenga amashirahamwe yigenga. Muri ayo mashirahamwe baranegura agacerere k’inzego zimwe zimwe nk’inama nshingamateka, umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu (CNDH) hamwe n’umuhuza w’abarundi. Kubw’ayo mashirahamwe izo nzego zarirengagije uruhara rw’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu mu kurwanya ukudahana ivyaha.

Iryo tangazo riranegura kandi ingingo yafashwe n’Uburundi yo kwikura mu masezerano ashiraho Sentare mpuzamakungu mpanavyaha, kubw’ayo mashirahamwe, ico kikaba ari ikimenyetso ko ubutegetsi bw’i Bujumbura butinya ubutungane mpuzamakungu, kandi ko bwipfuza kubandanya bukora ivyaha atacamira.

Reta y’Uburundi ikaba yabwiwe ko mu gihe itokuraho iyo ngingo y’uguhagarika ayo mashirahamwe, azokwitwara mu butungane, yaba ubwo mu Burundi canke mpuzamakungu.

Amashirahamwe yateye umukono kuri iryo tangazo ni ACAT- Burundi, AMC, APRODH, CAVIB, CB-CPI, COSOME, FOCODE, FORSC, GRADIS.

Amashirahamwe atanu adaharanira ivyicaro vya poritike mu Burundi aheruka guhagarikwa kw’itegeko ry’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Pascal BARANDAGIYE. Ayo mashirahamwe yagirijwe ko atariko akora ivyo yiyemeje igihe yahabwa uruhusha rw’ugukora, kuba ariko acapfuza isanamu y’Uburundi, hamwe n’ukuba ariko acanishamwo Abarundi. Ayo mashirahamwe atakirekuriwe gukorera ku butaka bw’Uburundi ni APRODH, FORSC, FOCODE, ACAT hamwe na RCP.


IGIHE

Messages

  • MAGERA NTURERE AMABOKO KUKO NYABENDA PASCAL UMUKURU WINAMA NSHINGAMATEKA YAMAZE GUSHINGA IKIROBERI CO KUKURWANYA AHUVUKA MUGISOVU!!!!!!!! NGIRA WARAMENYEKO RUHAYA, YABUZE UMWUZUKURU WIWE AHITANWE NAKOKARWI KANYABENDA. NAKO KAKABA KARONGOWE NUMUKOZI WIWE WOMUNZU HUSSENE AVUKAHO MUGISOVU WO MUBAPFUHA. DUTABARE INGANDA ZITARATIKIRA NKUKO YABIKOZE KANDI YAMA ABIKORA I BUBANZA!!!!!!!!!

  • MAGERA NTURERE AMABOKO KUKO NYABENDA PASCAL UMUKURU WINAMA NSHINGAMATEKA YAMAZE GUSHINGA IKIROBERI CO KUKURWANYA AHUVUKA MUGISOVU!!!!!!!! NGIRA WARAMENYEKO RUHAYA, YABUZE UMWUZUKURU WIWE AHITANWE NAKOKARWI KANYABENDA. NAKO KAKABA KARONGOWE NUMUKOZI WIWE WOMUNZU HUSSENE AVUKAHO MUGISOVU WO MUBAPFUHA. DUTABARE INGANDA ZITARATIKIRA NKUKO YABIKOZE KANDI YAMA ABIKORA I BUBANZA!!!!!!!!!

  • Ntamaretangaho Uwiyhta Ngonumukuruwigihuguyarahunze Mwekoraturikumwebatama Mpakayomoke Iyoshetani

  • Mureke,kwitwarakubutunganebwuburundi,butegekwaniyoretayabahagaritse,ninama,nshingamateka,ikorera,iyoretanyene,kuko,benshi,nabuwomugambwe,cendd,no,muriwe,ningwe,ngomwitware,kuntare?,

  • Uburundi hamwe bwobamwe abagabo nkabo bandi batanu uburundi, bwomera nka paradiso.Tukabasaba yuko bokomera kwibanga ryoguharanira agateka kazina muntu, turimubihe bibi, rero iyo turi mubihe bigoye dukora nkomubihe bigoye. Nayuwo mushirangaji witwaro yo mugihugu yakoze ibihuye nivyiyumviro vyiwe,ukobiri unomusi siko bizohora, igihecokwigazura abamenja kizogera.

  • Ahubwo Ni mwongere guhamagaza iyindi myiyerekano twebwe abarundi ngaha twarushe nintwaro yicaduka turibeshi kandi turiteguye gusubira mwibarabara gushika iyo ntwaro yagahotoro yomotse mbere ubu sitwebwe gusa nabatari bake mubari bayishigikiye baramaze kuyivako kuko barabonye ko bahenzwe biteguye kudushigikira namwe mugume kwivora turabashigikiye ntibabatere ubwoba guma mushire.ahabona ubwicanyi nayandi marorerwa aka karwi kabicanyi kariko gakorera abarundi

  • ayo mshirahamwe yarakwiye kugumaho muburundi ivyoho biragoye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.