Accueil > Amakuru > u Burundi > Amashirahamwe yahagaritswe aranegura ingingo yafashwe
Amashirahamwe yahagaritswe aranegura ingingo yafashwe
mercredi 2 Munyonyo 2016, par
Amashirahamwe aheruka guhagarikwa n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu amenyesha ko ingingo yafatiwe yerekana ingendo ya Reta y’ugushaka kunyegeza amabi akorwa mu Burundi. Ayo mashirahamwe avuga ko azobandanya gukora arondera intwaro ibereye, amahoro hamwe n’umutekano.
Mw’itangazo ayo mashirahamwe yasohoye, bamenyesheje ko ingingo yafashwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu itubahirije amategeko agenga amashirahamwe yigenga. Muri ayo mashirahamwe baranegura agacerere k’inzego zimwe zimwe nk’inama nshingamateka, umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu (CNDH) hamwe n’umuhuza w’abarundi. Kubw’ayo mashirahamwe izo nzego zarirengagije uruhara rw’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu mu kurwanya ukudahana ivyaha.
Iryo tangazo riranegura kandi ingingo yafashwe n’Uburundi yo kwikura mu masezerano ashiraho Sentare mpuzamakungu mpanavyaha, kubw’ayo mashirahamwe, ico kikaba ari ikimenyetso ko ubutegetsi bw’i Bujumbura butinya ubutungane mpuzamakungu, kandi ko bwipfuza kubandanya bukora ivyaha atacamira.

Reta y’Uburundi ikaba yabwiwe ko mu gihe itokuraho iyo ngingo y’uguhagarika ayo mashirahamwe, azokwitwara mu butungane, yaba ubwo mu Burundi canke mpuzamakungu.
Amashirahamwe yateye umukono kuri iryo tangazo ni ACAT- Burundi, AMC, APRODH, CAVIB, CB-CPI, COSOME, FOCODE, FORSC, GRADIS.
Amashirahamwe atanu adaharanira ivyicaro vya poritike mu Burundi aheruka guhagarikwa kw’itegeko ry’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Pascal BARANDAGIYE. Ayo mashirahamwe yagirijwe ko atariko akora ivyo yiyemeje igihe yahabwa uruhusha rw’ugukora, kuba ariko acapfuza isanamu y’Uburundi, hamwe n’ukuba ariko acanishamwo Abarundi. Ayo mashirahamwe atakirekuriwe gukorera ku butaka bw’Uburundi ni APRODH, FORSC, FOCODE, ACAT hamwe na RCP.
IGIHE
Messages
2 Munyonyo 2016, 16:53, par SIHONDI Levis
MAGERA NTURERE AMABOKO KUKO NYABENDA PASCAL UMUKURU WINAMA NSHINGAMATEKA YAMAZE GUSHINGA IKIROBERI CO KUKURWANYA AHUVUKA MUGISOVU!!!!!!!! NGIRA WARAMENYEKO RUHAYA, YABUZE UMWUZUKURU WIWE AHITANWE NAKOKARWI KANYABENDA. NAKO KAKABA KARONGOWE NUMUKOZI WIWE WOMUNZU HUSSENE AVUKAHO MUGISOVU WO MUBAPFUHA. DUTABARE INGANDA ZITARATIKIRA NKUKO YABIKOZE KANDI YAMA ABIKORA I BUBANZA!!!!!!!!!
2 Munyonyo 2016, 16:53, par SIHONDI Levis
MAGERA NTURERE AMABOKO KUKO NYABENDA PASCAL UMUKURU WINAMA NSHINGAMATEKA YAMAZE GUSHINGA IKIROBERI CO KUKURWANYA AHUVUKA MUGISOVU!!!!!!!! NGIRA WARAMENYEKO RUHAYA, YABUZE UMWUZUKURU WIWE AHITANWE NAKOKARWI KANYABENDA. NAKO KAKABA KARONGOWE NUMUKOZI WIWE WOMUNZU HUSSENE AVUKAHO MUGISOVU WO MUBAPFUHA. DUTABARE INGANDA ZITARATIKIRA NKUKO YABIKOZE KANDI YAMA ABIKORA I BUBANZA!!!!!!!!!
2 Munyonyo 2016, 17:19, par Mag
Ntamaretangaho Uwiyhta Ngonumukuruwigihuguyarahunze Mwekoraturikumwebatama Mpakayomoke Iyoshetani
2 Munyonyo 2016, 18:13, par Mutambu
Mureke,kwitwarakubutunganebwuburundi,butegekwaniyoretayabahagaritse,ninama,nshingamateka,ikorera,iyoretanyene,kuko,benshi,nabuwomugambwe,cendd,no,muriwe,ningwe,ngomwitware,kuntare?,
3 Munyonyo 2016, 01:02, par mzoyihera intagoheka
Uburundi hamwe bwobamwe abagabo nkabo bandi batanu uburundi, bwomera nka paradiso.Tukabasaba yuko bokomera kwibanga ryoguharanira agateka kazina muntu, turimubihe bibi, rero iyo turi mubihe bigoye dukora nkomubihe bigoye. Nayuwo mushirangaji witwaro yo mugihugu yakoze ibihuye nivyiyumviro vyiwe,ukobiri unomusi siko bizohora, igihecokwigazura abamenja kizogera.
3 Munyonyo 2016, 03:20, par tari
Ahubwo Ni mwongere guhamagaza iyindi myiyerekano twebwe abarundi ngaha twarushe nintwaro yicaduka turibeshi kandi turiteguye gusubira mwibarabara gushika iyo ntwaro yagahotoro yomotse mbere ubu sitwebwe gusa nabatari bake mubari bayishigikiye baramaze kuyivako kuko barabonye ko bahenzwe biteguye kudushigikira namwe mugume kwivora turabashigikiye ntibabatere ubwoba guma mushire.ahabona ubwicanyi nayandi marorerwa aka karwi kabicanyi kariko gakorera abarundi
6 Munyonyo 2016, 07:01, par irishura samuel
ayo mshirahamwe yarakwiye kugumaho muburundi ivyoho biragoye