IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amashirahamwe yo kwubaka asabwa kwama ategekaniriza kazoza abakozi (...)

Amashirahamwe yo kwubaka asabwa kwama ategekaniriza kazoza abakozi bayo

lundi 19 mars 2018

Mw’itangazo rya Reta y’Uburundi ryasomwe na Firipo NZOBONARIBA, kur’uyu wa gatandatu igenekerezo rya 17 Ntwarante 2018, ku mboneshakure y’igihugu,umunyamabanga akaba n’umuvugizi wayo, Reta y’Uburundi yamenyesheje ko ihojeje imiryango yabuze kandi yipfurije abakomeretse gukira.

Muri iryo tangazo, Reta y’Uburundi ihamagarira amashirahamwe yo kwubaka gufata ingingo zose zishoboka mu ntumbero yo gukinga amasanganya, no gukingira ubuzima bw’abakozi.

JPEG - 47.4 ko
Firipo NZOBONARIBA, Umuvugizi akaba n’umunyamabanga wa Reta

Isanganya rya mbere ryabaye mu gatondo ko kuwa gatanu igenekerezo rya 16 Ntwarante 2018, ku ruzi Gasenyi irindi riba uwo munsi nyene muri zone Buterere mu gisagara ca Bujumbura, ahariko hubakwa inzu y’igorofa.

Mu giporisi c’Uburundi, bamenyesheje ko mu Gasenyi abantu 6 aribo bitavye Imana, 3 barakomereka baguweko n’umusozi, aho bariko bakingira inkombe z’uruzi Gasenyi, mu gihe muri zone Buterere abantu 4 aribo bitavye Imana, abarenga 40 barakomereka.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.