"Amategeko atizwe neza niyo ntambamyi ya OTB", kubwa Jacques BIGIRIMANA

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 3 Ndamukiza 2018 saa 09:03
Yasomwe :
0 0

Ishirahamwe rijejwe kurima n’uguhingura icayi mu Burundi OTB rimenyesha ko intambanyi mu bikorwa vyaryo ari amategeko atigwa neza, agatuma haba ukutumvikana hagati y’aberwa n’ibijanye n’icayi.

Ivyo vyashikirijwe n’umuyobozi mukuru wa OTB Jacques BIGIRIMANA kuri uwu wa mbere, mu gihe yariko ashikiriza ivyaranguwe n’iryo shirahamwe mu mwaka wa 2017, aho yavuze ko ibikorwa n’ishirahamwe PROTEM bituma OTB ihura n’ibibazo vyinshi nk’igabanuka ry’umwimbu.

Jacques BIGIRIMANA arongoye OTB yamenyesheje ko ishirahamwe PROTEM ryategerezwa kuba umwunganirizi mu gishingo co kuba umusahuzi w’umwimbu.

Uwo atwara OTB avuga ko hari amafaranga angana umuriyardi w’amarundi abarimyi baheraniye OTB bitumwe n’uko ishirahamwe PROTEM "ryahenze" abo barimyi baca batwarayo umwimbu.

Jacques BIGIRIMANA avuga ko biri mu vyatumye ishirahamwe OTB rigira ibibazo.

Jacques BIGIRIMANA asaba ko abajejwe amategeko bofata ingingo ibereye kugira ibikorwa vya OTB bigende neza.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha