IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amatohoza ya OLUCOME yerekanye ko umugambwe CNDD FDD ukoresha uburyo bwa (...)

Amatohoza ya OLUCOME yerekanye ko umugambwe CNDD FDD ukoresha uburyo bwa Reta mu myiyamamazo

vendredi 4 Rusama 2018, par Egide NDUWIMANA

Ishirahamwe OLUCOME, mw’itangazo ryasohoye kuri uwu wa gatanu, ryamenyesheje ko ryatangajwe n’ukubona umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi uriko ukoresha imiduga hamwe n’uburyo bwa Reta mu myiyamamazo y’uguhinyanyura ibwirizwa shingiro.

Mu matohoza ishirahamwe OLUCOME rivuga ko ryakoze, indongozi zo mu mugambwe CNDD FDD zagirizwa ko zikoresha iyo miduga ya Reta mu myiyamamaza, ariko ko imparati (Plaques) z’iyo miduga ibanza kunyegezwa canke gukurwako.

JPEG - 46.1 ko
Gabriel RUFYIRI, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME

Imwe muri iyo miduga, nk’uko bivugwa na OLUCOME, ikoreshwa mu kwunguruza ivyuma bishikana amajwi kure (Instruments de sonorisation). Kubw’amatohoza ya OLUCOME, hari na bamwe mu ndongozi z’Uburundi zikomoka muri CNDD FDD zihabwa amafaranga y’akavunamusase n’impamba (Frais de mission) kandi bataba bari mu bikorwa vy’akazi ka Reta.

Ishirahamwe OLUCOME rihamagarira umugambwe uri ku butegetsi ko wohagarika ukwo gukoresha uburyo bwa Reta mu myiyamamazo, Reta nayo igasabwa kudasubira gusohora amafaranga akoreshwa mu gatutu (Rafraichissement) gahabwa ababa bitavye iyo myiyamamazo.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.