Amatoni 325 y’ubutare bwa "Terre Rare" niyo amaze kudandazwa mu mezi atandatu

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 9 Ndamukiza 2018 saa 04:11
11430
0 0

Ishirahamwe "RAINBOW" rijejwe gucukura ubutare bwo mu bwoko "Terre Rare" mu Gakara, muri komine Mutimbuzi, intara ya Bujumbura rivuga ko mu mezi atandatu iryo shirahamwe rimaze ricukura ubwo butare bw’Uburundi, amatoni agera ku 325 ariyo amaze gushorwa hanze.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa mbere, umuyobozi mukuru w’ishirahamwe RAINBOW, Gilbert MIDENDE, yamenyesheje ko ku ndwi ku ndwi amatoni agera kuri 25 ariyo adandazwa hanze y’Uburundi, ayo nayo akaba yinjiza amafaranga agera ku madorare ibihumbi umunani y’abanyamerika.

Mu nteguro z’umwimbu w’umwaka w’2018, ishirahamwe RAINBOW rivuga ko amatoni agera ku bihumbi bitatu y’ubutare bwa "Terre Rare" ariyo azodandazwa hanze y’Uburundi.

JPEG - 71.2 ko
Gilbert MIDENDE, umuyobozi mukuru w’ishirahamwe RAINBOW

Iryo shirahamwe ryamenyesheje kandi n’ibibazo rigira muri ico gikorwa, ivyo bikaba bigizwe n’ingingo ya Reta y’uko amafaranga y’agaciro acishwa muri Banki nkuru y’igihugu, ubutare bushobora kunyika bakabutora ahandi, hamwe n’imvura iyo iriko irarwa itorohereza abakozi b’iryo shirahamwe, kuko mu mvura badakunda ko bimba ubutare.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha