Accueil > Amakuru > u Burundi > Amatora mu Rwanda na Kenya : NKURUNZIZA yakeje Kenyatta
Amatora mu Rwanda na Kenya : NKURUNZIZA yakeje Kenyatta
jeudi 10 Myandagaro 2017
Abicishije ku muhora wiwe wa Twitter, umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA yanditse avuga ati : «Kw’izina ry’abarundi bose, ndakeje umukuru w’igihugu yatowe Uhuru Kenyatta hamwe n’abanyagihugu ba Kenya. Twizeye kubandanya imigenderanire mu gihe kiri imbere.»
Umurwi ujejwe gutegura amatora mu gihugu ca Kenya washikirije ko Uhuru Kenyatta afise amajwi 54,32 kw’ijana mu gihe Raila Odinga bahiganwa afise amajwi 44,80 kw’ijana.
Mu kiringo kidashika indwi, habaye amatora y’umukuru w’igihugu mu bihugu bibiri vyo mu muryango wa Afrika y’ubuseruko arivyo Kenya n’Urwanda. Mu gihugu c’Urwanda hatsinze Paul KAGAME. Inyuma y’iyo ntsinzi ya Paul KAGAME, umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA ntaramukeza nk’uko yabigiriye mugenzi we wa Kenya.
MUGISHA Van Naris
Messages
10 Myandagaro 2017, 15:07, par chachachagie
none ngaho ingorane zirihe none gukezaUHURU sidroit yiwe.akeza uwo ashaka.mbe mumbonera aho president w’ uburundi yatsinda Kagame yaramukeje?ba mureka kuduza inkuru cane mutabanje kwiyumvira!
10 Myandagaro 2017, 22:45, par NYABENDA MANWERI
AMAHORO NYAKUBAHWA PEREZIDA PETERO NKURUNZIZA TURAGUSHIMIYE UKUNTU UKEJE BAGENZAWE KUNTSINZIBARONSE MURAKOZE.
11 Myandagaro 2017, 09:50, par Ntukamazina
Hhahahah Akamaramaza,mbe Peter akeza uwo comission y’amatora ya Kenya itaremeza?ntibiramenyekana nimba hatorwa Uhuru canke Odinga,aho yarazi ngo agize ibintu vy’ubwenge?ubujuju gusa,gushanuka bibi cane