IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amatora mu Rwanda na Kenya : NKURUNZIZA yakeje Kenyatta

Amatora mu Rwanda na Kenya : NKURUNZIZA yakeje Kenyatta

jeudi 10 Myandagaro 2017

Abicishije ku muhora wiwe wa Twitter, umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA yanditse avuga ati : «Kw’izina ry’abarundi bose, ndakeje umukuru w’igihugu yatowe Uhuru Kenyatta hamwe n’abanyagihugu ba Kenya. Twizeye kubandanya imigenderanire mu gihe kiri imbere

Umurwi ujejwe gutegura amatora mu gihugu ca Kenya washikirije ko Uhuru Kenyatta afise amajwi 54,32 kw’ijana mu gihe Raila Odinga bahiganwa afise amajwi 44,80 kw’ijana.

Mu kiringo kidashika indwi, habaye amatora y’umukuru w’igihugu mu bihugu bibiri vyo mu muryango wa Afrika y’ubuseruko arivyo Kenya n’Urwanda. Mu gihugu c’Urwanda hatsinze Paul KAGAME. Inyuma y’iyo ntsinzi ya Paul KAGAME, umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA ntaramukeza nk’uko yabigiriye mugenzi we wa Kenya.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.