Amatora y’ibwirizwa shingiro rishasha ashobora kuba mu kwezi kwa gatanu

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 16 Kigarama 2017 saa 09:10
Yasomwe :
0 0

Umurwi w’igihugu CENI ujejwe gutegura amatora mu Burundi umenyesha ko utegekanya ko amatora y’ukwemeza canke uguhakana ibwirizwa shingiro rishasha ry’Uburundi (Référendum) azoba mu kwezi kwa gatanu kw’umwaka uza w’2018.

Mu murwi CENI bavuga ariko ko iryo sango ari iry’imfatakibanza, kuko umunsi ntabanduka w’amatora umenyekana ari uko umukuru w’igihugu ateye umukono kw’itegeko ribivuga.

Pierre Claver NDAYICARIYE, umukuru w’umurwi CENI asigura ati : "Itora ry’ukwemeza canke guhakana ibwirizwa shingiro rishasha mu nteguro mfatakibanza, tubona ko rizoba mu kwezi kwa gatanu kw’umwaka uza. Iyo tuvuze ukwezi kwa gatanu kw’umwaka uza, umunsi w’urwo rubanza uhora umenyekana neza iyo umukuru w’igihugu amaze gushirako umukono kw’itegeko ritomora umunsi ayo matora azoberako."

JPEG - 18.7 ko
Pierre Claver NDAYICARIYE, umukuru w’umurwi CENI

Pierre Claver NDAYICARIYE amenyesha ko yisunze ivyo CENI imaze kuganira n’inzego z’igihugu, yokwemeza ko ayo matora azoba mu kwezi kwa gatanu.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha