IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amatora y’ugusubiriza NKOSAZANA Dlamini-Zuma : Abarundi batatu bahiganirwa (...)

Amatora y’ugusubiriza NKOSAZANA Dlamini-Zuma : Abarundi batatu bahiganirwa ibindi bibanza

samedi 28 Nzero 2017, par Egide NDUWIMANA

Inama igira iya 28 y’abakuru b’ibihugu vyo mu muryango w’ubumwe bwa Afrika yitezwe gukuranira i Addis Abeba muri Ethiopia kuva kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 30 Nzero 2017. Mu bikorwa nyamukuru bizoshirwa imbere muri iyo nama, harimwo amatora y’umukuru w’ibiro nshingwabikorwa mu muryango w’ubumwe bwa Afrika.

Uwuzotorwa akaba azosubirira Nkosazana Dlamini-Zuma wo muri Afrika y’epfo yari amaze imyaka ine arongoye uwo murwi. Uwuzotorwa nawe akazoba agize uwa gatatu arongoye uwo murwi.

Ayo matora azoba mu ndwi iza muri Ethiopia azoba ari ayagira kabiri, kubera muya mbere yabereye i Kigali mu Rwanda, abari bitoje bose ata n’umwe yashoboye gushikana bibiri vya bitatu (2/3) vy’amajwi asabwa kugira hemezwe uwutsinze.

Abariko barahiganwa ico gihe yari umukandida wo muri Botswana, uwo muri Guinée Equatoriale hamwe n’uwo muri Uganda.

Mu matora azoba mu ndwi iza nayo, abahiganirwa ico kibanza ni batanu bava mu bihugu vya Kenya, Botswana, Guinée Equatoriale, Sénégal hamwe Tchad. Uwuzotorwa nawe nyene azoba afise ikiringo c’imyaka ine, akazoba ajejwe gukomeza ubumwe bwa Afrika hamwe n’uguteza imbere Afrika.

Abarundi bazokwitoza mu bindi bibanza

Muri iyo nama, hazoba kandi amatora y’abarongoye ibisata bitandukanye vyo mu biro nshingwabikorwa mu muryango w’ubumwe bwa Afrika. Igihugu c’Uburundi cararungitse amazina y’abantu batatu bazohiganwa n’abandi muri ayo matora. Abo nabo ni Ambassadeur Epiphanie NTAMWANA KABUSHEMEYE mu kibanza c’umurwi ujejwe amahoro n’umutekano, Docteur Sabina NTAKARUTIMANA mu murwi ujejwe ivy’imibano hamwe na Saidi KIBEYA mu murwi ujejwe gutunganya ivy’abakozi hamwe n’ivy’ubuhinga n’ubushakashatsi mu muryango w’ubumwe bwa Afrika.

Muri iyo nama igira iya 28 y’abakuru b’ibihugu vyo mu muryango w’ubumwe bwa Afrika, umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA yaserukiwe na Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, akaba yafashe kuri uwu wa gatanu urugendo rumushikana aho i Addis Abeba muri Ethiopia, ahazobera iyo nama.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.